Abami ba mbere
5 Hiramu umwami w’i Tiro+ yumvise ko Salomo ari we yarobanujwe amavuta* ngo aganze mu kibanza ca se, aca arungika abasuku biwe kwa Salomo. Mu bisanzwe, Hiramu yamye ari umugenzi wa Dawidi*+. 2 Salomo na we arungikira Hiramu ubutumwa+ bugira buti: 3 «Urazi neza yuko dawe Dawidi atashoboye kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana yiwe. Vyatumwe n’uko yarwanye intambara nyinshi n’abansi bamutera irya n’ino, gushika Yehova amufashije kubatsinda*+. 4 Mugabo ubu Yehova Imana yanje yampaye amahoro* impande zose+. Nta n’umwe ariko arandwanya kandi nta vyago biduhanze+. 5 Mfise rero umugambi wo kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana yanje. Ni vyo Yehova yasezeraniye dawe Dawidi ati: “Umuhungu wawe nzoshira ku ntebe yawe y’ubwami ngo agusubirire, ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+.” 6 Ndagusavye rero utegeke abantu bawe bancire amasederi y’i Libani+. Abakozi banje bazokorana n’abawe. Kandi abakozi bawe nzobahemba ivyo uzonsaba kuko uzi neza yuko ata n’umwe muri twebwe azi guca ibiti nk’Abanyasidoni+.»
7 Hiramu yumvise ivyo Salomo yavuze, aranezerwa cane. Avuga ati: «Yehova ashemezwe uyu musi, kuko yahaye Dawidi umuhungu w’inkerebutsi ngo aganze aba bantu benshi+!» 8 Nuko Hiramu arungikira Salomo ubutumwa bugira buti: «Ubutumwa wandungikiye bwaranshikiriye. Nzokuronsa ibiti vyose wipfuza vy’amasederi n’ivy’imiberoshi*+. 9 Abakozi banje bazobimanukana ku kiyaga babikuye i Libani. Nzoca ndabifatanya nk’amasaso, ndabirungike bireremba ku kiyaga gushika ahantu uzoba wambwiye. Bihashitse nzoca ndabitanya, uheze ubitware. Nawe uzoza urandungikira ibifungurwa vy’abo mu rugo rwanje+.»
10 Hiramu atangura rero kuza araha Salomo ibiti vyose vy’amasederi n’ivy’imiberoshi yipfuza. 11 Salomo na we yaza araha Hiramu ingero 20.000 zitwa koro* z’ingano zo kugaburira abo mu rugo rwiwe be n’ingero 20 zitwa koro z’amavuta y’imyelayo* meza cane*. Ivyo ni vyo Salomo yaha Hiramu buri mwaka+. 12 Yehova na we aha Salomo ubukerebutsi nk’uko nyene yari yarabimusezeraniye+. Hagati ya Hiramu na Salomo hari amahoro kandi baragiranye amasezerano.
13 Umwami Salomo atuma muri Isirayeli yose kurondera abaza gukora ibikorwa vy’umwami+, haboneka abagabo 30.000. 14 Buri kwezi yarungika i Libani umugwi w’abantu 10.000. Baca bamarayo ukwezi kumwe, yandi abiri bakayamara mu ngo zabo. Adoniramu+ ni we yari ahagarikiye abahamagariwe gukora ibikorwa vy’umwami. 15 Salomo yari afise abakozi 70.000 basanzwe* n’abandi 80.000 bajejwe kuringaniza amabuye+ mu misozi+. 16 Yari afise n’ivyariho+ 3.300 bijejwe guhagarikira abakozi. 17 Abo bakozi barimba amabuye maninimanini azimvye+ nk’uko umwami yari yabibategetse, maze bakayabaza. Ayo mabuye+ yari ayo kwubakisha umushinge+ w’inzu y’Imana. 18 Abubatsi ba Salomo n’aba Hiramu be n’Abagebali+ barabaza amabuye, bakayatunganya, bagatunganya n’ibiti kugira bazovyubakishe iyo nzu.