ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abacamanza: ibirimwo

      • Ibigirwamana vya Mika n’umuherezi wiwe (1-13)

Abacamanza 17:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 17:14, 15

Abacamanza 17:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kuzeza ndazihe.»

  • *

    Canke «mu cuma bashongesheje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:4; Lw 26:1; Gus 27:15

Abacamanza 17:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu cuma bashongesheje.»

Abacamanza 17:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yuzuza ukuboko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 28:6; Abc 8:27
  • +It 31:19
  • +Gh 3:10; Gus 12:11, 13; 2Ng 13:8, 9

Abacamanza 17:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yiyumvira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 8:4, 5
  • +Abc 21:25

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2005, rup. 27

Abacamanza 17:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Bishobora kuba bisobanura gusa ko yaba mu Buyuda.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mik 5:2
  • +Gh 3:45; Yos 14:3; 18:7

Abacamanza 17:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 17:1, 5

Abacamanza 17:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «data.»

Abacamanza 17:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yuzuza ukuboko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 3:10; Abc 17:5

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Abac. 17:1Yos 17:14, 15
Abac. 17:3Kv 20:4; Lw 26:1; Gus 27:15
Abac. 17:5Kv 28:6; Abc 8:27
Abac. 17:5It 31:19
Abac. 17:5Gh 3:10; Gus 12:11, 13; 2Ng 13:8, 9
Abac. 17:61Sm 8:4, 5
Abac. 17:6Abc 21:25
Abac. 17:7Mik 5:2
Abac. 17:7Gh 3:45; Yos 14:3; 18:7
Abac. 17:8Abc 17:1, 5
Abac. 17:12Gh 3:10; Abc 17:5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abacamanza 17:1-13

Abacamanza

17 Hari umugabo yitwa Mika yaba mu karere k’imisozi ka Efurayimu+. 2 Umusi umwe abwira nyina wiwe ati: «Za feza 1.100 wabura ukavuma uwazitwaye numva, ni je ndazifise. Ni je nari nazitwaye.» Nyina aca amubwira ati: «Yehova aguhezagire mwana.» 3 Nuko asubiza nyina izo feza 1.100. Mugabo nyina amubwira ati: «Izi feza ntegerezwa kuziha* Yehova. Nshaka ko uzikoresha mu guhingura igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*+. Ngira ndazigusubize.»

4 Aca azisubiza nyina wiwe, maze nyina akuramwo ifeza 200 aziha umucuzi w’ifeza. Uwo mucuzi akora igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*, maze babishira mu nzu ya Mika. 5 Uwo mugabo Mika yari afise inzu y’ibigirwamana. Nuko akora impuzu yitwa efodi+ n’ibigirwamana vy’umuryango*+, aca agena* umwe mu bahungu biwe ngo amubere umuherezi+. 6 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo abona* ko bigororotse+.

7 Hari umusore yaba i Betelehemu+ mu Buyuda, akaba yava mu muryango wa Yuda*. Yari Umulewi+ amaze igihe gito abayo. 8 Nuko uwo musore ava mu gisagara ca Betelehemu mu Buyuda, aja kurondera aho yoba. Aragenda ashika ku rugo rwa Mika, mu karere k’imisozi ka Efurayimu+. 9 Maze Mika amubwira ati: «Uva he?» Amwishura ati: «Ndi Umulewi w’i Betelehemu mu Buyuda. Ndiko ndondera aho noba.» 10 Mika amubwira rero ati: «Niwigumire aha iwanje, umbere umujanama* n’umuherezi. Nzoza ndaguha ifeza cumi ku mwaka, n’umwambaro w’impuzu n’ivyo ufungura.» Uwo Mulewi aca arinjira mu nzu. 11 Uwo Mulewi aremera kubana n’uwo mugabo, aba nk’umwe mu bahungu biwe. 12 Mika agena* uwo Mulewi ngo amubere umuherezi+, araheza yibera mu rugo rwa Mika. 13 Mika aca avuga ati: «Ubu ndazi ko Yehova azongirira neza, kuko mfise umuherezi w’Umulewi.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika