Abaheburayo
4 Ko rero hakiriho umuhango wo kwinjira mu karuhuko kayo, tube maso* kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe aboneka ko atabereye uwo muhango+. 2 Kuko na twebwe twamenyeshejwe inkuru nziza+ cokimwe na bo. Mugabo ijambo bumvise nta co ryabamariye, kubera ko batagize ukwizera cokimwe n’abumvirije. 3 Twebwe abizeye turinjira koko muri nya karuhuko. Ku bijanye n’ako karuhuko yavuze iti: «Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+”», naho ibikorwa vyayo vyarangiye kuva isi ishingwa+. 4 Kuko ahantu hamwe yavuze ivy’umusi ugira indwi iti: «Maze ku musi ugira indwi, Imana iruhuka ibikorwa vyayo vyose+.» 5 Ng’aha na ho yongera kuvuga ngo: «Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+.»
6 Ko rero bigishoboka ko hagira abinjira muri ako karuhuko, kandi abo inkuru nziza yamenyeshejwe ubwa mbere bakaba batakinjiyemwo kubera ukugambarara+, 7 haciye igihe kirekire Imana yarongeye gushinga umusi kanaka mu kuvuga muri zaburi ya Dawidi ngo: «Uyu musi.» Nk’uko vyamaze kuvugwa, «uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima+.» 8 Kuko iyo Yosuwa+ abinjiza ahantu h’akaruhuko, Imana ntiba yaravuze mu nyuma ivy’uwundi musi. 9 Haracasigaye rero akaruhuko k’isabato ku bantu b’Imana+. 10 Kuko umuntu yinjiye mu karuhuko k’Imana aba na we nyene aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’uko Imana yaruhutse ivyayo+.
11 Dukore uko dushoboye kwose rero ngo twinjire muri ako karuhuko, kugira ntihagire n’umwe akurikira iyo ngendo* yo kugambarara+. 12 Kuko ijambo ry’Imana ari rizima kandi rifise ububasha+. Rirakarishe kuruta inkota iyo ari yo yose ikarishe impande zompi*+ kandi ririnjira gushika aho ritandukanya ubuzima n’impwemu*, rigatandukanya ingingo n’umusokoro. Rirashobora no gusuzuma* ivyiyumviro n’imigambi vy’umutima. 13 Kandi nta kiremwa na kimwe gihishijwe imbere yayo+. Ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro imbere y’uwuzotubaza ivyo twakoze+.
14 Ko rero dufise umuherezi mukuru akomeye yinjiye mw’ijuru, ari we Yezu Umwana w’Imana+, tugume tuvuga ku mugaragaro ko tumwizera+. 15 Kuko umuherezi mukuru dufise atari umuherezi adashobora gutahura ubugoyagoye bwacu*+. Ahubwo dufise umuherezi mukuru yagejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo akaba atagira igicumuro+. 16 Twegere rero intebe y’ubuntu buhebuje* bw’Imana dufise umwidegemvyo wo kuvuga+, kugira tugirirwe imbabazi turonke n’imfashanyo ku gihe kibereye biciye ku buntu bwayo buhebuje.