Samweli wa mbere
29 Abafilisitiya+ bakoraniriza ingabo zabo zose i Afeki. Abisirayeli na bo bari bakambitse hafi y’iriba ry’i Yezireli+. 2 Abatware b’Abafilisitiya bagenda bari kumwe n’imigwi y’abasoda 100 canke 1.000. Dawidi n’abantu biwe bagendera inyuma yabo, bari kumwe na Akishi+. 3 Ariko abakuru b’Abafilisitiya bavuga bati: «Aba Baheburayo bazanywe n’iki?» Akishi aca abishura ati: «Uyu ni Dawidi umusuku wa Sawuli umwami wa Isirayeli. Tumaranye umwaka urenga+. Nta kosa nigeze ndamubonako kuva umusi yomoka akaza iwanje gushika n’ubu.» 4 Mugabo abakuru b’Abafilisitiya baramushavurira, bamubwira bati: «Uwo mugabo musubize inyuma+, asubire mu gisagara wamuhaye. Ntajane natwe mu rugamba kugira ntahave aduhindukirira+. Wibaza ko hamwe yoba agomba gusubira gushimwa n’umwami wiwe, atomushira imitwe y’abasoda bacu? 5 Mbega uyo si Dawidi wa wundi bahayagiza mu kuririmba batamba ngo:
“Sawuli yishe abansi ibihumbi,
Dawidi na we ibihumbi mirongo+”?»
6 Nuko Akishi+ ahamagara Dawidi amubwira ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima yuko uri umuntu w’intungane. Vyari bimpimbaye kubona ujanye n’ingabo zanje ku rugamba+ kuko ata kosa nigeze ndakubonako, kuva umusi waza iwanje gushika n’ubu+. Mugabo abandi batware ntibakwizigira+. 7 Niwisubirire inyuma amahoro kandi ntihagire ikintu na kimwe ukora cobabaza abatware b’Abafilisitiya.» 8 Ariko Dawidi abwira Akishi ati: «Nakoze iki? Hari ikosa urambonako kuva nza iwawe? Kubera iki none tutojana ga mwami wanje, ngo ndwanye abansi bawe?» 9 Akishi yishura Dawidi ati: «Jewe wambereye umuntu mwiza, nk’umumarayika w’Imana+. Mugabo abakuru b’Abafilisitiya bavuze ngo ntujane natwe ku rugamba. 10 Rero uze uvyuke kare mu gitondo n’abantu bawe* mwazananye, mugende bugica.»
11 Dawidi n’abantu biwe bazinduka kare mu gitondo, basubira mu gihugu c’Abafilisitiya. Abafilisitiya na bo baduga i Yezireli+.