Nahumu
3 Kiragowe ca gisagara gisesa amaraso!
Cose cuzuye ububeshi n’ubwambuzi.
Ntigisiba gusahura*.
2 Humvikana ikimoko n’urwamo rw’amapine.
Hari amafarasi yiruka cane n’imikogote isimbagurika.
3 Ehe abarwanira ku mafarasi, inkota zakaka
n’amacumu aca ibibatsi!
Inganda ziratikiye, hari ibirundo vy’ibiziga.
Abapfuye ntibagira uko bangana, baguma babatsitarako.
4 Ivyo vyatewe n’ubusambanyi* bwinshi
bwa wa mumaraya ateye igomwe kandi ahimbaye. Ni karuhariwe mu bupfumu.
Acakira mu mutego amahanga akoresheje ubumaraya bwiwe, agacakira n’imiryango akoresheje ubupfumu bwiwe.
5 «Ehe ngira nkurwanye*», ni ko Yehova Nyeningabo avuze+.
«Nzoduza impuzu yawe ndayikurenze mu maso,
ntume amahanga abona ubwambure bwawe,
n’ubwami bubone ukumaramara kwawe.
Mbega ni nde azohumvira akagongwe?”
Mbega yemwe abo kuguhoza nzobakura hehe?
8 Mbega uruta igisagara ca No-Amoni*+ cari hafi y’imigende ya Nili+?
Cari gikikujwe n’amazi.
Ikiyaga ni co cari ubutunzi bwaco, kikaba n’uruzitiro rwaco.
9 Etiyopiya na Misiri ni vyo vyatuma kigira inguvu zitagira uko zingana.
Puti+ n’Abanyalibiya bahora bagifasha+.
Abana baco babiciye mu masanganzira yose* barabasavya.
Abanyacubahiro baco babagabuye biciye ku bupfindo,
abakomakomeye baco bose bababohesha iminyororo.
Uzorondera aho uhungira umwansi.
12 Ibihome vyawe vyose bigukingiye, bimeze nk’ibiti vy’imisukoni biriko insukoni zeze imbere y’izindi.
Iyo babinyigangije, zica zikorokera mu kanwa k’abazirya.
13 Inteko zawe za gisirikare zimeze nk’abagore.
Abansi bawe bazosanga amarembo y’igihugu cawe arangaye.
Umuriro uzoturira imyugariro y’amarembo yawe uyiherengeteze.
14 Voma amazi uzokoresha umwansi niyakwugariza+.
Komeza ibihome vyawe bigukingiye.
Ja mu rwondo, uponde ubudongo*.
Tora iforoma y’amatafari.
15 Ntikizobuza ko umuriro ugusangayo ukurigite.
Inkota izokurandura+.
Uzohona nk’uwuhonejwe n’ivyana vy’inzige+.
Shaka ugwize abantu bawe nk’ivyana vy’inzige,
emwe ugwire nk’inzige.
16 Wagwije abadandaza bawe kurusha inyenyeri zo kw’ijuru.
Ivyana vy’inzige biriyubura hanyuma bikaguruka.
17 Abarinzi bawe bameze nk’inzige,
intwazangabo zawe na zo nk’ikigwi c’inzige.
Iyo hakanye zihungira mu nzitiro z’amabuye,
ariko izuba rimaze kwaka, zica ziguruka.
Nta wumenya irengero ryazo.
18 Abungere bawe bariko bisinzirirako, ewe mwami wa Ashuri!
Abanyacubahiro bawe bigumira mu mazu yabo.
Abantu bawe bashwiragiye ku misozi,
kandi nta wuriko arabegeranya+.
19 Nta gahengwe uzoronka ivyago nivyagushikira.
Uruguma rwawe ntiruzokwigera rukira.