Abalewi
26 Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda y’amabuye. Ntimuze mushire mu gihugu iwanyu igishusho gikozwe mu mabuye+ kugira mucunamire+. Ndi Yehova Imana yanyu. 2 Mukwiye kwubahiriza amasabato yanje kandi mukubaha* ahantu hanje heranda. Ndi Yehova.
3 Nimwabandanya kwubahiriza ivyagezwe vyanje n’amabwirizwa yanje kandi mukabikurikiza+, 4 nzobaha imvura ku gihe cayo+. Isi izokwimbuka+ kandi ibiti vyo mu mirima bizokwama ivyamwa. 5 Muzokubita ivyo mwimbuye gushika mu gihe co kwimbura inzabibu. Igihe co kwimbura inzabibu na co kizobandanya gushika mu gihe c’iteragira. Muzorya muhage kandi muzokwibera mu gihugu canyu mu mutekano+. 6 Nzobaha amahoro mu gihugu+, mwiryamire ata nkomanzi+. Nzokwirukana mu gihugu ibikoko vyo mw’ishamba bikaze kandi nta ntambara izoba mu gihugu canyu*. 7 Muzokinagiza abansi banyu, bagwe imbere yanyu mubicishije inkota. 8 Batanu muri mwebwe bazokinagiza 100, ijana na bo bakinagize 10.000. Abansi banyu bazogwa imbere yanyu mubicishije inkota+.
9 Nzobahezagira*, murondoke kandi mugwire+. Nzoshitsa isezerano nagiraniye namwe+. 10 Mu gihe muzoba mukiriko murarya ibihitira vyo mu mwaka uheze, muzobikura kugira bibise bishasha. 11 Nzoshira ihema ryanje ryeranda hagati yanyu+ kandi sinzobata. 12 Nzogendera hagati yanyu, mbe Imana yanyu+ namwe mube abantu banje+. 13 Ndi Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu Misiri kugira ntimusubire kuba abashumba b’Abanyamisiri. Naravunaguye ingogo* yanyu, ntuma mugenda mwidegemvya*.
14 Ariko nimutanyumvira canke ngo mukurikize ayo mabwirizwa yose+, 15 nimwiyamiriza ivyagezwe vyanje+, mukanka urunuka ingingo nashinze ku buryo mudakurikiza amabwirizwa yanje yose, mukarenga kw’isezerano ryanje+, 16 ibi ni vyo nanje nzoca ndabagirira: nzotuma mwicwa n’amaganya, ndabateze igituntu n’inyonko ikaze, bitume amaso yanyu aregera, musigare ata tuguvu mufise. Muzoteragira ntimwimbure kuko bizoribwa n’abansi banyu+. 17 Nzobarwanya* kandi muzotsindwa n’abansi banyu+. Abansi banyu bazobahonyanga+ kandi muzohunga ata wuriko arabirukana+.
18 Ariko n’ivyo nibitatuma munyumvira, nzoca ngwiza igihano canyu incuro indwi kubera ibicumuro vyanyu. 19 Nzomenagura ubwishime bwanyu, ntume ijuru rimera nk’icuma+, isi na yo imere nk’umujumpu. 20 Muzoruhira ubusa kuko isi yanyu itazokwimbuka+, kandi n’ibiti vyo mu mirima yanyu ntibizokwama ivyamwa.
21 Ariko nimwaguma mundwanya mukanka kunyumviriza, nzoca ngwiza igihano canyu incuro indwi nisunze ibicumuro vyanyu. 22 Nzobarungikamwo ibikoko vyo mw’ishamba+ kandi bizorya abana banyu+ n’ibitungwa vyanyu, bigabanye igitigiri canyu ku buryo amabarabara yanyu asigara agaragara+.
23 Ariko n’ivyo nibitatuma mwemera ko ndabakosora+, mukaguma mundwanya, 24 nanje nzoca ndabarwanya kandi nzogwiza igihano canyu incuro indwi kubera ibicumuro vyanyu. 25 Nzobihora nkoresheje inkota kubera mwarenze kw’isezerano twagiraniye+. Nimwahungira mu bisagara vyanyu, nzobarungikamwo indwara+ kandi nzotuma abansi banyu babatsinda+. 26 Ninasambura ibigega* vyanyu vy’ibifungurwa*+, abagore cumi bazosigara botsa umukate mw’ifuru imwe gusa hanyuma bawubagaburire ku gipimo+. Muzorya ariko ntimuzohaga+.
27 N’ico gihe nyene nimutanyumviriza mukabandanya kundwanya, 28 nanje nzoca niva inyuma mu kubarwanya+, kandi nzogwiza igihano canyu incuro indwi kubera ibicumuro vyanyu. 29 Muzobwirizwa rero kurya inyama z’abahungu banyu n’iz’abakobwa banyu+. 30 Nzozimanganya ibibanza* musengeramwo+, nsiturire hasi ibicaniro muturirirako imibavu. Imivyimba yanyu nzoyigerekeranya n’imivyimba y’ibigirwamana vyanyu bisesemye*+ kandi nzobata nk’akanuka+. 31 Nzotikiza ibisagara vyanyu+, nsambure ibibanza vyeranda musengeramwo kandi sinzokwimotereza akamoto* k’ibimazi vyanyu. 32 Jewe ubwanje nzotuma igihugu canyu gicika umusaka+, kandi abansi banyu baba muri co bazokibona bumirwe+. 33 Nzobashwiragiza mu mahanga+ kandi nzosokora inkota yanje ndabakinagize+. Igihugu canyu kizocika umusaka+, ibisagara vyanyu na vyo bisigare ari ibihomvagurike.
34 Imisi yose igihugu kizomara ari umusaka, kizoba kiriko kirishura amasabato yaco, namwe muzoba muri mu gihugu c’abansi banyu. Ico gihe igihugu kizoruhuka* kuko gitegerezwa kwishura amasabato yaco+. 35 Imisi yose kizomara ari umusaka kizoba kiriko kiraruhuka, kuko kitaruhutse mu gihe c’amasabato yanyu, igihe mwakibamwo.
36 Abazoba bacitse kw’icumu+ na bo, nzotuma barengerwa n’ukwihebura iyo bazoba bari mu gihugu c’abansi. Urwamo rw’ibabi riguruwe n’umuyaga ruzotuma bahunga. Bazohunga nk’umuntu ariko ahunga inkota, bagwe ata wuriko arabirukako+. 37 Bazogenda baracanacanako nk’abariko bahunga inkota naho ata muntu azoba ariko arabirukana. Ntimuzotsinda abansi banyu+. 38 Muzopfira mu mahanga muzoba mwashwiragiyemwo+, kandi igihugu c’abansi banyu kizobamira. 39 Abazoba basigaye bazoborera mu bihugu vy’abansi babo+ kubera ikosa ryanyu. Emwe, bazobora kubera ikosa rya ba sekuru babo+. 40 Bazoheza rero bature ikosa ryabo+ hamwe n’ikosa be n’ubuhemu vya ba sekuru babo, maze bemere ko bahemutse mu kundwanya+, 41 bigatuma nanje ndabarwanya+ nkabajana mu gihugu c’abansi babo+.
Kumbure ico gihe imitima yabo ikomantaye* izoca bugufi+, bishure ikosa ryabo. 42 Nzokwibuka isezerano nagiraniye na Yakobo+ n’iryo nagiraniye na Izahaki+. Nzokwibuka kandi isezerano nagiraniye na Aburahamu+, nongere nibuke n’igihugu. 43 Igihe batazoba bakiba muri ico gihugu, kizokwishura amasabato yaco+ kandi kizoguma ari umusaka ata wukibamwo. Na bo bazoba bariko barishura ikosa ryabo, kuko bazoba biyamirije ingingo nashinze, bakanka urunuka ivyagezwe vyanje+. 44 Naho ari ukwo, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, sinzobaheba burundu+ canke ngo ndabanke ku buryo ndabaherengeteza, kuko noba ndenze kw’isezerano nagiraniye+ na bo. Ndi Yehova Imana yabo. 45 Ku neza yabo, nzokwibuka isezerano nagiraniye na ba sekuruza babo+, abo nakuye mu Misiri amahanga arorera+, kugira nerekane ko ndi Imana yabo. Ndi Yehova.”»
46 Ayo ni yo mabwirizwa, ingingo be n’amategeko Yehova yahaye Abisirayeli ku musozi Sinayi biciye kuri Musa+.