21 Umutima w’umwami umeze nk’imigezi y’amazi mu kuboko kwa Yehova+.
Awutumbereza aho ashatse hose+.
2 Umuntu abona ko inzira ziwe zose zigororotse+,
ariko Yehova ni we asuzuma imitima+.
3 Gukora ibitunganye n’ibigororotse
ni vyo bihimbara Yehova kuruta ibimazi+.
4 Amaso yishira hejuru n’umutima wibona
ni vyo tara ry’ababisha, ariko vyose ni igicumuro+.
5 Imigambi y’umunyamwete ntibura kuroranirwa+,
ariko abihutagiza bose bibashikana ku bukene+.
6 Itunga umuntu aronse biciye mu bubeshi
rimeze nk’igipfungu kiriko kirayonga be n’umutego wica+.
7 Ababisha bazohitanwa n’ububisha bwabo+,
kuko banka gukurikiza ubutungane.
8 Inzira y’uwagirwa n’icaha iragoramye,
ariko ibikorwa vy’umuntu w’intungane biragororotse+.
9 Wopfuma wibera mu mfuruka y’igisenge c’inzu,
hako ubana mu nzu imwe n’umugore w’amahane+.
10 Umuntu w’umubisha aguma ahahamira ikibi+,
kandi nta kagongwe agirira mugenziwe+.
11 Iyo bahanye umucokoranyi, abatazi utuntu n’utundi baca barushiriza guca ubwenge,
kandi iyo umuntu w’inkerebutsi aronse ugutahura, ubumenyi bwiwe buca bwongerekana+.
12 Ya Mana igororotse iguma yitegereza inzu y’umubisha.
Ituma ababisha bagwa mu vyago+.
13 Uwiziba amatwi ngo ntiyumve ugutabaza kw’umuntu mutoyi,
na we nyene azotabaza ntiyishurwe+.
14 Ingabire itanzwe mu mpisho ihwamika ishavu+,
kandi igiturire gitanzwe mu kinyegero gihwamika uburake.
15 Umugororotsi arahimbarwa no gukurikiza ubutungane+,
ariko inkozi z’ikibi ntizivyerekwa.
16 Uwuheba kugendera mu nzira y’ubukerebutsi
azoruhukira mu kuzimu hamwe n’abapfuye+.
17 Uwukunda kwiryohera azogwa mu bukene+,
kandi uwukunda umuvinyu n’amavuta ntazoronka itunga.
18 Umubisha abera incungu umugororotsi,
kandi umuhemu azohanwa mu kibanza c’umugororotsi+.
19 Wopfuma wibera mu bugaragwa,
hako ubana n’umugore w’amahane kandi akaza ishavu+.
20 Itunga ry’agaciro n’amavuta bibarizwa mu nzu y’umunyabwenge+,
ariko umuntu w’ikijuju asesagura ivyo afise+.
21 Uwukurikirana ubugororotsi n’urukundo
azoronka ubuzima, ubugororotsi n’ubuninahazwa+.
22 Umunyabwenge arashobora kwurira uruhome rw’igisagara c’abarwanyi b’intwari,
agahindura ubusa inkomezi bari bizigiye+.
23 Uwugumya akanwa kiwe n’ururimi rwiwe
aba yirinze ingorane+.
24 Umuntu yita imbere atazirikanye ingaruka vyogira
bamwita umwirasi yita imbere kandi yishima+.
25 Ikinebwe kizokwicwa n’ivyo kinohokera,
kuko ata co gihereza amaboko+.
26 Kiguma kinohokera ibintu bukarinda bwira,
ariko umugororotsi aratanga, nta co yimana+.
27 Ikimazi c’umubisha kirashisha+.
Hari akantu iyo agitanganye intumbero mbi!
28 Icabona kibesha kizopfa+,
ariko umuntu avuga ivyo yumvirije neza arajijura.
29 Umuntu w’umubisha arihagararako+,
ariko inzira y’umugororotsi ni yo itekanye+.
30 Nta bukerebutsi, nta gutahura canke impanuro biri mu kurwanya Yehova+.
31 Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara+,
ariko Yehova ni we atanga ubukiriro+.