Zefaniya
3 Haragowe igisagara kigarariza, canduye kandi gicinyiza ababa muri co+!
2 Caranse kwumvira impanuro+, caranse gukosorwa+.
Caranse kwizigira Yehova+, caranse kwiyegereza Imana yaco+.
3 Abaganwa baco ni intambwe ziroha hagati muri co+.
Abacamanza baco ni amabingira ahiga ijoro,
ntasigaza n’igufa ryo guhekenya mu gitondo.
4 Abahanuzi baco ntibisonera, ni ibihemu+.
5 Yehova ni umugororotsi hagati muri co+; nta kibi na kimwe akora.
Buri gitondo aguma amenyekanisha imanza ziwe+,
ntizigera zibura nka kurya kw’umuco w’umurango.
Ariko uwukora ibitagororotse ntiyigera amaramara+.
6 «Naratikije amahanga, iminara yaho yarasambaguritse.
Narasibanganije amabarabara yaho, ku buryo ata wusubira kuhaca.
Ibisagara vyaho bisigaye ari umusaka, nta muntu akihaboneka, nta wukihaba+.
7 Nari nakibwiye nti: “Ntuzobura kuntinya, ukemera gukosorwa*+”,
kugira ngo sindakizimanganye+,
kandi sindagihanire ibicumuro vyaco vyose.
Ariko carushirije kwipfuza gukora ibibi+.
8 “Nimugume mundindiriye+ rero, ni ko Yehova avuze,
gushika umusi nzohaguruka kugira ndabanyage*,
kuko nafashe ingingo yo kwegeranya amahanga no gukoranya ubwami,
kugira ndabisukeko uburake bwanje, ishavu ryanje rirurumba ryose+,
9 Ico gihe nzohindura ururimi rw’abantu* rube ururimi rutyoroye,
kugira ngo bose bambaze izina ryanje, ari ryo Yehova,
10 Abansenga, ari bo bantu banje basabagiye,
bazonzanira ingabire bavuye mu karere k’inzuzi za Etiyopiya+.
11 Kuri uwo musi ntuzomaramara
kubera ibintu vyose wakoze mu kungarariza+,
kuko ico gihe nzoba nakuye muri wewe abanyabwibone bihayagiza,
kandi ntuzosubira kugira ubwibone ku musozi wanje mweranda+.
12 Nzosigaza muri wewe abantu bicisha bugufi kandi bitonda+,
kandi bazohungira mw’izina ryanje, ari ryo Yehova.
13 Abisirayeli basigaye+ ntibazokora ibitagororotse+,
ntibazobesha canke ngo bakoreshe ururimi rwabo mu guhendana.
Bazorya bongere biryamire, kandi nta n’umwe azobatera ubwoba+.»
14 Niwihe akaruru k’umunezero, wa mukobwa wa Siyoni!
Vuza akaruru k’intsinzi, ewe Isirayeli+!
Nezerwa, wigine n’umutima wawe wose, wa mukobwa wa Yeruzalemu+!
15 Yehova yakuyeho urubanza yari yaguciriye+.
Yasubije inyuma umwansi wawe+.
Yehova, umwami wa Isirayeli, ari hagati yawe+.
Nta vyago bizosubira kugutera ubwoba+.
16 Kuri uwo musi, Yeruzalemu izobwirwa iti:
«Ntutinye, Siyoni we+!
Ntucike inkokora*.
17 Jewe Yehova Imana yawe ndi hagati yawe+.
Nzogukiza, kuko ndi Umunyenkomezi.
Nzohimbarwa cane kubera wewe+.
Nzokwumva ntekanye kubera urukundo ndagufitiye.
Nzonezerwa kubera wewe, nihe akaruru k’umunezero.
18 Nzokwegeranya abababazwa n’uko batakiza ku misi mikuru yawe+.
Ntivyakunze ko baza kubera bariko barateterezwa+.
19 Ico gihe nzorwanya abo bose bagucinyiza+;
nzorokora abacumbagira+
kandi nzokwegeranya abashwiragiye+.
Nzotuma bashimagizwa bongere bavugwe neza
mu gihugu cose bamaramariyemwo.
20 Ico gihe nzogarukana abantu bawe,
ico gihe nzobakoraniriza hamwe.