Hoseya
2 Nimubwire benewanyu muti: “Muri abantu banje*+!”,
na bashiki banyu muti: “Ewe mugore wagiriwe imbabazi*+”
Nahebe ubumaraya* bwiwe,
akure n’ukurenga ibigo hagati y’amabere yiwe,
3 ahandiho nzomwambura impuzu zose asigare ari gusa.
Nzomuhindura nk’ubugaragwa,
ndamugire nk’igihugu kitagira amazi
nongere ntume yicwa n’inyota.
5 Nkako, nyina wabo yabaye imaraya+.
Uwabibungenze yakoze ibiteye isoni+, kuko yavuze ati:
“Nzokurikira abahabara banje+,
barya banyihera umukate n’amazi,
impuzu z’ubwoya n’iz’ilino*, amavuta n’ibinyobwa.”
6 Ku bw’ivyo, inzira yiwe nzoyizibira n’uruzitiro rw’amahwa.
Emwe nzokwubaka uruhome rw’amabuye rumutangira
kugira ntasubire kubona inzira yiwe.
Azoheza avuge ati: “Reka nsubire ku mugabo wanje wa mbere+,
kuko igihe nari kumwe na we ari ho nari merewe neza kuruta ubu+.”
8 Ntiyamenye ko ari je namuha intete+, umuvinyu mushasha n’amavuta,
ko ari jewe namuha ifeza ku bwinshi
hamwe n’inzahabu, ivyo yakoresha mu gusenga Bayali+.
9 “Ku bw’ivyo, nzogaruka nkureho intete zanje mu gihe c’iyimbura,
nkureho n’umuvinyu wanje mushasha mu kiringo cawo+.
Nzomushikura impuzu zanje z’ubwoya n’iz’ilino yari kwambara.
10 Ubu rero ngira ndamwambure zose imbere y’abahabara biwe,
kandi nta n’umwe azomurokora mu maboko yanje+.
11 Nzokuraho umunezero wiwe wose,
imisi mikuru yiwe+, imisi mikuru y’imboneko z’ukwezi, amasabato n’ibiringo vyiwe vyose vy’umunezero.
12 Nzohonya imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora yiratira ngo:
‘Iyi ni impembo abahabara banje bampaye.’
Nzobihindura ishamba,
kandi ibikoko vyo mw’ishamba bizobirotsa.
13 Nzogira ico ndamubaza ku misi yamaze ashikanira ibimazi ibishusho vya Bayali+,
igihe yahora yambara impeta n’ibisharizo akiruka inyuma y’abahabara biwe,
nanje akanyibagira+”, ni ko Yehova avuze.
15 Kuva ico gihe nzomusubiza imizabibu yiwe+,
kandi ikiyaya* ca Akori+ kizomubera irembo rimushikana ku cizigiro.
Ari ng’aho, azonyishura nk’igihe yari akiri muto,
nk’igihe yava mu gihugu ca Misiri+.
16 Kuri uwo musi”, ni ko Yehova avuze,
“uzonyita ngo ‘umugabo wanje’, ntuzosubira kunyita ngo ‘databuja*.’”
17 “Nzokura mu kanwa kiwe amazina y’ibishusho vya Bayali+,
kandi nta wuzosubira kwibuka amazina yavyo+.
18 Kuri uwo musi, nzogiranira isezerano n’ibikoko vyo mw’ishamba ku neza y’abantu banje+,
nongere ndarigiranire n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko bikwega inda hasi+.
Nzokuraho umuheto, inkota n’intambara mu gihugu+,
19 Nzokuresha ube uwanje ibihe vyose.
Nzokuresha mu bugororotsi no mu butungane,
21 “Kuri uwo musi, nzokwishura ico nsabwe”, ni ko Yehova avuze,
“nzokwishura ijuru ico rinsavye,
ijuru na ryo ryishure ico isi irisavye+.
22 Isi izotanga intete, umuvinyu mushasha n’amavuta,
na bo bambwire bati: ‘Uri Imana yacu+.’”»