Yesaya
40 Imana yanyu ivuze iti: «Nimuhoze, nimuhoze abantu banje+.
2 Nimuremeshe ab’i Yeruzalemu*,
mubatangarize yuko igikorwa cabo c’agahato kirangiye,
yuko ikosa ryabo ryishuwe+.
Ukuboko kwa Yehova kwarabahaye ibikwiranye* n’ibicumuro vyose bakoze+.»
3 Hari ijwi ry’umuntu mu bugaragwa asemerera ati:
«Nimutunganye* inzira ya Yehova+!
Nimucire Imana yacu ibarabara rikuru*+ kandi rigororotse mu bugaragwa+.
4 Umubande wose niwuzuzwe,
umusozi wose n’umurambi wose na vyo bimanurwe.
Ubutaka bwuzuyeko ibidunduri butegerezwa kuringanizwa,
ubutaka butaringaniye bugacika ikiyaya+.
5 Ubuninahazwa bwa Yehova buzohishurwa+,
kandi abantu bose* bazobibona+,
kuko akanwa ka Yehova ari ko kabivuze.»
6 Umve! Hari uwuriko avuga ati: «Semerera!»
Uwundi akamubaza ati: «Nsemerere iki?»
Uti: «Abantu bose* ni ivyatsi bitoto,
kandi urukundo* rwabo ni nk’ishurwe ryo mu gahinga+.
Ni ukuri abantu ni ivyatsi bitoto gusa.
Duza ijwi ushiremwo inguvu,
wa mugore uzaniye inkuru nziza Yeruzalemu.
Riduze. Ntutinye.
Tangariza ibisagara vy’Ubuyuda uti: «Ng’iyi Imana yanyu+.»
Raba! Imana ije ifise impera itanga,
kandi impembo itanga iri imbere yayo+.
11 Kurya kw’umwungere, azokwitaho* ubusho bwiwe+.
Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe,
ayitware mu gikiriza ciwe.
Izonsa azoziyobora yengenga+.
12 Ni nde yageze amazi mu rushi rwiwe+,
agapima uko ijuru ringana akoresheje intambwe y’ikiganza* ciwe?
Ni nde yakoranirije umukungugu w’isi mu gikoresho co gupimisha+,
canke agapima ku munzane
uburemere bw’imisozi n’imirambi?
13 Ni nde yapimye uko impwemu ya Yehova ingana*?
Ni nde ashobora kumuhanura ngo agire ico amwigisha+?
14 Ni nde yagishije inama ngo amufashe gutegera?
Canke ni nde amwigisha inzira y’ubutungane,
canke amwigisha akamuha ubumenyi?
Ni nde amwereka inzira y’ugutegera nyakuri+?
Raba! Imana iterura amazinga nk’umukungugu unoze.
16 Mbere na Libani ntishobora gutanga inkwi zihagije*,
n’ibikoko vyo mw’ishamba vyaho ntivyokwira ngo bibe ishikanwa riturirwa.
18 Mbega Imana mwoyigereranya na nde+?
Mwovuga ko isa gute+?
19 Umunyamwuga arashongesha icuma agakora ikigirwamana,
umucuzi akagihomekako inzahabu+,
agacura n’iminyororo y’ifeza.
Arondera umunyamwuga w’umuhinga
ngo abaze igishusho kitazohenuka+.
21 Mbega nta vyo muzi?
Nta vyo mwumvise?
Nta vyo mwabwiwe kuva mu ntango?
Ntimwabitegereye kuva aho imishinge y’isi yashiriweho+?
Iramvura ijuru nk’igitambara coroshe,
ikarisanza nk’ihema ryo kubamwo+.
24 Bakimara guterwa,
bakimara kubibwa,
igishitsi cabo kikimara gushora imizi mw’isi,
umuyaga urabahuhutirako bagaca buma,
ukabakukumura nk’ibishakara+.
25 Wa Mweranda avuze ati: «Mwonsanisha na nde ngo tungane?
26 Nimuraramure amaso murabe kw’ijuru.
Ni nde yaremye ivyo bintu+?
Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri.
Zose azihamagara mu mazina yazo+.
Kubera inkomezi zitagira uko zingana akoresha n’ububasha buteye akoba afise+,
nta n’imwe muri zo ibura.
27 Ewe Yakobo, nawe Isirayeli, kubera iki muvuga muti:
“Yehova ntabona ivyanje,
kandi Imana ntindenganura+?”
28 Mbega nta vyo uzi? Nta vyo wumvise?
Yehova, we yaremye isi iyo iva ikagera, ni Imana ibihe vyose+.
Ntaruha canke ngo arambirwe+.
Ubwenge* bwiwe nta wushobora kubutahura*+.
30 Abahungu bazoruha barambirwe,
n’imisore itsitare igwe.
31 Mugabo abizigira Yehova bazosubira kugira inguvu.
Bazoduga nk’abafise amababa bārare nk’inkona+.
Bazokwiruka ntibarambirwe,
batambuke ntibaruhe+.»