ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Salomo atangura kwubaka urusengero (1-7)

      • Aheranda cane (8-14)

      • Za nkingi zibiri z’umujumpu (15-17)

2 Ngoma 3:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:1, 37
  • +It 22:2, 14
  • +2Sm 24:25; 1Ng 21:18
  • +2Sm 24:18; 1Ng 21:22

2 Ngoma 3:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe isanzwe yareha na santimetero 44,5. Mugabo hari abiyumvira ko iyo ngero ya kera yari intambwe ndende ireha na santimetero 51,8. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:2

2 Ngoma 3:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibaraza ry’imbere ryareha n’intambwe 20 z’ubwaguke bw’iyo nzu.»

  • *

    Imizingo imwimwe ya kera ivuga «120», iyindi mizingo na yo hamwe n’izindi Bibiliya bikavuga «intambwe 20.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:3

2 Ngoma 3:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:15, 22
  • +1Bm 6:29
  • +1Bm 6:21

2 Ngoma 3:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 29:2, 8
  • +1Ng 29:3, 4

2 Ngoma 3:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku bigiga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 26:29
  • +Kv 26:1; 1Bm 6:29

2 Ngoma 3:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

  • *

    Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 26:33; 1Bm 8:6; Heb 9:24
  • +1Bm 6:20

2 Ngoma 3:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

2 Ngoma 3:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ya nzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:23-28

2 Ngoma 3:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 8:6; 1Ng 28:18

2 Ngoma 3:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

  • *

    Canke «z’agahama.»

  • *

    Canke «ayishirako amashusho y’abakerubi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 27:51; Heb 10:19, 20
  • +Kv 26:31, 33

2 Ngoma 3:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:13
  • +1Bm 7:15-22; 2Bm 25:17; 2Ng 4:11-13; Yr 52:22, 23

2 Ngoma 3:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu bumanuko.»

  • *

    Canke «mu buraruko.»

  • *

    Iryo zina risobanura ngo «[Yehova] nashimangire.»

  • *

    Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «mu nkomezi.»

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 3:11Bm 6:1, 37
2 Ngo. 3:1It 22:2, 14
2 Ngo. 3:12Sm 24:25; 1Ng 21:18
2 Ngo. 3:12Sm 24:18; 1Ng 21:22
2 Ngo. 3:31Bm 6:2
2 Ngo. 3:41Bm 6:3
2 Ngo. 3:51Bm 6:15, 22
2 Ngo. 3:51Bm 6:29
2 Ngo. 3:51Bm 6:21
2 Ngo. 3:61Ng 29:2, 8
2 Ngo. 3:61Ng 29:3, 4
2 Ngo. 3:7Kv 26:29
2 Ngo. 3:7Kv 26:1; 1Bm 6:29
2 Ngo. 3:8Kv 26:33; 1Bm 8:6; Heb 9:24
2 Ngo. 3:81Bm 6:20
2 Ngo. 3:101Bm 6:23-28
2 Ngo. 3:111Bm 8:6; 1Ng 28:18
2 Ngo. 3:14Mt 27:51; Heb 10:19, 20
2 Ngo. 3:14Kv 26:31, 33
2 Ngo. 3:152Bm 25:13
2 Ngo. 3:151Bm 7:15-22; 2Bm 25:17; 2Ng 4:11-13; Yr 52:22, 23
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 3:1-17

Ngoma za kabiri

3 Maze Salomo atangura kwubaka inzu ya Yehova+ i Yeruzalemu ku musozi Moriya+, aho Yehova yari yarabonekeye se Dawidi+. Yayubatse mu kibanza Dawidi yari yarateguye ku mbuga yo mu murima* wa Orunani+ Umuyebusi. 2 Yatanguye kwubaka ku musi ugira kabiri, mu kwezi kugira kabiri, mu mwaka ugira kane aganza. 3 Umushinge Salomo yashinze kugira yubake inzu y’Imana y’ukuri wari ufise uburebure bw’intambwe 60 n’ubwaguke bw’intambwe 20+ hisunzwe ingero ya kera*. 4 Uburebure bw’ibaraza ry’imbere bwari intambwe 20, bukaba bwangana n’ubwaguke bw’iyo nzu*. Uburebure bwaryo bw’amahagarara bwari intambwe 20*. Imbere muri iryo baraza yahahometse inzahabu itavanze+. 5 Inyubakwa nkuru yayihometseko imbaho z’umuberoshi, hanyuma arenzako inzahabu+ nzizanziza, araheza ayishushanyako ibigazi+ n’iminyororo+. 6 Vyongeye, ahomeka kuri iyo nyubakwa amabuye meza y’agaciro+, kandi inzahabu+ yakoresheje yava i Paruvayimu. 7 Ahomeka inzahabu kuri iyo nyubakwa yose, ku gisenge*, ku bwinjiriro, ku mpome no ku miryango+, yongera asarura amashusho y’abakerubi ku mpome+.

8 Hanyuma akora icumba* citwa Aheranda cane+. Uburebure bwaco bwari intambwe 20, bukaba bwangana n’ubwaguke bw’iyo nyubakwa. Ubwaguke bwaco na bwo bwari intambwe 20. Araheza yomeka kuri ico cumba inzahabu nzizanziza+ zingana n’italanto* 600. 9 Inzahabu yakoreshejwe ku misumari yapima shekeli* 50. Ivyumba vyo hejuru na vyo nyene yavyometseko inzahabu.

10 Hanyuma akora abakerubi babiri muri ca cumba* citwa Aheranda cane, maze abomekako inzahabu+. 11 Uburebure bw’amababa y’abo bakerubi+ bwose hamwe bwari intambwe 20. Ibaba rimwe ry’umukerubi wa mbere ryareha n’intambwe zitanu, rigakora ku ruhome rw’iyo nzu. Irindi baba ryiwe ryareha n’intambwe zitanu, rigakora kw’ibaba ry’umukerubi wa kabiri. 12 Ibaba rimwe ry’umukerubi wa kabiri ryareha n’intambwe zitanu, rigakora ku rundi ruhome rw’iyo nzu. Irindi baba ryiwe ryareha n’intambwe zitanu, rigakora kw’ibaba ry’umukerubi wa mbere. 13 Amababa y’abo bakerubi yari ashanje ahareha n’intambwe 20. Bari bahagaze bagororotse, baraba Aheranda.

14 Akora n’irido+ mu nyuzi z’ubururu, mu bwoya busa n’umuyugubwe*, mu nyuzi zitukura* no mu gitambara ciza, ayidesako abakerubi*+.

15 Hanyuma akora inkingi zibiri+ imbere ya ya nyubakwa. Zari zifise uburebure bw’intambwe 35. Hejuru y’inkingi imwimwe yose hari ikintu kimeze nk’igikono c’intambwe zitanu+. 16 Akora n’utunyororo two gushariza tumeze nk’imigufu, adushira ku bikono vyari hejuru y’izo nkingi. Yongera akora amashusho 100 y’ivyamwa vyitwa amakomamanga, maze ayashira kuri utwo tunyororo. 17 Araheza ashinga izo nkingi imbere y’urusengero, imwe iburyo* iyindi ibubamfu*. Iy’iburyo ayita Yakini*, iy’ibubamfu na yo ayita Bowazi*.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika