Zaburi
Ni indirimbo* ya Etani+ mwene Zera.
89 Nzoririmba urukundo* rwa Yehova ibihe vyose.
Nzomenyesha ukudahemuka kwawe uko urunganwe* ruzokurikira urundi.
2 Kuko navuze nti: «Urukundo rwawe ruzokwamaho* ibihe vyose+,
kandi warashimangiye ukudahemuka kwawe mw’ijuru.»
4 “Nzoshigikira uruvyaro* rwawe+ ibihe vyose,
kandi nzokomeza intebe yawe y’ubwami uko urunganwe ruzokurikira urundi+.”» (Sela*)
5 Ewe Yehova, ijuru riraninahaza ibitangaza vyawe,
emwe riraninahaza ukudahemuka kwawe mw’ishengero ry’aberanda.
6 None ni nde mw’ijuru yogereranywa na Yehova+?
Ni nde asa na Yehova mu bamarayika*+?
7 Imana irubahwa cane mw’ishengero ry’aberanda+.
Irahambaye kandi irateye ubwoba mu bayikikuje bose+.
Uri intahemuka muri vyose+.
10 Warajanjaguye Rahabu*+ uramwica+.
Warashwiragije abansi bawe n’ukuboko kwawe gukomeye+.
12 Uburaruko n’ubumanuko ni we wabiremye.
Umusozi Tabora+ na Herumoni+ birashemeza izina ryawe binezerewe.
13 Ukuboko kwawe kuri n’ububasha+.
Ukuboko kwawe kurakomeye+.
Ukuboko kwawe kw’ukuryo gushizwe hejuru+.
15 Ewe Yehova, hahiriwe abantu bagushemeza banezerewe+.
Baguma bagendera mu muco wo mu maso hawe.
16 Barahimbarwa n’izina ryawe bukarinda bwira,
kandi ubugororotsi bwawe butuma bashirwa hejuru.
19 Ico gihe wabwiye intahemuka zawe mw’iyerekwa uti:
24 Nzomwereka ubwizigirwa bwanje n’urukundo* rwanje+,
kandi inkomezi ziwe zizokwongerekana kubera izina ryanje.
30 Abana biwe nibaheba itegeko ryanje
kandi ntibakurikize ingingo nashinze,
31 nibahonyanga ivyagezwe vyanje
kandi ntibakurikize amabwirizwa yanje,
32 nzobahanisha inkoni+ kubera ubugaba* bwabo,
ndabakubite kubera ikosa ryabo.
39 Warasuzuguye isezerano wagiraniye n’umusavyi wawe,
uhumanya urugori rwiwe mu kuruterera hasi.
43 Vyongeye, warasubije inyuma inkota yiwe,
utuma atsindwa mu rugamba.
44 Watumye atakaza icubahiro ciwe,
utembagaza intebe yiwe y’ubwami.
45 Waragabanije imisi y’ubuto bwiwe,
utuma yuzura ibimaramare. (Sela)
46 Ewe Yehova, uzoguma winyegeje kugeza ryari? Ibihe vyose+?
Mbega ishavu ryawe rizoguma rirurumba nk’umuriro?
47 Niwibuke ko ubuzima bwanje ari bugufi+.
None waremeye ubusa abantu bose?
48 Ni nde muntu yoshobora kuguma abaho ntiyigere apfa+?
Mbega yoshobora kwikura mu vyara vy’ukuzimu? (Sela)
49 Ewe Yehova, vya bikorwa vyawe vy’urukundo* biri hehe,
bimwe warahira ko uzokorera Dawidi mu bwizigirwa bwawe+?