Indirimbo ya Salomo
Amatako yawe ameze nk’udusharizo
twakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene.
2 Umukondo wawe umeze nk’ibakure ifukuye.
Ese itokwigera iburamwo umuvinyu uvanze.
Inda yawe ni ikirundo c’ingano,
gikikujwe n’amashurwe y’amalisi.
4 Izosi ryawe+ rimeze nk’umunara w’amasenge*+.
Izuru ryawe rimeze nk’umunara w’i Libani,
uraba i Damasiko.
5 Umutwe wawe ni mwiza nk’umusozi Karumeli+,
kandi umushatsi+ wo ku mutwe wawe umeze nk’ubwoya busa n’umuyugubwe*+.
Umwami yaratwawe umutima* n’ibisuko vyawe birebire.
6 Ewe mukobwa nikundira, ese ukuntu uri mwiza!
Urateye igomwe kuruta ibintu vyose bihimbaye!
8 Navuze nti: “Ngira nurire ico kigazi,
mfate udushami turiko ivyamwa vyaco.”
Ese amabere yawe yomera nk’imisoko y’inzabibu,
impemu zawe zikamota nk’ivyamwa vy’amapome,
9 akanwa* kawe na ko kakamera nk’umuvinyu mwiza kuruta iyindi.»
«Ese woshunguruka neza mu muhogo w’umukunzi wanje,
nk’akavinyu gatemba bukebuke ku minwa y’abasinziriye.
12 Reka tuzinduke, twigire mu mirima y’imizabibu,
tuje kuraba ko imizabibu yanaze*,
ko amashurwe yasambuye+
be n’uko ibiti vy’amakomamanga vyashuritse+.
Aho ni ho nzokwerekera urukundo ndagufitiye+.
Ivyamwa bishasha be n’ivya kera,
vyose narabikubikiye, mukunzi wanje.