Imigani
30 Ubutumwa buhambaye Aguri mwene Yake yabwiye Itiyeli na Ukali:
3 Sinigeze ndonka ubukerebutsi,
kandi nta bumenyi mfise bwa wa Mweranda cane.
4 Ni nde yaduze mw’ijuru hanyuma akavayo+?
Ni nde yegeranirije umuyaga mu biganza vyiwe?
Ni nde yatekeye amazi mu mpuzu yiwe+?
Ni nde yashinze aho isi igarukira hose+?
Yitwa nde, kandi umwana wiwe ni nde, nimba ubizi?
5 Amajambo y’Imana yose aratyoroye+.
Ni inkinzo kuri abo bose bayihungirako+.
7 Ndagusavye ibintu bibiri.
Ntubinyime imbere y’uko mpfa.
8 Niwigize kure yanje uburyarya n’ibinyoma+.
Ntumpe ubukene canke ubutunzi.
Reka nirire ivyo kurya binkwiye+,
9 kugira simpave mpaga maze nkakwihakana, nkavuga nti: «Yehova ni nde+?»
Ntureke kandi ngo mbe umukene, kugira simpave niba maze ngasiga iceyi izina ry’Imana yanje.
14 Hari abantu amenyo yabo ameze nk’inkota
n’imibangabanga yabo imeze nk’imbugita,
kugira barotse abantu batobato bave kw’isi
no kugira bazimanganye abakene mu bantu+.
15 Imisundo* ifise abakobwa babiri baguma basemerera ngo «Impa! Impa!»
Hari ibintu bitatu bitigera bihaga,
emwe ibintu bine bitigera bivuga ngo «Birakwiye!»:
17 Ijisho ry’umuntu asuzugura se kandi ntagamburukire nyina+,
ibikona vyo mu mwonga* bizorinogora
kandi ibiswi vy’inkona bizorirya+.
19 Inzira y’inkona mu kirere,
inzira y’inzoka ku gitandara,
inzira y’ubwato* mu kiyaga
n’inzira y’umugabo ari kumwe n’inkumi.
20 Ng’iyi inzira y’umugore arenga ibigo:
ararya, akihanagura umunwa
maze akavuga ati: «Nta kibi nakoze+.»
21 Hari ibintu bitatu bijugumiza isi,
emwe ibintu bine idashobora kwihanganira:
29 Hari ibintu bitatu bitambuka mu buryo butangaje,
emwe ibintu bine bitangaje iyo biriko biragenda:
30 intambwe, ni co gikoko gikomeye kuruta ibindi vyose
kandi nta muntu n’umwe agikanga+,
31 imbwa y’uruhigi, isuguru y’impene
n’umwami ari kumwe n’ingabo ziwe.