Zakariya
7 Mu mwaka ugira kane umwami Dariyo aganza, Yehova avugana na Zakariya+ ku musi ugira kane w’ukwezi kugira icenda kwitwa Kisilevu*. 2 Abantu b’i Beteli barungika Shareseri na Regemu-Meleki n’abantu biwe kugira batakambire Yehova, 3 babwire abaherezi bo mu nzu* ya Yehova Nyeningabo n’abahanuzi bati: «Mbega tuzorire mu kwezi kugira gatanu+, twiyime n’ibifungurwa, nk’uko tumaze imyaka myinshi tubigira*?»
4 Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati: 5 «Bwira abanyagihugu bose n’abaherezi uti: “Hamwe mwahora mwisonzesha mwongera muboroga mu kwezi kugira gatanu no mu kugira indwi+, mukabigira mu myaka 70+, mbega vy’ukuri mwisonzesha kugira munezereze? 6 Hamwe mwahora murya mwongera munywa, mbega ntimwabigira kugira gusa mwinezereze? 7 Mbega ntimwari mukwiye kugamburuka ivyo Yehova yavuze biciye ku bahanuzi ba kera+? Ico gihe abantu bari bakiri i Yeruzalemu no mu bisagara bihakikuje kandi hari amahoro. Ico gihe kandi abantu bari bakiba i Negebu no mu karere ka Shefela.”»
8 Yehova yongera kubwira Zakariya ati: 9 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Nimuce imanza mukoresheje ubutungane nyakuri+ kandi mugiriranire ubuntu*+ n’imbabazi. 10 Ntimuzurume* umupfakazi canke impfuvyi*+, umunyamahanga+ canke umukene+, kandi ntimutegure mu mitima yanyu imigambi yo kugiriranira nabi+.” 11 Mugabo bagumye banka kwumviriza+, bantera ibitugu n’akagagazo+, bariziba amatwi ngo ntibumve+. 12 Bakomantaje umutima wabo nka diyama*+, banka kugamburuka amategeko* n’amajambo Yehova Nyeningabo yarungitse akoresheje impwemu yiwe, biciye ku bahanuzi ba kera+. Vyatumye Yehova Nyeningabo ashavura cane+.»
13 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Kurya nabahamagaye* ntibumvirize+, ni ko na bo bahamagaye sinumvirize+. 14 Narabasanzaje mu mahanga yose batamenye+ nkoresheje igihuhusi, igihugu gisigara ari umusaka bamaze kukivamwo. Nta n’umwe yagicamwo canke yakigarukamwo+. Ivyo vyabaye kubera igihugu ciza bari bakigize akajoreza.”»