Abaroma
9 Ndiko mvuga ukuri muri Kristu, sindiko ndabesha. Ijwi ryanje ryo mu mutima rirashinga intahe rihuje n’impwemu nyeranda, 2 yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahera mu mutima. 3 Ese iyaba jewe ubwanje notandukanywa na Kristu nkaba nk’ikivume kugira mfashe abavukanyi banje, incuti z’umubiri, 4 ari bo Bisirayeli. Baratowe ngo bagirwe abana b’Imana+, bahabwa ubuninahazwa, amasezerano+, amategeko+, igikorwa ceranda+ n’imihango+. 5 Bakomotse kuri ba sogokuruza+, ari na bo Kristu yakomotseko mu buryo bw’umubiri+. Imana iri hejuru ya vyose ishemezwe ibihe vyose! Amen.
6 Ariko si nk’aho ijambo ry’Imana ryananiwe. Kuko abakomoka kuri Isirayeli bose atari bo Bisirayeli vy’ukuri+. 7 Eka mbere bose si abana ba Aburahamu ngo ni uko bamukomokako*+. Ahubwo Imana yamubwiye iti: «Uruvyaro* nagusezeraniye ruzoboneka biciye kuri Izahaki+.» 8 Ni ukuvuga ko abana b’umubiri atari bo bana b’Imana vy’ukuri+, ahubwo abana b’umuhango+ ni bo baharurwa nk’uruvyaro*. 9 Kuko ijambo ry’umuhango ryavuga riti: «Nzoza nk’iki gihe, kandi Sara azoba afise umwana w’umuhungu+.» 10 Ariko si ico gihe gusa. N’igihe Rebeka yasama inda y’amahasa kuri wa mugabo Izahaki sogokuruza wacu, ni ko vyagenze+. 11 Nkako, igihe batari bwavuke, ata ciza canke ikibi na kimwe bari bwakore, Imana yarerekanye ko umugambi wayo wo gutora abantu wogumye uranguka bivuye kuri yo ibahamagara, bitavuye ku bikorwa vy’umuntu. 12 Yabwiye Rebeka iti: «Mukuru azoshumbira mutoyi+.» 13 Kuko vyanditswe ngo: «Nakunze Yakobo, mugabo Esawu ndamwanka+.»
14 Tuvuge iki none? Mbega Imana irarenganya? Habe namba+! 15 Kuko ibwira Musa iti: «Nzogirira imbabazi uwo nshaka kuzigirira, kandi nzogirira impuhwe uwo nshaka kuzigirira+.» 16 Rero ntibiva ku vyo umuntu yipfuza canke ku kigoro agira*, ahubwo biva ku Mana yo igira imbabazi+. 17 Kuko icanditswe kibwira Farawo giti: «Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira nerekane ububasha bwanje biciye kuri wewe no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+.» 18 Rero uwo ishaka iramugirira imbabazi, mugabo uwo ishaka ikamureka agacika intabarirwa+.
19 Wombwira rero uti: «Kubera iki ibandanya gutora amahinyu? None hari uworwanya ivyo igomba?» 20 Ewe muntu, mbega uri nde ngo wishure nabi Imana+? Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye ngo: «Kubera iki wambumvye gutya+?» 21 Ngw’iki? Mbega umubumvyi ntafise uburenganzira bwo gufata ibumba+ rimwe akarikoramwo igikoresho gikoreshwa ibiteye iteka, n’ikindi gikoreshwa ibiteye isoni? 22 Nimba rero Imana yashatse kwerekana uburake bwayo no kumenyekanisha ububasha bwayo, ikirengagiza ibigiranye ukwihangana kwinshi ibikoresho vyo kurakirwa bibereye gutikizwa, bitwaye iki? 23 Kandi nimba yabigize kugira imenyekanishe ubuninahazwa bwayo bwinshi ku bikoresho vyo kubabarirwa+ yateguye imbere y’igihe ngo bironke ubuninahazwa, 24 ni ukuvuga twebwe yahamagaye, atari mu Bayuda gusa ariko no mu mahanga+, bitwaye iki? 25 Ni na vyo kandi ivuga muri Hoseya iti: «Abatari abantu banje+ nzobita “abantu banje”, n’umugore atakundwa ndamwite “umukundwa+.” 26 Kandi aho nahora ndababwirira ngo: “Ntimuri abantu banje”, ni ho nzobitira “abana b’Imana nzima+.”»
27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Abisirayeli ati: «Naho igitigiri c’Abisirayeli congana n’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira yabo gusa ni yo azokizwa+. 28 Kuko Yehova* azogira ico abaza abantu kw’isi. Azosozera igikorwa ciwe kandi azogitebutsa+.» 29 Kandi nk’uko Yesaya yari yarabivuze, «iyo Yehova* Nyeningabo atadusigariza uruvyaro*, twari kuba nka Sodomu, tugasigara tumeze nka Gomora+.»
30 Tuvuge iki none? Abanyamahanga naho badakurikirana ubugororotsi, barashikiriye ubugororotsi+, bumwe buva ku kwizera+. 31 Mugabo Abisirayeli, naho bagerageza gukurikiza amategeko y’ubugororotsi, ntibashoboye kuyubahiriza. 32 Kubera iki? Kubera bagerageje kuyakurikiza bishimikije ibikorwa aho kwishimikiza ukwizera. Batsitaye kuri rya «buye ritsitaza+.» 33 Nakare vyanditswe ngo: «Ehe ndiko nshinga i Siyoni ibuye+ ritsitaza n’igitandara kigwisha, mugabo uwushingira ukwizera kwiwe kuri ryo ntazoteterwa+.»