Abacamanza
15 Haciye igihe, mu misi y’iyimbura ry’ingano, Samusoni aja kuramutsa umugore wiwe yitwaje umwagazi w’impene. Avuga ati: «Nshaka kuja kuraba umugore wanje mu cumba ciwe.» Mugabo se wa nya mugore ntiyamwemerera kwinjirayo. 2 Abwira Samusoni ati: «Nibwiye ko umwanka+, nca ndamuha umwe muri ba basore bakugendanira+. None mutoyi wiwe si we mwiza kumurusha? Ndagusavye abe ari we utwara.» 3 Samusoni aca avuga ati: «Ubu hoho Abafilisitiya ntibazontako umwikomo ninabagirira nabi.»
4 Nuko Samusoni aragenda, afata imbwebwe 300. Azibohanya imirizo zibirizibiri, hagati ya nya mirizo agenda arashiramwo ikimuri. 5 Aca adomeka nya bimuri, maze arekurira izo mbwebwe mu mirima y’ingano* y’Abafilisitiya. Aturira ivyariyo vyose: uri imiganda, uri ingano batarimbura, uri imirima y’imizabibu n’iy’imyelayo.
6 Maze Abafilisitiya babaza bati: «Ibi ni nde yabikoze?» Bababwira bati: «Ni Samusoni umukwe wa wa mugabo w’i Timuna. Yafashe umugore wa Samusoni amuha umwe muri ba basore bamugendanira+.» Abafilisitiya baca baragenda, baturira uwo mugore na se wiwe+. 7 Samusoni aca ababwira ati: «Ko mugize ukwo, nzoruhuka ari uko ndabihoye+.» 8 Nuko atangura kubica arabasasika*, inganda ziratikira. Maze aramanuka, aja kuba mw’isenga ry’urutare rwitwa Etamu.
9 Mu nyuma, Abafilisitiya baduga mu Buyuda bahashinga ikambi, batangura kunyuragira i Lehi+. 10 Maze abagabo bo mu muryango wa Yuda bababaza bati: «Kubera iki muje kudutera?» Babishura bati: «Tuzanywe no gufata* Samusoni kugira tumwishure ivyo yatugiriye.» 11 Abagabo 3.000 bo muryango wa Yuda baca bamanuka kuri rya senga ry’urutare rwitwa Etamu, babwira Samusoni bati: «Ntuzi ko Abafilisitiya ari bo batuganza+? Kubera iki wadukwegeye?» Na we abishura ati: «Nabagiriye nk’uko bangiriye.» 12 Mugabo bamubwira bati: «Tuje kugufata* kugira tugutange ku Bafilisitiya.» Samusoni aca ababwira ati: «Nimundahire yuko mwebwe ubwanyu mutaza kungirira nabi.» 13 Bamwishura bati: «Oya, turakuboha gusa tugutange ku Bafilisitiya, ariko ntitukwica.»
Nuko bamubohesha imigozi ibiri mishasha maze bamukura muri nya rutare. 14 Ashitse i Lehi, Abafilisitiya bakoma akaruru k’intsinzi bamubonye. Impwemu ya Yehova ica imuha inkomezi+, maze nya migozi bari bamubohesheje amaboko iba nk’inyuzi zibabuwe n’umuriro. Ivyo bari bamubohesheje bica bikorokera hasi+. 15 Aca abona umubangabanga utaruma w’indogobwa y’ingabo, atuma ukuboko arawutora, maze awicisha abagabo 1.000+. 16 Maze Samusoni avuga ati:
«Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa, narunze ikirundo kimwe, ibirundo bibiri!
Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa, nishe abagabo 1.000+.»
17 Ahejeje kuvuga ivyo, aca ata wa mubangabanga. Aho hantu aca ahita Ramati-Lehi*+. 18 Arahava aranyoterwa cane, aca atakambira Yehova ati: «Ni wewe wampaye iyi ntsinzi ikomeye. None ugira undeke nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’abantu batagenyerewe?» 19 Imana ica isatura ikinogo cari i Lehi, gica gitangura kuvamwo amazi+. Nuko Samusoni arayanywa maze agarura agatege, arahembuka. Ni co gituma aho hantu yahise Eni-Hakore*. Haracariho i Lehi gushika n’uyu musi.
20 Yamaze imyaka 20 ari umucamanza muri Isirayeli mu gihe c’Abafilisitiya+.