ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abaroma 9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abaroma: ibirimwo

      • Pawulo agira intuntu kubera Abisirayeli (1-5)

      • Uruvyaro nyakuri rwa Aburahamu (6-13)

      • Ihitamwo ry’Imana ntiriharirizwa (14-26)

        • Ibikoresho vyo kurakirwa n’ivyo kubabarirwa (22, 23)

      • Amasigarira gusa ni yo azokizwa (27-29)

      • Abisirayeli baratsitaye (30-33)

Abaroma 9:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/1997, rup. 4

Abaroma 9:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    10/2021, rup. 25

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    5/2018, rup. 13

Abaroma 9:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 4:22
  • +Ivk 3:25; 7:8
  • +Kv 24:12
  • +Ivk 26:7; Heb 9:1
  • +Rm 4:13

Abaroma 9:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 10:15
  • +Mt 1:17

Abaroma 9:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 2:28; Ivh 2:9

Abaroma 9:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ari uruvyaro rwiwe.» Mu kigiriki havuga ngo «ari urubuto rwa Aburahamu.»

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 8:39; Gl 3:29
  • +It 21:12; Heb 11:18

Abaroma 9:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «nk’urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yoh 1:12, 13
  • +Gl 4:28

Abaroma 9:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 18:10, 14

Abaroma 9:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 25:21, 24

Abaroma 9:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 29

Abaroma 9:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 25:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/10/2003, rup. 29

Abaroma 9:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mal 1:2, 3; Heb 12:16

Abaroma 9:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:4; Yb 34:10

Abaroma 9:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 33:19

Abaroma 9:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «ntibiva ku wipfuza canke ku wiruka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Tt 3:4, 5

Abaroma 9:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 9:16

Abaroma 9:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 10:1; 14:4

Abaroma 9:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 40:2
  • +Yes 29:16; 45:9

Abaroma 9:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 64:8; Yr 18:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2013, rup. 24-26

    1/2/1999, rup. 20

Abaroma 9:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2013, rup. 25

    Senga Imana, rup. 63-65

    Abahurikiye hamwe, rup. 57-59

Abaroma 9:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ts 5:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 288-289

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2013, rup. 25

    Senga Imana, rup. 63, 64-65

    Abahurikiye hamwe, rup. 57-59

Abaroma 9:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 11:13; Ef 3:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Senga Imana, rup. 63, 64-65

    Abahurikiye hamwe, rup. 57-59

Abaroma 9:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ef 2:12
  • +Hs 2:23; Mt 21:43; 1Pt 2:10

Abaroma 9:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 1:10; Gl 3:26

Abaroma 9:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 1:10; Rm 11:4, 5

Abaroma 9:28

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya A5.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 10:22, 23

Abaroma 9:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya A5.

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:9

Abaroma 9:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 10:20
  • +Rm 4:11; Fp 3:9

Abaroma 9:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 8:14; Lk 20:17, 18; 1Kr 1:23

Abaroma 9:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 118:22; Mt 21:42
  • +Yes 28:16; Rm 10:11; 1Pt 2:6

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Rom. 9:4Kv 4:22
Rom. 9:4Ivk 3:25; 7:8
Rom. 9:4Kv 24:12
Rom. 9:4Ivk 26:7; Heb 9:1
Rom. 9:4Rm 4:13
Rom. 9:5Gus 10:15
Rom. 9:5Mt 1:17
Rom. 9:6Rm 2:28; Ivh 2:9
Rom. 9:7Yoh 8:39; Gl 3:29
Rom. 9:7It 21:12; Heb 11:18
Rom. 9:8Yoh 1:12, 13
Rom. 9:8Gl 4:28
Rom. 9:9It 18:10, 14
Rom. 9:10It 25:21, 24
Rom. 9:12It 25:23
Rom. 9:13Mal 1:2, 3; Heb 12:16
Rom. 9:14Gus 32:4; Yb 34:10
Rom. 9:15Kv 33:19
Rom. 9:16Tt 3:4, 5
Rom. 9:17Kv 9:16
Rom. 9:18Kv 10:1; 14:4
Rom. 9:20Yb 40:2
Rom. 9:20Yes 29:16; 45:9
Rom. 9:21Yes 64:8; Yr 18:6
Rom. 9:231Ts 5:9
Rom. 9:24Rm 11:13; Ef 3:6
Rom. 9:25Ef 2:12
Rom. 9:25Hs 2:23; Mt 21:43; 1Pt 2:10
Rom. 9:26Hs 1:10; Gl 3:26
Rom. 9:27Hs 1:10; Rm 11:4, 5
Rom. 9:28Yes 10:22, 23
Rom. 9:29Yes 1:9
Rom. 9:30Rm 10:20
Rom. 9:30Rm 4:11; Fp 3:9
Rom. 9:32Yes 8:14; Lk 20:17, 18; 1Kr 1:23
Rom. 9:33Zb 118:22; Mt 21:42
Rom. 9:33Yes 28:16; Rm 10:11; 1Pt 2:6
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abaroma 9:1-33

Abaroma

9 Ndiko mvuga ukuri muri Kristu, sindiko ndabesha. Ijwi ryanje ryo mu mutima rirashinga intahe rihuje n’impwemu nyeranda, 2 yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahera mu mutima. 3 Ese iyaba jewe ubwanje notandukanywa na Kristu nkaba nk’ikivume kugira mfashe abavukanyi banje, incuti z’umubiri, 4 ari bo Bisirayeli. Baratowe ngo bagirwe abana b’Imana+, bahabwa ubuninahazwa, amasezerano+, amategeko+, igikorwa ceranda+ n’imihango+. 5 Bakomotse kuri ba sogokuruza+, ari na bo Kristu yakomotseko mu buryo bw’umubiri+. Imana iri hejuru ya vyose ishemezwe ibihe vyose! Amen.

6 Ariko si nk’aho ijambo ry’Imana ryananiwe. Kuko abakomoka kuri Isirayeli bose atari bo Bisirayeli vy’ukuri+. 7 Eka mbere bose si abana ba Aburahamu ngo ni uko bamukomokako*+. Ahubwo Imana yamubwiye iti: «Uruvyaro* nagusezeraniye ruzoboneka biciye kuri Izahaki+.» 8 Ni ukuvuga ko abana b’umubiri atari bo bana b’Imana vy’ukuri+, ahubwo abana b’umuhango+ ni bo baharurwa nk’uruvyaro*. 9 Kuko ijambo ry’umuhango ryavuga riti: «Nzoza nk’iki gihe, kandi Sara azoba afise umwana w’umuhungu+.» 10 Ariko si ico gihe gusa. N’igihe Rebeka yasama inda y’amahasa kuri wa mugabo Izahaki sogokuruza wacu, ni ko vyagenze+. 11 Nkako, igihe batari bwavuke, ata ciza canke ikibi na kimwe bari bwakore, Imana yarerekanye ko umugambi wayo wo gutora abantu wogumye uranguka bivuye kuri yo ibahamagara, bitavuye ku bikorwa vy’umuntu. 12 Yabwiye Rebeka iti: «Mukuru azoshumbira mutoyi+.» 13 Kuko vyanditswe ngo: «Nakunze Yakobo, mugabo Esawu ndamwanka+.»

14 Tuvuge iki none? Mbega Imana irarenganya? Habe namba+! 15 Kuko ibwira Musa iti: «Nzogirira imbabazi uwo nshaka kuzigirira, kandi nzogirira impuhwe uwo nshaka kuzigirira+.» 16 Rero ntibiva ku vyo umuntu yipfuza canke ku kigoro agira*, ahubwo biva ku Mana yo igira imbabazi+. 17 Kuko icanditswe kibwira Farawo giti: «Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.» 18 Rero uwo ishaka iramugirira imbabazi, mugabo uwo ishaka ikamureka agacika intabarirwa+.

19 Wombwira rero uti: «Kubera iki ibandanya gutora amahinyu? None hari uworwanya ivyo igomba?» 20 Ewe muntu, mbega uri nde ngo wishure nabi Imana+? Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye ngo: «Kubera iki wambumvye gutya+?» 21 Ngw’iki? Mbega umubumvyi ntafise uburenganzira bwo gufata ibumba+ rimwe akarikoramwo igikoresho gikoreshwa ibiteye iteka, n’ikindi gikoreshwa ibiteye isoni? 22 Nimba rero Imana yashatse kwerekana uburake bwayo no kumenyekanisha ububasha bwayo, ikirengagiza ibigiranye ukwihangana kwinshi ibikoresho vyo kurakirwa bibereye gutikizwa, bitwaye iki? 23 Kandi nimba yabigize kugira imenyekanishe ubuninahazwa bwayo bwinshi ku bikoresho vyo kubabarirwa+ yateguye imbere y’igihe ngo bironke ubuninahazwa, 24 ni ukuvuga twebwe yahamagaye, atari mu Bayuda gusa ariko no mu mahanga+, bitwaye iki? 25 Ni na vyo kandi ivuga muri Hoseya iti: «Abatari abantu banje+ nzobita “abantu banje”, n’umugore atakundwa ndamwite “umukundwa+.” 26 Kandi aho nahora ndababwirira ngo: “Ntimuri abantu banje”, ni ho nzobitira “abana b’Imana nzima+.”»

27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Abisirayeli ati: «Naho igitigiri c’Abisirayeli congana n’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira yabo gusa ni yo azokizwa+. 28 Kuko Yehova* azogira ico abaza abantu kw’isi. Azosozera igikorwa ciwe kandi azogitebutsa+.» 29 Kandi nk’uko Yesaya yari yarabivuze, «iyo Yehova* Nyeningabo atadusigariza uruvyaro*, twari kuba nka Sodomu, tugasigara tumeze nka Gomora+.»

30 Tuvuge iki none? Abanyamahanga naho badakurikirana ubugororotsi, barashikiriye ubugororotsi+, bumwe buva ku kwizera+. 31 Mugabo Abisirayeli, naho bagerageza gukurikiza amategeko y’ubugororotsi, ntibashoboye kuyubahiriza. 32 Kubera iki? Kubera bagerageje kuyakurikiza bishimikije ibikorwa aho kwishimikiza ukwizera. Batsitaye kuri rya «buye ritsitaza+.» 33 Nakare vyanditswe ngo: «Ehe ndiko nshinga i Siyoni ibuye+ ritsitaza n’igitandara kigwisha, mugabo uwushingira ukwizera kwiwe kuri ryo ntazoteterwa+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika