Samweli wa kabiri
8 Mu nyuma, Dawidi atsinda Abafilisitiya+ arabahasha+, abatwara akarere ka Metegi-Ama.
2 Atsinda n’Abanyamowabu+ maze abaryamika hasi ku murongo abapimisha umugozi. Yica abaryamye ahareha n’imigozi ibiri, ariko abasigaye baryamye ahareha n’umugozi umwe ntiyabica+. Dawidi atangura kuganza Abanyamowabu, bakaza baramuzanira ikori*+.
3 Dawidi atsinda na Hadadezeri mwene Rehobu, akaba n’umwami w’i Zoba+. Ico gihe Hadadezeri yari agiye kugaruza akarere gaherereye ku ruzi Efurate+. 4 Dawidi amutwara abarwanira ku mafarasi 1.700 n’abarwanira hasi 20.000. Amafarasi yose akwega imikogote ayavuna amaguru*, asigaza 100 gusa+.
5 Abasiriya b’i Damasiko+ baza gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, mugabo Dawidi yica abasoda b’Abasiriya 22.000+. 6 Dawidi aca ashira ibirindiro i Damasiko muri Siriya. Abasiriya batangura kuganzwa na we, bakaza baramuzanira ikori. Aho Dawidi yaja hose, Yehova yaramuha intsinzi*+. 7 Dawidi yaka abantu ba Hadadezeri inkinzo* z’inzahabu bari bafise, azijana i Yeruzalemu+. 8 Umwami Dawidi atwara n’ubutare bwinshi cane bw’umujumpu, abukuye mu gisagara ca Beta n’ica Berotayi vyegukira Hadadezeri.
9 Nuko Toyi umwami w’i Hamati+ yumva ko Dawidi yatsinze ingabo zose za Hadadezeri+. 10 Toyi aca arungika umuhungu wiwe Yoramu kuramutsa umwami Dawidi no kumukeza kubera yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yakunda kurwana na Toyi). Yoramu yaje azanye ibintu bikozwe mw’ifeza, mu nzahabu no mu mujumpu. 11 Umwami Dawidi avyegurira* Yehova, nk’uko yabigize kw’ifeza n’inzahabu yakuye mu mahanga yose yari amaze kunesha+, 12 ni ukuvuga Abasiriya, Abanyamowabu+, Abamoni, Abafilisitiya+ n’Abamaleki+. Ni ko yagize no ku vyo yasahuye Hadadezeri+ mwene Rehobu, wa mwami w’i Zoba. 13 Dawidi arushiriza kuba rurangiranwa aho aviriye kwica Abanyedomu 18.000 mu mubande w’Umunyu+. 14 Dawidi ashira ibirindiro mu karere kose ka Edomu maze Abanyedomu bose batangura kuganzwa na we+. Aho Dawidi yaja hose, Yehova yaramuha intsinzi*+.
15 Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+. Abo yatwara bose yabatwara neza*, akabatunganiriza+. 16 Yowabu+ mwene Zeruwiya yari umukuru w’ingabo, Yehoshafati+ mwene Ahiludi na we akaba umwanditsi w’ivyaja biraba. 17 Sadoki+ mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari bari abaherezi, Seraya na we akaba umunyamabanga. 18 Benaya+ mwene Yehoyada ni we yari arongoye Abakereti n’Abapeleti*+. Abahungu ba Dawidi na bo bari abakuru mu nzego*.