Indirimbo ya Salomo
4 «Uri mwiza rukundo rwanje!
Uri mwiza cane!
Amaso yawe asa n’ay’inuma mu gitambara witwikiriye.
Imishatsi yawe imeze nk’ubusho bw’impene
buriko buramanuka imisozi y’i Gileyadi+.
2 Amenyo yawe ameze nk’ubusho bw’intama bahejeje kumwa,
ziriko ziraduga zivuye aho bazogereza.
Zose zifise amahasa,
kandi nta n’imwe yabuze imyagazi yayo.
Amatama* yawe ameze nk’igihimba c’ikomamanga
mu gitambara cawe witwikiriye.
4 Izosi ryawe+ rimeze nk’umunara wa Dawidi+,
wubatswe n’amabuye atonze ku mirongo
amanitsweko inkinzo igihumbi,
inkinzo zose z’umuzingi z’abarwanyi b’intwari+.
5 Amabere yawe abiri ameze nk’imyagazi ibiri,
amahasa y’ingeregere+
ariko ararisha mu mashurwe y’amalisi.»
6 «Ngira nigire ku musozi w’imira*
no ku mutumba uriko imibavu+,
akayaga kataratangura guhuhuta* n’ibitutu ngo bihunge.»
Manuka uve kw’isonga ry’umusozi Amana*,
kw’isonga rya Seniri, isonga rya Herumoni+,
ahantu intambwe zirara, imisozi ingwe ziberamwo.
9 Ewe mushikanje, mugeni wanje, warantwaye umutima+.
Warantwaye umutima igihe nakubita ijisho amaso yawe,
nkabona n’agasharizo kamwe gusa k’umugufu wawe.
10 Ese ukuntu urukundo rwawe ruryoshe+, ewe mushikanje, mugeni wanje!
Urukundo rwawe ruraruta umuvinyu kure n’iyo+,
kandi akamoto k’amavuta yawe karuta ibintu vyose bimota neza+!
11 Mugeni wanje, iminwa yawe itonyanga ubuki bwo mu kimamara+.
Ubuki n’amata biri munsi y’ururimi rwawe+,
kandi akamoto k’impuzu zawe kameze nk’akamoto ka Libani.
12 Mushikanje, umugeni wanje, ameze nk’umurima uzitiye,
emwe umurima uzitiye n’iriba ry’amazi ryugaye.
13 Imivyaro* yawe ni iparadizo* y’amakomamanga,
irimwo ivyamwa vyizavyiza biri kumwe n’uduti tw’ihina n’utwitwa narada,
14 narada+ na habasereti, kanehe*+ na kanele*+,
ubwoko bwose bw’ibiti vy’imibavu, imira n’ingagari+,
hamwe n’ubwoko bwose bw’ibiterwa bimota neza cane+.
16 Ikangure wa muyaga wo mu buraruko!
Ingo wa muyaga wo mu bumanuko!
Nimuhuhutire* ku murima wanje.
Akamoto kawo nigakwiragire hose.»
«Umukunzi wanje naze mu murima wiwe,
yirire ivyamwa vyawo vyizavyiza.»