Ngoma za mbere
11 Mu nyuma Abisirayeli bose bakoranira kuri Dawidi i Heburoni+, bamubwira bati: «Urazi ko dusangiye amaraso*+. 2 Aho hambere Sawuli akiri umwami, ni wewe wayobora Abisirayeli ku rugamba*+, kandi Yehova Imana yawe yakubwiye ati: “Ni wewe uzoragira abantu banje b’Abisirayeli, ube indongozi yabo*+.”» 3 Abashingantahe bose bo muri Isirayeli baza rero i Heburoni iyo umwami ari. Maze Dawidi agirana na bo isezerano imbere ya Yehova aho i Heburoni. Baca bamurobanuza amavuta*, aba umwami wa Isirayeli+ nk’uko Yehova yari yarabivuze biciye kuri Samweli+.
4 Mu nyuma Dawidi n’Abisirayeli bose baja i Yeruzalemu, ari ho Yebusi+. Abayebusi+ bo muri ico gihugu ni bo babayo. 5 Ababa i Yebusi bacokora Dawidi bati: «Ntuzopfa winjiye muri iki gisagara+!» Ariko Dawidi afata igisagara ca Siyoni+ gikingijwe ibihome, ubu kikaba citwa igisagara ca Dawidi+. 6 Dawidi yari yabwiye ingabo ziwe ati: «Uwo wese azotangura gutera Abayebusi, azoca aba umukuru n’umutware.» Maze Yowabu+ mwene Zeruwiya aba ari we atangura kubatera, aca aba umukuru. 7 Nuko Dawidi aja kuba muri ico gisagara gikingijwe ibihome. Ni co gituma bacise igisagara ca Dawidi. 8 Atangura kwubaka ico gisagara irya n’ino, ahereye ku gasozi Milo* gushika mu micungararo yaho, Yowabu na we asanura ibice vyaco vyari bisigaye. 9 Dawidi rero aguma arushiriza gukomera+, kandi Yehova Nyeningabo yari kumwe na we.
10 Aba rero ni bo bakuru b’abarwanyi b’intwari ba Dawidi bashigikiye rwose ubutegetsi bwiwe, bafadikanije n’Abisirayeli bose. Baragiye hamwe baramwimika nk’uko Yehova yari yarabivuze ku vyerekeye Isirayeli+. 11 Aba ni bo barwanyi batatu b’intwari ba Dawidi: uwa mbere yari Yashobeyamu+. Se yari mwene Hakimoni*. Yashobeyamu ni we yari umukuru w’abo batatu+. Igihe kimwe yishe abantu 300 akoresheje icumu ryiwe+. 12 Hakurikira Eleyazari+ mwene Dodo, Dodo mwene Ahohi+. Yari muri abo barwanyi batatu b’intwari. 13 Yari kumwe na Dawidi i Pasi-Damimu+, aho Abafilisitiya bari bakoraniye baje kurwana. Hariho umurima wuzuye sayiri*, kandi abasoda b’Abisirayeli bari bahunze kubera Abafilisitiya. 14 Mugabo we ahagarara hagati muri uwo murima arawurwanira, yica Abafilisitiya benshi. Yehova atahukana intsinzi* ikomeye+.
15 Umusi umwe abakuru batatu mu bakuru 30 ba Dawidi baja ku gitandara aho yari, kw’isenga ry’i Adulamu+. Ingabo z’Abafilisitiya zari zikambitse mu kiyaya ca Refayimu+. 16 Ico gihe Dawidi yari ahantu hatagira inkomanzi yakunda guhungira. I Betelehemu na ho hari ikirindiro c’Abafilisitiya. 17 Maze Dawidi avuga ikintu yipfuza cane ati: «Icompa utuzi two mw’itangi riri hafi y’irembo ry’i Betelehemu+!» 18 Ba bagabo batatu baca binjira ku nguvu mw’ikambi y’Abafilisitiya. Bavoma amazi muri iryo tangi ryari hafi y’irembo ry’i Betelehemu maze bayazanira Dawidi. Mugabo Dawidi yanka kuyanywa, ayasuka imbere ya Yehova. 19 Avuga ati: «Kubera ko ntinya Imana yanje, sinokwubahuka kunywa aya mazi! Kwoba ari nko kunywa amaraso y’aba bagabo bashize ubuzima bwabo mu kaga+, kuko bayazanye barinze gushira ubuzima bwabo mu kaga.» Yanka rero kuyanywa. Ivyo ni vyo abo barwanyi batatu b’intwari ba Dawidi bakoze.
20 Abishayi+ mwenewabo na Yowabu+ yari umukuru w’abandi barwanyi batatu b’intwari. Umusi umwe yishe abantu 300 akoresheje icumu ryiwe, kandi yari azwi cane nka ba barwanyi batatu bo mu mugwi wa mbere+. 21 Naho yemerwa cane mu mugwi wa batatu yatwara, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu ba mbere.
22 Benaya+ mwene Yehoyada na we nyene yari umugabo w’intwari*. Yarakoze ibikorwa vyinshi vy’ubuhizi i Kabuzeli+. Yishe abahungu babiri ba Ariyeli w’i Mowabu yongera amanuka mu kinogo* ku musi urubura* rwariko ruragwa, yicirayo intambwe+. 23 Yarishe n’umugabo w’Umunyamisiri afise igihagararo c’akataraboneka, yareha n’intambwe zitanu*+. Naho nya Munyamisiri yari afise icumu ryangana n’igiti abajisha impuzu bazingirako inyuzi+, Benaya yagiye kurwana na we yitwaje inkoni, aca amwaka nya cumu riba ari ryo amwicisha+. 24 Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze. Yari azwi cane nka ba barwanyi b’intwari batatu ba Dawidi. 25 Naho yemerwa cane kuruta bamwe mirongo itatu, ntiyashitse ku rwego rw’abo batatu+. Mugabo Dawidi yamugize umukuru w’abamucungerera ubuzima.
26 Abarwanyi b’intwari kuruta abandi mu ngabo bari aba: Asaheli+ mwenewabo na Yowabu, Elihanani mwene Dodo w’i Betelehemu+, 27 Shamoti w’i Harodi*, Helesi Umupeloni, 28 Ira+ mwene Ikeshi w’i Tekowa, Abiyezeri+ w’i Anatoti, 29 Sibekayi+ w’i Husha, Ilayi mwene Ahohi, 30 Maharayi+ w’i Netofa, Heledi+ mwene Bayana w’i Netofa, 31 Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya mu karere k’Ababenyamini+, Benaya w’i Piratoni, 32 Hurayi wo mu myonga* y’i Gashi+, Abiyeli w’i Beti-Araba, 33 Azimaveti w’i Bahurimu, Eliyahuba w’i Shalubimu, 34 bene Hashemu Umugizoni, Yonatani mwene Shage Umuharari, 35 Ahiyamu mwene Sakari Umuharari, Elifali mwene Uri, 36 Heferi Umumekerati, Ahiya Umupeloni, 37 Heziro w’i Karumeli, Narayi mwene Ezubayi, 38 Yoweli mwenewabo na Natani, Mibuhari mwene Hagiri, 39 Zeleki Umwamoni, Naharayi w’i Beroti yatwaza ibirwanisho Yowabu mwene Zeruwiya, 40 Ira Umwituri, Garebu Umwituri, 41 Uriya+ Umuheti, Zabadi mwene Ahilayi, 42 Adina mwene Shiza Umurubeni akaba n’umukuru w’Abarubeni, ari kumwe n’abantu 30, 43 Hanane mwene Mayaka, Yoshafati Umumitini, 44 Uziya w’i Ashitaroti, Shama na Yeyeli bene Hotamu w’i Aroweri, 45 Yediyayeli mwene Shimuri, na mwenewabo Yoha Umutizi, 46 Eliyeli Umumahavi, Yeribayi na Yoshaviya bene Elunamu, Itima Umunyamowabu, 47 Eliyeli, Obedi na Yasiyeli Umumezoba*.