30 Ariko ubu, abantu ndusha imyaka
basigaye bantwenga+,
abo ntari kwemera ko ba se
baja hamwe n’imbwa zicunga ibitungwa vyanje.
2 None inguvu z’amaboko yabo zamariye iki?
Inkomezi zabo zarabaheranye.
3 Ubukene n’inzara vyarabazingamitse.
Barondera utwo bahekenya ahantu hagadutse,
ahantu hamaze kwononekara kandi h’umusaka.
4 Basoroma utwatsi turimwo umunyu tumera mu bisaka.
Imfungurwa zabo ni imizi y’uduti tw’umurotemu.
5 Barirukanywe mu kibano+.
Abantu babakomera induru nka kurya kw’igisuma.
6 Baba mu mibande ahantu hahanamye,
mu myobo no mu bitandara.
7 Baborogera mu bisaka,
bakarundana mu vyatsi vy’ibisuru.
8 Barirukanywe mu gihugu
kubera bakomoka ku bantu b’imburabwenge kandi basuzuguritse.
9 None ubu basigaye bancokora no mu ndirimbo zabo+.
Nsigaye ndi agatwengo kuri bo+.
10 Baranyanka kandi bakanca kure+.
Ntibatinya no kuncira mu maso+.
11 Basigaye bamfata uko bishakiye
kubera yuko Imana yanyatse ibirwanisho ikancisha bugufi.
12 Bahaguruka iburyo bwanje nk’akagwi k’ababisha.
Barankinagiza
maze bagashira imitego mu nzira yanje kugira bandandure.
13 Barabomagura ibarabara ryanje,
bakunyura ivyago vyanje+,
kandi bakabigira ata camira.
14 Baza nk’abaciye mu rutoboro runini rwo mu ruhome,
bagashwara ahantu h’umusaka.
15 Narengewe n’ubwoba.
Icubahiro canje cazimanganye nk’ikiguruwe n’umuyaga.
Ubukiriro bwanje bwakamanganye nka kurya kw’igicu.
16 None ehe ubuzima bwanje buriko burashira+.
Imisi y’amagorwa+ yancakiye.
17 Amagufa yanje arara arandya cane+,
ububabare ntibwigera bumpa agahengwe+.
18 Impuzu yanje yaritunatunye n’inguvu nyinshi.
Irandwega nka kurya kw’ikoro y’impuzu yanje.
19 Imana yantereye mu vyondo.
Nsigaye nsa n’umukungugu be n’iminyota.
20 Ndagutabaza ariko ntunyishura+.
Ndahagarara ariko ukaguma unyitegereza gusa.
21 Warampindutse ata kagongwe+,
undwanya ukoresheje inguvu zose z’ukuboko kwawe.
22 Uranduza, ukantwara mu muyaga,
hanyuma ukanzungagiriza mu gihuhusi.
23 Ndazi ko uzonshikana mu rupfu,
muri ya nzu abantu bose bazoruhira kujamwo.
24 Ariko nta wokwubahuka gukubita uwavunitse+,
kandi ariko aratabaza kubera ivyago.
25 Mbega sinahora ndira mbonye abashikiwe n’ivyago?
Sinababara cane mbonye umuntu w’umworo+?
26 Naho nari nizigiye iciza, haje ikibi.
Nari niteze umuco ariko haje umwiza.
27 Mu mutima wanje sinigeze ntekana.
Nashikiwe n’imisi y’amarushwa.
28 Ntambuka nijiriwe+, nta n’umuco w’izuba uhari.
Ndahaguruka ngatabaza hagati mw’ishengero.
29 Nacitse mwenewabo n’imbwebwe,
ncika umugenzi w’ibinyoni vyitwa imbuni+.
30 Urukoba rwanje rwarirabuye ruromoroka+.
Amagufa yanje araturira kubera ubushuhe.
31 Inanga yanje isigaye ivuzwa gusa mu kigandaro,
umwironge wanje ukavuzwa gusa mu guherekeza ijwi ry’abarira.