Yobu
23 Yobu yishura ati:
3 Iyaba gusa nari nzi aho Imana iri+!
Nogiye nkayisanga aho iba+.
4 Noyishikirije urubanza rwanje,
nkuzuza akanwa kanje ivyiyumviro nireguza.
5 Noheza nkumva ico inyishura,
ngatega ugutwi ico imbwira.
6 Ugira yondwanya ikoresheje ububasha bwayo bukomeye?
Oya nawe! Ahubwo riho yonyumviriza+.
7 Umugororotsi yoshobora kwisigura imbere yayo,
kandi Umucamanza wanje yonyambika izera rimwe rizima.
8 Ariko nja mu buseruko sindayisangeyo,
nagaruka na ho nyene nkayibura.
9 Iyo iriko ikorera ibubamfu, ndayiraba nkayibura.
Iyo ihindukiye igakorera iburyo, na ho nyene sindayibona.
10 Ariko yoyo irazi inzira yanje+.
Niyaheza kungeza, nzosohoka meze nk’inzahabu itavanze+.
12 Sinigeze mva ku mabwirizwa yo mu kanwa kayo.
Narakurikije amajambo yayo+, mbere ndarenza ivyo insaba*.
13 Iyo ifashe ingingo, ni nde yoyibuza+?
Iyo ishatse gukora ikintu iragikora+.
15 Ni co gituma mpagaritse umutima kubera yo.
Iyo ndayiyumviriye, ubwoba buca bwongerekana.
16 Imana yatumye ntinya,
Mushoboravyose yaranteye ubwoba.
17 Ariko sinanumijwe n’umwijima,
canke umwiza w’umuzitanya umpfutse mu maso.