ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Abantu banka ko Yehova abatoza indero (1-13)

      • Azobatikiza ariko ntazobamara (14-19)

      • Yehova agira ico abaza abantu (20-31)

Yeremiya 5:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 22:29; Mik 7:2

Yeremiya 5:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 48:1

Yeremiya 5:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ntibabaye goyigoyi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 16:9
  • +2Ng 28:20-22; Yr 2:30
  • +Zk 7:11
  • +Zb 50:17; Yes 42:24, 25; Ezk 3:7; Zf 3:2

Yeremiya 5:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «baravunaguye ingogo.» Iyo ngogo igereranya ukuyobokera Imana.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mik 3:1

Yeremiya 5:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezr 9:6; Yes 59:12; Ezk 23:19

Yeremiya 5:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 23:6, 7; Yr 2:11; 12:16; Zf 1:4, 5

Yeremiya 5:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 22:11

Yeremiya 5:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:25; Yr 9:9; 44:22; Nah 1:2

Yeremiya 5:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:44; Yr 46:28

Yeremiya 5:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 48:8; Yr 3:20; Hs 5:7; 6:7

Yeremiya 5:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntabaho.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:15, 16; Yes 28:15
  • +Yr 23:17

Yeremiya 5:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga ijambo ry’Imana.

Yeremiya 5:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 1:9
  • +Yr 23:29

Yeremiya 5:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 1:15; 4:16; 25:9; Ezk 7:24; Hab 1:6
  • +Gus 28:49, 50

Yeremiya 5:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:16

Yeremiya 5:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:27

Yeremiya 5:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 4:27; 28:48; 29:24, 25; 2Ng 7:21, 22

Yeremiya 5:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:22
  • +Yes 59:10
  • +Yes 6:9; Ezk 12:2; Mt 13:13

Yeremiya 5:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 38:8, 11; Zb 33:7; Img 8:29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/9/2004, rup. 8

Yeremiya 5:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 95:10; Yr 11:8

Yeremiya 5:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 11:14

Yeremiya 5:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:23, 24; Yr 3:3

Yeremiya 5:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Am 8:5; Mik 6:11, 12

Yeremiya 5:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:23
  • +Zb 82:2

Yeremiya 5:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 14:14; Int 2:14; Ezk 13:6
  • +Yes 30:10; Yoh 3:19

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 5:1Ezk 22:29; Mik 7:2
Yer. 5:2Yes 48:1
Yer. 5:32Ng 16:9
Yer. 5:32Ng 28:20-22; Yr 2:30
Yer. 5:3Zk 7:11
Yer. 5:3Zb 50:17; Yes 42:24, 25; Ezk 3:7; Zf 3:2
Yer. 5:5Mik 3:1
Yer. 5:6Ezr 9:6; Yes 59:12; Ezk 23:19
Yer. 5:7Yos 23:6, 7; Yr 2:11; 12:16; Zf 1:4, 5
Yer. 5:8Ezk 22:11
Yer. 5:9Lw 26:25; Yr 9:9; 44:22; Nah 1:2
Yer. 5:10Lw 26:44; Yr 46:28
Yer. 5:11Yes 48:8; Yr 3:20; Hs 5:7; 6:7
Yer. 5:122Ng 36:15, 16; Yes 28:15
Yer. 5:12Yr 23:17
Yer. 5:14Yr 1:9
Yer. 5:14Yr 23:29
Yer. 5:15Yr 1:15; 4:16; 25:9; Ezk 7:24; Hab 1:6
Yer. 5:15Gus 28:49, 50
Yer. 5:17Lw 26:16
Yer. 5:18Yr 4:27
Yer. 5:19Gus 4:27; 28:48; 29:24, 25; 2Ng 7:21, 22
Yer. 5:21Yr 4:22
Yer. 5:21Yes 59:10
Yer. 5:21Yes 6:9; Ezk 12:2; Mt 13:13
Yer. 5:22Yb 38:8, 11; Zb 33:7; Img 8:29
Yer. 5:23Zb 95:10; Yr 11:8
Yer. 5:24Gus 11:14
Yer. 5:25Gus 28:23, 24; Yr 3:3
Yer. 5:27Am 8:5; Mik 6:11, 12
Yer. 5:28Yes 1:23
Yer. 5:28Zb 82:2
Yer. 5:31Yr 14:14; Int 2:14; Ezk 13:6
Yer. 5:31Yes 30:10; Yoh 3:19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 5:1-31

Yeremiya

5 Nimunyuragire mu mabarabara y’i Yeruzalemu,

murabe hirya no hino, mwitegereze.

Nimurondere mu bibanza rusangi vyaho,

murabe yuko hari umuntu mwobona akurikiza ubutungane+,

umuntu yihatira kuba umwizigirwa,

nanje nzoca ndabaharira.

 2 N’igihe bavuze ngo: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima!»,

baba bariko barahira ibinyoma+.

 3 Ewe Yehova, mbega amaso yawe ntarondera ubwizigirwa+?

Warabakubise mugabo nta co vyababwiye*.

Warabatikije mugabo ntibemeye gutozwa indero+.

Mu maso habo bahakomantaje kurusha urutare+,

banka guhindukira+.

 4 Mugabo nibwiye nti: «Vy’ukuri bategerezwa kuba ari banyarucari.

Bakora ivy’ubupfu kuko batazi inzira ya Yehova,

batazi ubutungane bw’Imana yabo.

 5 Ngira nje rero ku bahambaye, mvugane na bo,

kuko bobo bategerezwa kuba baritayeho kumenya inzira ya Yehova,

bakamenya ubutungane bw’Imana yabo+.

Ariko nasanze bose baravunaguye igiti co kwikoreza imizigo*,

bavutagura imigozi.»

 6 Ni co gituma baterwa n’intambwe ivuye mu kibira,

ibingira yo mu biyaya vy’ubugaragwa ikaguma yiha inkumbi muri bo,

ingwe na yo ikaguma irikanuye hafi y’ibisagara vyabo.

Uwusohotse wese aca atabagurwa.

Bibashikira kubera ibicumuro vyabo ari vyinshi,

n’ubuhemu bwabo bukaba bwaragwiriye+.

 7 Noshobora gute kukubabarira ico kintu?

Abahungu bawe barantaye,

kandi barahira ibitari Imana+.

Narabahaye ivyo bakeneye,

mugabo bagumye barenga ibigo,

bakaja ku nzu y’umumaraya ari umugwi.

 8 Bameze nk’amafarasi yuzuye inambu ashaka kwimya.

Umwe wese yabira nk’ifarasi, yipfuza umugore wa mugenziwe+.

 9 «Mbega sinkwiye kugira ico ndababaza kubera ivyo bintu?», ni ko Yehova avuze.

«Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo+?»

10 «Nimuduge mu mikobeko yiwe y’imizabibu muyihonye,

mugabo ntimuyimare yose+.

Nimukureho imivyaro yiwe ikinaga,

kuko atari iya Yehova.

11 Kuko ihanga rya Isirayeli n’Ubuyuda

bampemukiye rwose», ni ko Yehova avuze+.

12 «Barihakanye Yehova, kandi baguma bavuga ngo:

“Nta co azokora*+.

Nta vyago bizodushikira,

kandi nta nkota canke inzara tuzobona+.”

13 Ivyo abahanuzi bavuga ni umuyaga gusa,

nta jambo* riri muri bo.

Barakamera nk’uwo muyaga.»

14 Yehova Imana Nyeningabo avuze rero ati:

«Kubera ko abo bantu bavuga ivyo,

ngira ntume amajambo yanje aba umuriro mu kanwa kawe+,

aba bantu na bo babe inkwi,

maze uwo muriro ubarigate+.»

15 Yehova avuze ati: «Ehe ngira ndabazaneko ihanga ndarikuye kure, yemwe Bisirayeli+.

Ni ihanga rimaze igihe kirekire.

Ni ihanga rya kera,

ihanga rivuga ururimi utazi,

kandi rivuga ibintu udashobora gutahura+.

16 Agasaho kabo k’imyampi kameze nk’imva irangaye.

Bose barazi kurwana.

17 Bazorya umwimbu wawe n’umukate wawe+.

Bazokwica abahungu bawe n’abakobwa bawe.

Bazorya ibitungwa vyawe bitobito na bininibinini.

Bazorya imizabibu yawe n’imisukoni yawe.

Ibisagara vyawe wizigiye bikingijwe ibihome, bazobisambuza ibirwanisho vyabo.»

18 Yehova avuze ati: «Mugabo no muri ico gihe sinzobatikiza ngo ndabamare+. 19 Kandi nibabaza bati: “Kubera iki Yehova Imana yacu yadukoreye ivyo bintu vyose?” Uze ubishure uti: “Kubera ko mwampevye, mugakorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, rero muzokorera abanyamahanga mu gihugu kitari icanyu+.”»

20 Nimumenyeshe ibi abakomoka kuri Yakobo,

mubitangaze no mu Buyuda muti:

21 «Nimwumve ibi, yemwe bantu b’ibipfu mutagira ubwenge*+,

mufise amaso mugabo ntimubone+,

mufise amatwi mugabo ntimwumve+.

22 Yehova avuze ati: “Mbega ntimuntinya?

Mbega ntimwari mukwiye kujugumira imbere yanje?

Ni jewe nashizeho umusenyi ngo ubere ikiyaga urubibe,

nshinga itegeko ntabanduka kidashobora kurenga.

Naho imipfunda yaco isuriranya, ntishobora kunesha.

Naho iroha, na ho nyene ntishobora kurengana+.

23 Mugabo aba bantu bafise umutima w’intagondwa kandi ugarariza.

Barakebeje bafata inzira yabo bwite+.

24 Kandi ntibibwira mu mutima ngo:

‘Ubu rero nimuze dutinye Yehova Imana yacu,

Umwe atanga imvura mu gihe cayo,

yaba imvura y’agatasi canke y’impeshi,

Umwe atuma dushobora kuronka amayinga y’iyimbura+.’

25 Amakosa yanyu ni yo yatumye mutaronka ivyo bintu.

Ibicumuro vyanyu ni vyo vyababujije kwironkera ivyiza+.

26 Kuko mu bantu banje harimwo ababisha.

Baguma bareretse nka kurya abatega inyoni babunda.

Batega umutego wica,

bagacakira abantu.

27 Inzu zabo zuzuye ububeshi+

nka kurya kw’akazu kuzuye inyoni.

Ni co gituma basigaye ari abantu bakomeye kandi batunze.

28 Basigaye badoshe, bafise akabiri karemvye.

Ikibi cabo caruzuye kirarenga.

Ntibaburanira impfuvyi+.

Bironderera inyungu zabo bwite,

kandi ntibatunganiriza aboro+.”»

29 «Mbega sinkwiye kugira ico ndababaza kubera ivyo bintu?», ni ko Yehova avuze.

«Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo?

30 Hari ikintu c’akumiza kandi giteye ubwoba cabaye mu gihugu:

31 abahanuzi bavuga ubuhanuzi bw’ibinyoma+,

abaherezi bagakoresha ubukuru bwabo mu gukandamiza abandi.

Kandi abantu banje barabikunda+.

None muzobigenza gute iherezo niryaza?»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika