Imigani
4 Bane banje, nimwumvirize inyigisho* ya so+.
Nimuntege ugutwi kugira muronke ugutegera,
2 kuko ngira ndabigishe ibintu vyiza.
4 Dawe yaranyigisha, akambwira ati: «Ese amajambo yanje yoguma ku mutima wawe+!
Nugamburuke amabwirizwa yanje maze ubandanye kubaho+.
5 Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera+.
Ntuze wibagire ivyo mvuga, ntuze uvyirengagize.
6 Ntubuhebe, na bwo buzogukingira.
Bukunde, na bwo buzokuzigama.
7 Ubukerebutsi ni co kintu nyamukuru*+, nubwironse rero.
Kandi mu vyo wironsa vyose, ntiwibagire ugutegera+.
8 Nubuhe agaciro cane, na bwo buzogushira hejuru+.
Buzogutera iteka kuko wabugumbiriye+.
9 Buzokwambika ku mutwe igitsibo giteye igomwe,
bugusharize n’urugori rwiza.»
12 Nta kizotangira ibirenge vyawe igihe uzoba uriko uragenda,
kandi niwiruka ntuzotsitara.
13 Nugumye indero*, ntuyirekure+.
Yizigame kuko ari yo buzima bwawe+.
16 Kuko badasinzira badakoze ikibi.
Ntibatora agatiro badakubise umuntu hasi.
18 Ariko inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondo
ugenda urushiriza gukayangana gushika hakeye neza+.
19 Inzira y’ababisha imeze nk’umwijima,
ntibamenya ico batsitarako.
20 Mwananje, nutege ugutwi amajambo yanje,
wumvirize neza ivyo nkubwira.
Nubigumize ku mutima wawe+,
22 kuko ababironse baba baronse ubuzima+
kandi bituma bagira amagara meza.
27 Ntukatire iburyo canke ibubamfu+.
Nuce kure ikibi.