Ezekiyeli
37 Ububasha* bwa Yehova bwanjeko, maze biciye ku mpwemu yiwe, Yehova arantwara antereka hagati mu kiyaya+. Cari cuzuye amagufa. 2 Araheza ancisha irya n’ino yayo, maze mbona amagufa menshi cane muri ico kiyaya, kandi yari yumye cane+. 3 Ambaza ati: «Mwana w’umuntu, mbega aya magufa yoba mazima?» Nca mvuga nti: «Mukama Segaba Yehova, ni wewe wobimenya+.» 4 Aca ambwira ati: «Vuga ubuhanuzi bujanye n’aya magufa, uyabwire uti: “Yemwe mwa magufa yumye, nimwumve ijambo rya Yehova:
5 Umukama Segaba Yehova abwiye aya magufa ati: ‘Ngira ntume impemu zibinjiramwo maze mube bazima+. 6 Ndabashirako imitsi n’inyama, ndabapfukishe urukoba, ndabashiremwo impemu maze mube bazima. Kandi muraza kumenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.’”»
7 Nuko mvuga ubuhanuzi nk’uko nari ntegetswe. Nkivuga ubuhanuzi numva urwamo, urwamo rw’ibintu bibomborana, maze ya magufa atangura kwegerana, igufa ryegera irindi. 8 Maze mbona imitsi n’inyama biza kuri ayo magufa, hanyuma urukoba rurayapfuka. Mugabo nta mpemu zari bwayinjiremwo.
9 Maze ambwira ati: «Bwira ubuhanuzi umuyaga. Vuga ubuhanuzi mwana w’umuntu, ubwire umuyaga uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ingo wa muyaga*, uze uvuye kuri ya miyaga ine, uhuhutire kuri aba bantu bishwe kugira ngo babe bazima.’”»
10 Ndaheza mvuga ubuhanuzi nk’uko yari antegetse, maze impemu* ziyazamwo, atangura kuba mazima, arahagarara+. Zari ingabo nyinshi cane.
11 Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, aya magufa ni Abisirayeli bose+. Bavuga ngo: “Amagufa yacu yarumye n’icizigiro cacu caraheze+. Twarahonye.” 12 Vuga rero ubuhanuzi, ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzokwugurura imva zanyu+, ndabakureyo bantu banje, ndabajane mu gihugu ca Isirayeli+. 13 Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninugurura imva zanyu, nkabakurayo, yemwe bantu banje+.’” 14 “Nzobashiramwo impwemu yanje mube bazima+, ndabashire mu gihugu canyu. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova nabivuze kandi nabikoze”, ni ko Yehova avuze.»
15 Yehova yongera kumbwira ati: 16 «Mwana w’umuntu, tora agakoni ukandikeko ngo: “Aka Yuda n’Abisirayeli bari kumwe na we*+.” Uheze utore akandi gakoni, ukandikeko ngo: “Aka Yozefu, agakoni ka Efurayimu n’Abisirayeli bose bari kumwe na we*+.” 17 Maze kamwe ukegereze akandi kugira ngo ducike agakoni kamwe gusa mu kuboko kwawe+. 18 Abantu bo mw’ihanga ryanyu nibakubaza ngo: “Aho ntiwotubwira ico ivyo bisobanura?” 19 Ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzotora agakoni ka Yozefu n’imiryango ya Isirayeli bari kumwe, agakoni kari mu kuboko kwa Efurayimu, ndagashire hamwe n’agakoni ka Yuda. Nzotuma utwo dukoni tuba agakoni kamwe+, ducike agakoni kamwe mu kuboko kwanje.’” 20 Utwo dukoni wandikako, uze udufate mu kuboko kugira batubone.
21 Maze ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nzokura Abisirayeli mu mahanga bagiyemwo, ndabakoranirize hamwe ndabakuye impande zose, ndabazane mu gihugu cabo+. 22 Nzobagira ihanga rimwe mu gihugu+, ku misozi ya Isirayeli, kandi umwami umwe ni we azobaganza bose+. Ntibazosubira kuba amahanga abiri canke ngo basubire kugaburwamwo ubwami bubiri+. 23 Ntibazosubira kwihumanisha ibigirwamana vyabo bisesemye* n’ibintu bishisha bakora be n’ibicumuro vyabo vyose+. Nzobakiza ubuhemu bwabo bwose bwatumye bacumura, ndabahumanure. Bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo+.
24 Umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo+, kandi bose bazogira umwungere umwe+. Bazokurikiza ingingo nashinze, bubahirize neza ivyagezwe vyanje+. 25 Bazokwibera mu gihugu nahaye umusavyi wanje Yakobo, kimwe ba sogokuruza banyu babayemwo+, bakibemwo ibihe vyose+, bo n’abana* babo be n’abazobakomokako+. Umusavyi wanje Dawidi azoba umukuru* wabo ibihe vyose+.
26 Nzogirana na bo isezerano ry’amahoro+. Iryo sezerano nzogirana na bo rizoba iry’ibihe vyose. Nzobaha igihugu, ndabagwize+, hagati muri bo ndahashire ikibanza canje ceranda ibihe vyose. 27 Ihema ryanje* rizoba riri kumwe na bo*. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+. 28 Ikibanza canje ceranda nicaba hagati muri bo ibihe vyose, amahanga azomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova ndiko ndeza Isirayeli+.’”»