Nahumu
2 Ewe Ninewe, uwushwiragiza abantu araduze kugutera+.
Rinda ibihome bigukingiye.
Cungera amayira.
Kenyera zigume*, ushire hamwe inguvu zawe zose.
2 Kuko Yehova azosubiza Yakobo iteka ryiwe,
na Isirayeli akamusubiza iteka ryiwe,
kuko umwansi yabatikije+
akongera agahonya amashami yabo.
Ku musi yitegurira urugamba,
ivyuma vyo ku mikogote yiwe bica ibibatsi nk’umuriro,
amacumu* na yo bakazungagiza.
4 Imikogote yiruka mu mabarabara nk’iyasaze.
Iguma icanacanako mu bibanza rusangi.
Yakaka nk’ibimuri, ikanyaruka nk’imiravyo.
5 Azotumako* intwazangabo ziwe.
Zizogenda zitsitagurika.
Zizokwihutira kuja ku ruzitiro rw’igisagara,
zigerageze kuzibira igitero.
6 Amarembo y’inzuzi azokwugururwa,
ikirimba na co gisenyukire hasi.
Iki gisagara kibaye nk’umwamikazi bakuyeko agahuzu, baramutwaye.
Abashumbakazi biwe bacura intimba nk’inuma iguguza, bikubita ku gikiriza*.
Hari abasemerera bati: «Hagarara! Hagarara!»
Ariko nta n’umwe ahindukira ngo arabe inyuma+.
9 Nimusahure ifeza, musahure inzahabu!
Amatungo yaho ntagira uko angana.
Huzuye ibintu vy’agaciro vy’ubwoko bwose.
10 Igisagara kiragaragara, bagitikije baragihonya+.
Abantu barandutse umutima kubera ubwoba. Amavi aradegedwa, amafyinga na yo akajugumira.
Bose mu maso buzuye amaganya.
11 Mbega hamwe intambwe+ zitaha, ubu hari hehe? Hamwe imikangara yazo* irira, haroye he?
Hamwe intambwe isohoka iri kumwe n’icana cayo
ata n’umwe abitera ubwoba, hagiye he?
12 Intambwe yahora itabagurira ivyana vyayo ibikwiye,
ikanigira ingore zayo.
Yaguma yujuje ivyobo vyayo ivyo yacakiye,
aho itaha ikahuzuza ibikoko yatabaguye.