Yobu
20 Zofari+ w’i Nayama yishura ati:
2 «Ndabuze amahoro, birananiye kwihangana.
Ni co gituma ngira mvuge.
4 Uko biri kwose wari usanzwe uzi iki kintu,
kuko ari ko vyamye biri kuva umuntu* aremwe kw’isi+:
5 Umunezero w’umubisha umara akanya isase,
6 Naho yoduga agashika kw’ijuru kubera ubwibone,
n’umutwe wiwe ukaduga ugakora ku bicu,
7 azozimangana ibihe vyose nk’umwanda mukuru wiwe,
abahora bamubona bazobaza bati: “Ari hehe?”
8 Azokamangana nk’indoto, ntibasubire kumubona.
Azozimangana nk’ivyo umuntu yeretswe mw’ijoro.
11 Inkomezi z’ubusore zuzuye mu magufa yiwe,
ariko zizoryamana na we mu mukungugu.
12 Nimba asoserwa n’ikibi mu kanwa kiwe,
akakinyegeza munsi y’ururimi rwiwe,
13 nimba aguma acinovora ntakimire,
mugabo akakigumana mu kanwa kiwe,
14 ivyo kurya vyiwe bizohinduka umururazi bigeze muri we,
bizomera nk’ubumara bw’incira* muri we.
15 Ubutunzi yamize azobudahwa.
Imana izobukura mu nda yiwe bwose.
17 Ntazokwigera abona imigezi y’amazi,
inzuzi zitembamwo ubuki n’amavuta y’inka.
19 Kuko yacinyije abakene kandi akabaheba.
Yanyaze inzu atigeze yubaka.
20 Ariko ntazokwigera aronka amahoro.
Ubutunzi bwiwe ntibuzomukiza.
21 Ivyo yahora arotsa vyamuheranye.
Ni co gituma ugusagamba kwiwe kutazomara na kabiri.
22 Ubutunzi bwiwe nibwashika kw’isonga, azoca yicwa n’amaganya.
Ivyago vyose bizoca bimukoranirako.
23 Akiriko aruzuza inda yiwe,
Imana izoca imusukako ishavu ryayo rirurumba,
rimugweko nk’imvura gushika no mu mara yiwe.
24 Niyahunga ibirwanisho vy’icuma,
imyampi y’umuheto w’umujumpu izoca imutobekeranya.
25 Asokora umwampi wamutoboye mu mugongo,
ikirwanisho gica ibibatsi camutobekeranije mu nda*,
agaca atekerwa n’ubwoba+.
26 Ubutunzi bwiwe bubikiwe umwiza w’umuzitanya.
Azoturirwa n’umuriro wiyadukije.
Abazorokoka mw’ihema ryiwe bose bazohitanwa n’ivyago.
27 Ijuru rizoshira ahabona ikosa ryiwe.
Isi izomuhagurukira imurwanye.
28 Inzu yiwe izohitanwa n’umwuzure.
Imana izoteza isegenya rikomeye ku musi w’ishavu ryayo.
29 Uwo ni wo mugabane Imana iha umubisha,
ni yo ntoranwa Imana yamuteguriye.»