Mika
2 «Baragowe abatunganya umugambi wo kugira nabi,
bagategura ikibi bari ku bitanda vyabo!
Bupfa guca bakabikora
kubera ko babishoboye+.
2 Bipfuza amatongo bakayigarurira+,
bakipfuza n’amazu bakayatwara.
Barazuruma* umuntu inzu yiwe+,
bakamutwara intoranwa yiwe.
3 Yehova avuze rero ati:
“Ehe ndiko ntegurira iri hanga ivyago+ mutazohunga*+.
Ntimuzosubira kugendana ubwibone+, kuko ari igihe c’ivyago+.
Bazovuga bati: ‘Turahonejwe vy’ukuri+!
Yatumye umugabane wacu utwara abandi. Ewe kuntu yawutwatse+!
Amatongo yacu ayahaye ibihemu.’
5 Ni co gituma mw’ishengero rya Yehova ata muntu uzoronka
agorora umugozi wo gupimisha ngo agabure igihugu.
7 Yemwe abakomoka kuri Yakobo, abantu boba bavuga ngo:
‘Impwemu ya Yehova ntigishoboye kwihangana?
Uku ni ko akora?’
Mbega amajambo yanje ntagirira neza abagendera mu bugororotsi?
8 Ariko abantu banje basigaye barampagurukiye nk’umwansi.
Abahita ata co binona nk’abavuye mu ntambara,
mubambura agasharizo gahambaye ku mugaragaro, mukagatwarana n’impuzu*.
9 Abagore bo mu bantu banje murabomora mu nzu zabo bikundira.
Abana babo mubaka ubwiza nabahaye, ntibwigere bubagarukako.
10 Haguruka mugende, kuko aha atari ahantu ho kuruhukira.
Hari agatikizo, agatikizo gateye umubabaro+, kubera ubuhumane+.
11 Umuntu akurikira umuyaga n’ibinyoma, akabesha ngo:
‘Nzokwigisha ibijanye n’umuvinyu be n’inzoga’,
uwo nyene ni we yokwigisha aba bantu+.
12 Ewe Yakobo, nzokoranya vy’ukuri abagukomokako bose.
Nzokwegeraniriza hamwe koko Abisirayeli basigaye+.
Nzobashira hamwe nk’intama mu ruhongore,
nk’ubusho mu buragiro bwabwo+.
Hazoba uruyogoyogo rw’abantu+.”
Umwami wabo azobaja imbere,
Yehova ari we abarongoye+.»