Zaburi
Ewe Yehova Mana yanje, urahambaye cane+.
Wisakaye icubahiro* n’ubwiza buhebuje+.
3 Ushinga inkingi z’ivyumba vyawe mu mazi yo hejuru*+.
Uhindura ibicu umukogote wawe+,
ukagendera ku mababa y’umuyaga+.
6 Wayipfukishije amazi menshi nk’impuzu+.
Amazi yari atwikiriye imisozi.
7 Warayakankamiye aca arahunga+.
Yarumvise umuturagaro wawe aca agira ubwoba arahunga.
8 Imisozi yaciye iduga+, ibiyaya na vyo biramanuka,
bija mu kibanza wabiteguriye.
11 Ibikoko vyose vyo mw’ishamba ni yo binywa,
indogobwa zo mw’ishamba ni ho zizimya akanyota.
12 Inyoni zubaka ivyari mu biti biri iruhande yayo,
zikaguma zijwiragira mu mashami yavyo azitanye.
13 Uvomera imisozi wibereye iyo hejuru*+,
isi igahazwa n’ibivuye mu bikorwa vyawe+.
14 Umeza ubwatsi bw’inka
n’ibiterwa abantu bikorako+
kugira isi ibaronse ibifungurwa,
15 n’umuvinyu unezereza umutima w’umuntu+,
amavuta atuma mu maso hayagayaga
16 Ibiti vya Yehova biravomerewe neza*,
amasederi y’i Libani ubwiwe yateye.
17 Aho ni ho inyoni zubaka ivyari.
Ni ho agasoza kibera+ mu biti vy’imiberoshi*.
18 Impene zo mu misozi+ zibera mu misozi miremire,
inkezi zo mu bitandara na zo zikibera mu bibuye vy’urutare+.
22 Iyo izuba riserutse,
bica bija mu myobo yavyo bikiryamira.
23 Abantu baca baja ku bikorwa,
bakirirwa barakora gushika ku mugoroba.
24 Ewe Yehova, ese ukuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi+!
Isi yuzuye ivyo waremye.
25 Raba nk’akarorero ikiyaga kinini kandi cagutse:
Cuzuyemwo ibinyabuzima bitagira igitigiri, bininibinini na bitobito+.
28 Ico ubihaye cose biratora+.
Upfumbaturura igipfunsi cawe ukabihaza ivyiza+.
29 Iyo uhishije mu maso hawe birajugumira.
Iyo utwaye impwemu yavyo birapfa, bigasubira mu mukungugu+.
31 Ubuninahazwa bwa Yehova buzokwamaho ibihe vyose,
kandi Yehova azonezererwa ibikorwa vyiwe+.
33 Nzoririmbira Yehova+ ubuzima bwanje bwose.
Nzoririmbira amashemezo* Imana yanje igihe cose nzoba nkiriho+.
34 Ese ivyiyumviro vyanje vyomuhimbara*!
Nzonezerwa kubera Yehova.
Reka nshemeze Yehova. Shemeza Yehova*!