Abacamanza
9 Mu nyuma Abimeleki+ mwene Yerubayali aja i Shekemu kuraba basaza ba nyina, maze bo n’umuryango wose wa sekuru* ababwira ati: 2 «Ndabasavye mubaze abatware* bose b’i Shekemu muti: “Mwoshima ko abahungu ba Yerubayali babaganza bose uko ari 70+ canke mwoshima ko umuntu umwe aba ari we abaganza? Kandi mwibuke ko dusangiye amaraso*.”»
3 Basaza ba nyina babwira rero abatware bose b’i Shekemu ivyo Abimeleki yavuze, na bo baca baremera kumukurikira*, bavuga bati: «Nakare ni mwenewacu.» 4 Baca baha Abimeleki ifeza 70 bakuye mu rusengero* rwa Bayali-Beriti+, na we ayaha abagabo batagira ico bakora kandi batisonera kugira bamukurikire. 5 Inyuma y’ivyo aja ku rugo rwa se i Ofura+ maze yica benewabo+, ba bahungu 70 ba Yerubayali, abicira kw’ibuye rimwe. Yotamu umuhererezi wa Yerubayali ni we wenyene yarokotse kuko yari yinyegeje.
6 Maze abatware bose b’i Shekemu n’abantu bose b’i Beti-Milo bakoranira hamwe, bimika Abimeleki, aba umwami+. Bamwimikiye hafi y’inkingi yari iruhande ya ca giti kinini c’i Shekemu.
7 Yotamu akimara kuvyumva, aca aja kw’isonga ry’umusozi Gerizimu+, ababwira n’ijwi rirenga ati: «Yemwe batware b’i Shekemu nimunyumvirize, Imana na yo izoheza ibumvirize.
8 Igihe kimwe, ibiti vyagiye kwimika* umwami wo kubiganza. Nuko bibwira igiti c’umwelayo* biti: “Nutuganze+.” 9 Mugabo ico giti cishura giti: “Mpebe amavuta yanje* bakoresha mu gutera iteka Imana n’abantu, nje kuzungazunga hejuru y’ibindi biti?” 10 Maze nya biti bibwira igiti c’umusukoni biti: “Ingo wewe utuganze.” 11 Mugabo cishura giti: “Mpebe ukuryoha kwanje n’ivyamwa vyanje vyiza, nje kuzungazunga hejuru y’ibindi biti?” 12 Hanyuma nya biti bibwira umuzabibu biti: “Ingo wewe utuganze.” 13 Umuzabibu na wo wishura uti: “Mpebe umuvinyu wanje mushasha unezereza Imana n’abantu, nje kuzungazunga hejuru y’ibiti?” 14 Amaherezo, ibindi biti vyose bibwira umubambangwe biti: “Ingo utuganze+.” 15 Umubambangwe uca ubibwira uti: “Nimba vy’ukuri mushaka kungira umwami wo kubaganza, nimuhungire mu gitutu canje. Atari ukwo na ho, umuriro nuve mu mubambangwe urigite amasederi y’i Libani.”
16 Ubu rero reka ndabibarize: ko mwimitse Abimeleki+, mwoba mwabikoze ata buryarya, mubona ko ari vyo bibereye? Mwoba mwakoreye iciza Yerubayali n’abo mu rugo rwiwe? Mwoba mwamukoreye ivyo akwiriye? 17 Dawe yarabarwaniye+, ashira ubuzima bwiwe mu kaga kugira abakize Abamidiyani+. 18 Ariko ubu mwahagurukiye urugo rwiwe. Mwiciye abahungu biwe 70 kw’ibuye rimwe+ maze mwimika Abimeleki umwana w’umusukukazi wiwe+, kugira abe ari we aganza ab’i Shekemu kubera gusa ari uw’iwanyu. 19 Nimba rero ivyo mukoreye Yerubayali n’abo mu rugo rwiwe mubikoze ata buryarya, mubona ko ari vyo bibereye, nimunezererwe Abimeleki, na we abanezererwe. 20 Atari ukwo na ho, umuriro nuve kuri Abimeleki uturire abatware b’i Shekemu n’abantu b’i Beti-Milo+, kandi umuriro uve ku batware b’i Shekemu n’abantu b’i Beti-Milo uturire Abimeleki+.»
21 Maze Yotamu+ ariruka ahungira i Beri, araheza abayo kubera yatinya mwenewabo Abimeleki.
22 Abimeleki aganza Isirayeli* imyaka itatu. 23 Maze Imana irareka haba urwanko* hagati ya Abimeleki n’abatware b’i Shekemu, baramuhemukira. 24 Kwari ukugira ngo Imana ihore ikibi cakorewe ba bahungu 70 ba Yerubayali. Yashaka ko amaraso yabo agaruka kuri mwenewabo Abimeleki kubera yabishe+, no ku batware b’i Shekemu kubera bamufashije kubica. 25 Nuko abatware b’i Shekemu bashira hejuru ku misozi abagabo bo kumugirira nabi, bakaza barasahura umuntu wese aciye ku nzira hafi yabo. Abimeleki arateba arabimenya.
26 Maze Gayali mwene Ebedi azanana na benewabo i Shekemu+, hanyuma abatware b’i Shekemu baramwizigira. 27 Nuko barasohoka, baja gusoroma inzabibu mu mirima yabo, baziganisha ibirenge. Baraheza binjira mu rusengero rw’imana yabo+, bararya baranywa maze batangura kuvuma Abimeleki. 28 Gayali mwene Ebedi avuga ati: «Abimeleki abaye nde, canke Shekemu* ngo tubakorere? Mbega si mwene Yerubayali+, Zebuli na we akaba icariho ciwe? Pfume mukorera abantu ba Hamori se wa Shekemu. Kuki twokorera Abimeleki? 29 Ese iyaba ari jewe ntwara aba bantu! Nokuyeho Abimeleki.» Aca abwira Abimeleki ati: «Gwiza ingabo zawe uheze uze turwane.»
30 Zebuli umukuru w’igisagara yumvise amajambo ya Gayali mwene Ebedi, aca arashavura cane. 31 Atuma rero intumwa kuri Abimeleki mu mpisho* ati: «Gayali mwene Ebedi na benewabo bari ng’aha i Shekemu, kandi bariko baragumura ababa mu gisagara ngo bakurwanye. 32 Uze guhengera mw’ijoro wewe n’abantu bawe, mwinyegeze inyuma y’igisagara. 33 Hanyuma mu gitondo izuba rigiseruka, muze muve aho muri mutere igisagara. Gayali n’abantu biwe nibasohoka kukurwanya, uzoce ukora uko ushoboye kwose umutsinde*.»
34 Nuko Abimeleki n’abantu biwe bose bahengera mw’ijoro maze bigabura mu migwi ine, binyegeza inyuma y’igisagara ca Shekemu ngo bagitere. 35 Gayali mwene Ebedi asohotse agahagarara kw’irembo ry’igisagara, Abimeleki n’abantu biwe baca baranyeguruka. 36 Gayali ngo ababone, aca abwira Zebuli ati: «Ehe bariya bantu bariko baramanuka bavuye hejuru mu misozi.» Mugabo Zebuli amwishura ati: «Wewe ubona ibitutu vy’imisozi ukagira ngo ni abantu?»
37 Haciye akanya, Gayali avuga ati: «Ehe abantu bariko bamanuka bazanana mu karere ko hagati, kandi umugwi umwe uzananye inzira yo ku giti kinini ca Meyonenimu.» 38 Zebuli aca amwishura ati: «Kwa kwiyemera kwawe kuri hehe none? Ntiwamye uvuga ngo “Abimeleki abaye nde ngo tumukorere+?” Aba si ba bantu wagaya? Genda rero ubarwanye.»
39 Nuko Gayali aja imbere abatware b’i Shekemu, arwana na Abimeleki. 40 Abimeleki amwirukako ku buryo Gayali ata agahunga. Abantu benshi baricwa gushika kw’irembo ry’igisagara.
41 Abimeleki abandanya kuba i Aruma, Zebuli+ na we yirukana Gayali na benewabo i Shekemu. 42 Ku musi ukurikira, abantu baja hanze y’igisagara maze Abimeleki arabimenya. 43 Aca afata abantu biwe abagabura mu migwi itatu hanyuma binyegeza inyuma y’igisagara. Abonye abantu bariko bava mu gisagara, aca arabatera arabica. 44 Abimeleki n’abari kumwe na we baca bihutira kuja kw’irembo ry’igisagara, ya migwi ibiri na yo itera abari inyuma y’igisagara bose, irabica. 45 Abimeleki arwana n’abo muri ico gisagara uwo musi wose gushika agifashe. Yica abaho bose, igisagara na co agisiturira hasi+, araheza akirundamwo umunyu.
46 Ba batware bose b’umunara w’i Shekemu bakimara kuvyumva, baca baja mu cumba co mu kuzimu* c’urusengero* rwa Eli-Beriti+. 47 Abimeleki akimenya yuko abatware b’umunara w’i Shekemu bose bakoraniye hamwe, 48 aca adugana n’abari kumwe na we ku musozi Zalumoni. Atora ishoka aca ishami ry’igiti, aryiremeka ku rutugu. Maze abwira abari kumwe na we ati: «Murabonye ivyo nkoze? Namwe rero nimunyarutse mugire nkanje!» 49 Abari kumwe na Abimeleki bose baca amashami, baramukurikira. Baca bashira ayo mashami kuri ca cumba co mu kuzimu, bagiha umuriro. Abari muri uwo munara w’i Shekemu bose barapfa. Bari nk’abagabo n’abagore 1.000.
50 Nuko Abimeleki aja i Tebezi, akambika hafi y’ico gisagara kugira agitere maze aragifata. 51 Abagabo n’abagore bose n’abatware b’ico gisagara bose baca bahungira mu munara ukomeye wari hagati muri co. Biyugaranirayo maze burira hejuru kuri wo*. 52 Abimeleki aja kuri nya munara arahatera. Aca yegera ku bwinjiriro bwawo kugira awuturire. 53 Maze umugore umwe akororera ingasiro* ku mutwe wa Abimeleki, amumena agahanga+. 54 Abimeleki aca ahamagara ningoga uwari amutwaje ibirwanisho, amubwira ati: «Sokora inkota yawe umpohoshe, kugira ntibaze bavuge ko umugore ari we yanyishe.» Nya muntu aca amucumita inkota, arapfa.
55 Abisirayeli babonye ko Abimeleki apfuye, bose baca barataha. 56 Imana iba yishuye Abimeleki ikibi yakoreye se mu kwica benewabo 70+. 57 Abagabo b’i Shekemu na bo nyene, Imana igarukana ku gatwe kabo ikibi cose bakoze. Wa muvumo wa Yotamu+ mwene Yerubayali+ urabafata.