Yesaya
57 Umugororotsi arazimangana
ntihagire uwuvyitaho.
Abantu b’intahemuka barakurwaho*+,
ntihagire n’umwe atahura
yuko umugororotsi yakuweho kubera* ivyago.
2 Yironkera amahoro.
Abagendera mu bugororotsi bose baruhukira ku bitanda vyabo*.
3 «Mugabo mwebwe nimwegere ng’aha,
mwa bana b’umupfumukazi mwe,
mwebwe mwavyawe n’umusambanyi n’umumaraya:
4 Muriko mushinyagurira nde?
Ko mwataburuye umunwa, mugasohora ururimi, muriko mubigirira nde?
Mbega ntimuri abana b’abacumuzi
n’abanyabinyoma+,
5 bamwe barurumba inambu y’umubiri mu biti binini+,
munsi y’igiti cose gitotahaye+,
bagakererera abana mu myonga*+,
munsi y’amabuye y’urutare yasadutse?
6 Umugabane wawe uri mu mabuye asenye yo mu mwonga*+.
Ni yo ntoranwa yawe.
Na yo nyene uyasukira amashikanwa y’ibinyobwa, ukayazanira ingabire+.
Mbega ivyo bintu nobishima*?
8 Icibutso* cawe wagiteretse inyuma y’umuryango n’igishimaryango.
Warantaye wikura agashambara,
uraduga, wagura igitanda cawe.
Wagiranye isezerano na bo.
Warungitse intumwa zawe kure,
ku buryo umanuka ugashika mu kuzimu.
10 Waracumukuye uca mu nzira nyinshi,
mugabo ntiwibwiye uti: “Nta kizovamwo!”
Wararonse izindi nguvu,
ni co gituma udaheba*.
Ntiwanyibutse+.
Nta na kimwe washize ku mutima+.
Sinagumye ninumiye nkakinjura*+?
Ni co gituma utantinye.
Umuyaga uzobitwara vyose,
mbere n’impemu zisanzwe zibigurure.
Mugabo uwumpungirako azotorana igihugu,
yigarurire umusozi wanje mweranda+.
14 Hari uwuzovuga ngo: “Nimwubake, nimwubake ibarabara. Nimutegure inzira+.
Nimukure intambamyi zose mu nzira y’abantu banje.”»
15 Kuko Umwe ari hejuru kandi arengeye vyose,
wa wundi abaho ibihe bidahera+ akaba afise izina ryeranda+, avuze ati:
«Aho mba ni hejuru kandi ni heranda+.
Ariko kandi mbana n’abajanjaguritse bafise umutima uciye bugufi,
kugira ngo mpembure umutima w’abaciye bugufi
n’uw’abajanjaguritse+.
16 Kuko ntazoguma ndabarwanya ibihe vyose,
canke ngo ngume nshavuye+.
Ahandiho abantu* bocika intege kubera jewe+,
emwe ibiremwa vyose bihumeka naremye.
17 Naramushavuriye kubera icaha co kurondera inyungu mbi+.
Ni co gituma nashavuye ndamuhana, nyegeza mu maso hanje.
Mugabo yagumye yigenza nk’umuhemu+, akurikira umutima wiwe.
19 Yehova avuze ati: «Ndiko ndarema amajambo y’ishemezo*.
Uwuri kure n’uwuri hafi, bose bazoronka amahoro yamaho+,
kandi nzobakiza.
20 Mugabo ababisha bameze nk’ikiyaga kiguma gisebagirika, ntigitekane.
Amazi yaco aguma azikurura ivyatsi vyo mu kiyaga n’urwondo.»