19 Umukene agendera mu gutungana+
aruta ikijuju kivuga ibinyoma+.
2 Si vyiza ko umuntu abaho ata bumenyi afise+,
kandi uwihutagiza mu vyo akora aba acumuye.
3 Ubupfu bw’umuntu bugoramika inzira yiwe,
ariko agaca arakarira Yehova mu mutima wiwe.
4 Ubutunzi butuma umuntu aronka abagenzi benshi,
ariko umukene mbere n’umugenzi wiwe aramuheba+.
5 Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa+,
kandi uwuguma avuga ibinyoma ntazorusimba+.
6 Abarondera gushimwa n’umunyacubahiro ni benshi,
kandi abantu bose bipfuza kuba abagenzi b’uwutanga ingabire.
7 Benewabo n’umukene bose baramwanka+.
Ntibitangaje rero ko n’abagenzi biwe bamuca kure+!
Arabatakambira ariko nta n’umwe amwishura.
8 Uwironsa ubwenge aba akunda ubuzima bwiwe+.
Uwuha agaciro ugutahura azororanirwa+.
9 Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa,
kandi uwuguma avuga ibinyoma azopfa+.
10 Nimba bitabereye ko ikijuju kiba mu bihinda,
hari akantu rero umusuku aganje abaganwa+!
11 Ugutahura kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe+,
kandi kwirengagiza ikosa yakorewe bituma aboneka neza+.
12 Ishavu ry’umwami rimeze nk’ukuroha kw’intambwe+,
ariko gushimwa na we bimeze nk’urume ku vyatsi.
13 Umwana w’ikijuju ateza ingorane se+,
kandi umugore w’amahane ameze nk’igisenge kiguma kiva+.
14 Inzu n’ubutunzi ubihabwa n’abavyeyi,
ariko umugore w’ubwenge umuhabwa na Yehova+.
15 Ubunebwe butera itiro ryinshi,
kandi kurera amaboko bituma umuntu yicwa n’inzara+.
16 Uwubaha amabwirizwa aba akingiye ubuzima bwiwe+,
ariko uwutitaho ingaruka z’ivyo akora azopfa+.
17 Uwugiriye ubuntu umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+,
kandi azomuha impera y’ivyo yakoze+.
18 Kosora umwana wawe bigishoboka+,
ahandiho wohava wagirwa n’urupfu rwiwe+.
19 Umuntu akaza ishavu azobihanirwa.
Niwagerageza kumukingira, emwe uzokwamizako+.
20 Umviriza impanuro kandi wemere gutozwa indero+,
kugira uzobe inkerebutsi muri kazoza+.
21 Mu mutima w’umuntu hari imigambi myinshi,
ariko ivyo Yehova agomba ni vyo biranguka+.
22 Urukundo rw’umuntu ni rwo rutuma abandi bamushima+,
kandi wopfuma uba umukene hako uba umubeshi.
23 Gutinya Yehova bishikana ku buzima+.
Uwumutinya ariryamira amahoro, nta kibi kimushikira+.
24 Ikinebwe gishira ukuboko mw’isahani y’ibifungurwa,
ariko bikakinanira kukugarukana ku munwa+.
25 Kubita umucokoranyi+ kugira imburambwege yige kwiyubara+.
Kosora umuntu afise ugutahura kugira ubumenyi bwiwe bwongerekane+.
26 Umwana afata nabi se kandi akomora nyina,
aba akoze ibintu biteye isoni kandi vy’akamaramaza+.
27 Mwananje, niwanka gutozwa indero,
uzoja kure y’amajambo y’ubukerebutsi.
28 Icabona c’imburakimazi gisuzugura ubutungane+,
kandi akanwa k’ababisha kamiragura ibibi+.
29 Igihano kirindiriye abacokoranyi+,
inkoni na zo zibikiwe umugongo w’ibijuju+.