Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kuri Gititi*. Ni zaburi ya Dawidi.
8 Ewe Yehova Mukama wacu, izina ryawe rirahambaye kw’isi yose!
2 Washize inkomezi mu kanwa k’abana n’abonka+
kubera abakurwanya,
kugira unumye umwansi n’uwurondera kwihora.
3 Iyo nitegereje ijuru, igikorwa c’intoke zawe,
nkitegereza ukwezi n’inyenyeri waremye+,
4 nca nibwira nti: «Umuntu buntu ni iki ku buryo umwibuka?
Umwana w’umuntu ni iki ku buryo umwitwararika+?»
7 Ibitungwa vyose bitobito na bininibinini,
n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba+,
8 inyoni zo mu kirere n’ifi zo mu kiyaga,
hamwe n’ibindi vyose binyuragirana mu biyaga.
9 Ewe Yehova Mukama wacu, izina ryawe rirahambaye kw’isi yose!