Yesaya
48 Nimwumvirize ibi, yemwe abakomoka kuri Yakobo,
mwebwe mwiyitirira izina rya Isirayeli+
mukaba kandi mwavuye mu mazi ya Yuda*,
mwebwe murahira izina rya Yehova+
mukambaza Imana ya Isirayeli,
naho mutabigira mu kuri no mu bugororotsi+.
2 Kuko biyita abo mu gisagara ceranda+,
bakarondera ko Imana ya Isirayeli ibafasha+,
imwe yitwa Yehova Nyeningabo.
3 «Kuva kera narabamenyesheje ivyo muri kahise*.
Vyavuye mu kanwa kanje,
ndabimenyekanisha+.
Bukwi na bukwi naragize ico nkoze, biraheza biraba+.
4 Kubera ko nari nzi yuko uri intagondwa,
yuko izosi ryawe ari umurya w’icuma, kandi ko uruhanga rwawe ari umujumpu+,
5 nabikubwiye kuva kera.
Imbere y’uko biba, narabikumenyesheje,
kugira ntuvuge ngo: “Ikigirwamana canje ni co cabikoze,
kandi igishusho canje kibaje n’igishusho canje gikozwe mu cuma* ni vyo vyategetse ko biba.”
6 Vyose waravyumvise wongera urabibona.
None ntiwobivuga+?
Guhera ubu ngira ndakumenyeshe ibintu bishasha+
vyagumye ari ibanga kandi utamenye.
7 Biriko biremwa ubu, si ivya kera.
Ni ibintu utari bwigere wumva gushika uyu musi,
kugira ntuvuge ngo: “Erega nari ndabizi.”
9 Mugabo nzotsinda ishavu kubera izina ryanje+.
Nzokwigumya kubera ishemezo ryanje,
sindakuzimanganye+.
10 Raba! Naragutyoroye, atari nka kurya kw’ifeza+.
Naragusuzumye* mu kugucisha mw’ifuru y’amarushwa+.
Nta wundi n’umwe mpa ubuninahazwa bwanje*.
12 Nyumviriza, ewe Yakobo, nawe Isirayeli uwo nahamagaye.
Ndi wa wundi nyene+. Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma+.
Igihe ndabihamagaye, bihagurukira icarimwe.
14 Nimukoranire hamwe mwese mwumvirize.
Ni nde muri bo yamenyekanishije ibi bintu?
Uwo jewe Yehova nakunze+
15 Jewe ubwanje naravuze, kandi naramuhamagaye+.
Naramuzanye, kandi azororanirwa mu vyo azokora+.
16 Nimwegere hafi yanje, mwumve ibi.
Kuva mu ntango sinavugiye mu kinyegero+.
Kuva biba ni ho nari ndi.»
Ubu rero Umukama Segaba Yehova arantumye, atuma n’impwemu* yiwe.
17 Yehova Umucunguzi wawe, wa Mweranda wa Isirayeli+, avuze ati:
«Jewe Yehova ndi Imana yawe,
Umwe akwigisha ibikugirira akamaro*+,
akakuyobora mu nzira ukwiye gucamwo+.
18 Ese iyaba wokwumviriza amabwirizwa yanje+!
Izina ryabo ntiryokwigera rirandurwa canke ngo rizimanganywe imbere yanje.»
Nimuhunge Abakaludaya!
Nimubimenyekanishe n’akamo k’umunezero, mubitangaze+.
Nimuvyamamaze gushika ku mpera z’isi+.
Nimuvuge muti: «Yehova yacunguye umusavyi wiwe Yakobo+.
21 Ntibanyotewe igihe yabacisha mu bibanza vyatikijwe+.
Yatumye amazi atemba avuye mu gitandara.
Yasatuye igitandara amazi ararindimuka+.»