ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Gusubira mu vyagezwe: ibirimwo

      • Amahanga indwi yategerezwa kurandurwa (1-6)

      • Igituma Imana yatoye Isirayeli (7-11)

      • Kugamburuka vyotumye baroranirwa (12-26)

Gusubira mu vyagezwe 7:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 31:3
  • +Kv 33:2; Yos 3:10
  • +It 15:16
  • +It 10:15-17
  • +Gus 20:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    ‘Igihugu ciza’, rup. 10-11

Gusubira mu vyagezwe 7:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 33:52
  • +Lw 27:29; Yos 6:17; 10:28
  • +Kv 23:32; 34:15; Gus 20:16, 17

Gusubira mu vyagezwe 7:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubucuti bwo gushingirana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 23:12, 13; 1Bm 11:1, 2; Ezr 9:2

Gusubira mu vyagezwe 7:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «gukorera.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 34:16; 1Bm 11:4
  • +Gus 6:14, 15

Gusubira mu vyagezwe 7:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:24; 34:13
  • +Gus 16:21, 22
  • +Gus 7:25; 12:2, 3

Gusubira mu vyagezwe 7:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikintu c’agaciro yigabira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:5, 6; Gus 14:2; Am 3:2

Gusubira mu vyagezwe 7:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 10:15
  • +Gus 10:22

Gusubira mu vyagezwe 7:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»

  • *

    Canke «mu bubasha.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 22:16, 17
  • +Kv 6:6; 13:3, 14

Gusubira mu vyagezwe 7:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikabereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

  • *

    Canke «iyaruka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 34:6, 7

Gusubira mu vyagezwe 7:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 2:22; 2Pt 3:7

Gusubira mu vyagezwe 7:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abereke urukundo rudahemuka (rudahera).»

Gusubira mu vyagezwe 7:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «azohezagira icamwa c’inda zanyu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:9
  • +Lw 26:4
  • +It 13:14, 15

Gusubira mu vyagezwe 7:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 33:29; Zb 147:20
  • +Kv 23:26; Gus 28:11; Zb 127:3

Gusubira mu vyagezwe 7:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:15, 27

Gusubira mu vyagezwe 7:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «muzorotsa.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amaso yanyu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 7:1, 2; 20:16; Yos 10:28
  • +It 15:16; Lw 18:25; Gus 9:5
  • +Kv 20:3
  • +Kv 23:33; Gus 12:30; Abc 2:2, 3; Zb 106:36

Gusubira mu vyagezwe 7:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 13:31

Gusubira mu vyagezwe 7:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 1:29; 31:6; Zb 27:1; Yes 41:10
  • +Kv 14:13

Gusubira mu vyagezwe 7:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibigeragezo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Neh 9:10, 11; Yr 32:20
  • +Gus 4:34
  • +Kv 23:28; Yos 3:10

Gusubira mu vyagezwe 7:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «bata umutwe», «bacika intege.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:29; Gus 2:25; Yos 2:9; 24:12

Gusubira mu vyagezwe 7:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 14:9
  • +Gus 10:17; 1Sm 4:7, 8

Gusubira mu vyagezwe 7:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:30

Gusubira mu vyagezwe 7:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 9:3

Gusubira mu vyagezwe 7:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 10:24; 12:1
  • +Kv 17:14; Zb 9:5
  • +Gus 11:25; Yos 1:5; Rm 8:31
  • +Yos 11:14

Gusubira mu vyagezwe 7:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 12:3; 1Ng 14:12
  • +Yes 30:22
  • +Gus 27:15

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Gus. 7:1Gus 31:3
Gus. 7:1Kv 33:2; Yos 3:10
Gus. 7:1It 15:16
Gus. 7:1It 10:15-17
Gus. 7:1Gus 20:1
Gus. 7:2Gh 33:52
Gus. 7:2Lw 27:29; Yos 6:17; 10:28
Gus. 7:2Kv 23:32; 34:15; Gus 20:16, 17
Gus. 7:3Yos 23:12, 13; 1Bm 11:1, 2; Ezr 9:2
Gus. 7:4Kv 34:16; 1Bm 11:4
Gus. 7:4Gus 6:14, 15
Gus. 7:5Kv 23:24; 34:13
Gus. 7:5Gus 16:21, 22
Gus. 7:5Gus 7:25; 12:2, 3
Gus. 7:6Kv 19:5, 6; Gus 14:2; Am 3:2
Gus. 7:7Gus 10:15
Gus. 7:7Gus 10:22
Gus. 7:8It 22:16, 17
Gus. 7:8Kv 6:6; 13:3, 14
Gus. 7:9Kv 34:6, 7
Gus. 7:10Img 2:22; 2Pt 3:7
Gus. 7:13Lw 26:9
Gus. 7:13Lw 26:4
Gus. 7:13It 13:14, 15
Gus. 7:14Gus 33:29; Zb 147:20
Gus. 7:14Kv 23:26; Gus 28:11; Zb 127:3
Gus. 7:15Gus 28:15, 27
Gus. 7:16Gus 7:1, 2; 20:16; Yos 10:28
Gus. 7:16It 15:16; Lw 18:25; Gus 9:5
Gus. 7:16Kv 20:3
Gus. 7:16Kv 23:33; Gus 12:30; Abc 2:2, 3; Zb 106:36
Gus. 7:17Gh 13:31
Gus. 7:18Gus 1:29; 31:6; Zb 27:1; Yes 41:10
Gus. 7:18Kv 14:13
Gus. 7:19Neh 9:10, 11; Yr 32:20
Gus. 7:19Gus 4:34
Gus. 7:19Kv 23:28; Yos 3:10
Gus. 7:20Kv 23:29; Gus 2:25; Yos 2:9; 24:12
Gus. 7:21Gh 14:9
Gus. 7:21Gus 10:17; 1Sm 4:7, 8
Gus. 7:22Kv 23:30
Gus. 7:23Gus 9:3
Gus. 7:24Yos 10:24; 12:1
Gus. 7:24Kv 17:14; Zb 9:5
Gus. 7:24Gus 11:25; Yos 1:5; Rm 8:31
Gus. 7:24Yos 11:14
Gus. 7:25Gus 12:3; 1Ng 14:12
Gus. 7:25Yes 30:22
Gus. 7:25Gus 27:15
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Gusubira mu vyagezwe 7:1-26

Gusubira mu vyagezwe

7 Yehova Imana yanyu niyamara kubashikana mu gihugu mugira mwigarurire+, azokwirukana imbere yanyu amahanga y’abantu benshi+: Abaheti, Abagirugashi, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, amahanga indwi agizwe n’abantu benshi kandi akomeye kubarusha+. 2 Yehova Imana yanyu azobabaha kandi muzobatsinda+. Muze mubatikize ata kabuza+. Ntimuze mugiranire na bo isezerano canke ngo mubumvire impuhwe+. 3 Ntimuze mwunge ubucuti bwo guhana abageni*. Abakobwa banyu ntimuze mubahe abahungu babo kandi n’abahungu banyu ntimuze mubasabire abakobwa babo+. 4 Kuko bazobuza abahungu banyu kunkurikira, bakabosha gusenga* izindi mana+. Yehova azoca abashavurira cane kandi azoca abazimanganya bidatevye+.

5 Ahubwo ibi ni vyo mukwiye kubakorera: muze musiture ibicaniro vyabo, mumenagure inkingi nyeranda zabo z’amabuye+, mwicire inkingi nyeranda zabo z’ibiti*+ mwongere muturire ibishusho vyabo bibajwe+. 6 Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova Imana yanyu yarabatoye ngo mube abantu biwe, ihanga ryiwe ridasanzwe* mu yandi mahanga yose ari kw’isi+.

7 Yehova ntiyabakunze canke ngo abatore ngo ni uko ihanga ryanyu ryarimwo abantu benshi+. Mbere mwari bakeyi mu yandi mahanga yose+. 8 Ahubwo kubera yuko Yehova abakunda kandi akubaha indahiro yarahiye ba sokuruza banyu+, ni co catumye Yehova akoresha ububasha bwiwe akabakura mu gihugu mwabayemwo muri abashumba*+, akabakura mu kuboko* kwa Farawo umwami wa Misiri. 9 Murazi neza ko Yehova Imana yanyu ari we Mana y’ukuri, Imana yo kwizigirwa, ishitsa ivyo yasezeraniye abayikunda kandi bubahiriza amabwirizwa yayo, ikongera ikabagirira ubuntu* gushika ku runganwe* rwabo rugira igihumbi+. 10 Ariko abamwanka ntateba kubihora mu kubatikiza+. Ntiyihanganira abamwanka. Ntateba kubihora. 11 Ku bw’ivyo rero, mutegerezwa kwubaha amabwirizwa, amategeko n’ingingo ndiko ndabaha uyu musi, mukabikurikiza.

12 Nimwaguma mwumviriza ayo mategeko, mukayubaha kandi mukayakurikiza, Yehova Imana yanyu azoshitsa isezerano yagiraniye namwe yongere abagirire neza*, nk’uko yabirahiye ba sokuruza banyu. 13 Azobakunda, abahezagire yongere abagwize. Emwe, azobahezagira muronke abana benshi*+, ivyimburwa, intete, umuvinyu mushasha, amavuta+, imitavu y’inka n’imyagazi y’intama mu gihugu yarahiye ba sokuruza banyu ko azokibaha+. 14 Muzohezagirwa cane mu yandi mahanga yose+. Nta mugabo canke umugore wo muri mwebwe azoba ingumba, kandi n’ibitungwa vyanyu ntibizoba ingumba+. 15 Yehova azoshira kure yanyu indwara zose, kandi ntazokwigera abateza ikiza na kimwe giteye ubwoba nka bimwe mwabona mu Misiri+. Ahubwo azobiteza abansi banyu bose. 16 Muzotikiza* amahanga yose Yehova Imana yanyu azobaha+. Ntimuze* mubumvire akagongwe+, kandi ntimuze musenge imana zabo+ kuko vyobabera umutego+.

17 Nimwibwira mu mitima yanyu muti: “Aya mahanga arimwo abantu benshi kuturusha. Tuzoshobora kubirukana gute+?” 18 Ntimuze mubatinye+. Muze mwibuke ivyo Yehova Imana yanyu yakoreye Farawo n’Abanyamisiri bose+. 19 Muze mwibuke kandi vya bihano* bikomeye mwibonera n’amaso yanyu, ibimenyetso, ibitangaro+ be n’ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha Yehova Imana yanyu yakoresheje mu kubakura mu Misiri+. Ivyo ni vyo Yehova Imana yanyu azokorera ayo mahanga yose mutinya+. 20 Yehova Imana yanyu azotuma batekerwa n’ubwoba* gushika aho abazoba basigaye+ n’abazoba binyegeje bahona. 21 Ntimuze muranduke umutima kubera bo, kuko Yehova Imana yanyu ari kumwe namwe+. Ni Imana ikomeye kandi iteye ubwoba+.

22 Yehova Imana yanyu azokwirukana bukebuke ayo mahanga yose+. Ntimuzokwemererwa kuyatikiza ningoga, kugira ngo ibikoko vyo mw’ishamba ntibigwire bigahava bibagirira nabi. 23 Yehova Imana yanyu azobaha ayo mahanga kandi azoyatsinda bimwe bikomeye gushika aherengeteye+. 24 Azobafasha gutsinda abami bayo+ ku buryo n’amazina yabo azimangana munsi y’ijuru+. Nta n’umwe azobananira+, gushika mubaherengeteje bose+. 25 Muze muturire ibishusho bibajwe vy’imana zabo+. Ntimuze mwipfuze ifeza n’inzahabu ziri kuri vyo canke ngo muzitware+ kugira ntibihave bibabera umutego, kuko ico ari ikintu gishisha Yehova Imana yanyu+. 26 Ntimuze muzane mu mazu yanyu ikintu gishisha, kuko namwe mwohava muba abo gutikizwa nka co. Mukwiye kucanka urunuka, kikabashisha rwose kuko ari ikintu co gutikizwa.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika