Ezira
10 Ezira akiriko arasenga+ yatura ibicumuro yongera arira yubaraye hasi imbere y’inzu y’Imana y’ukuri, isinzi rinini ry’abagabo n’abagore n’abana bo muri Isirayeli bakoranira aho ari, barira cane. 2 Maze Shekaniya mwene Yehiyele+ wo muri bene Elamu+ abwira Ezira ati: «Twarahemukiye Imana yacu turongora* abagore b’abanyamahangakazi bo muri iki gihugu+. Naho ari ukwo, haracariho icizigiro kuri Isirayeli. 3 Tugirane rero isezerano n’Imana yacu+ ryo kwirukana abo bagore bose n’abo bavyaye. Tubikore twisunze ivyo Yehova n’abubaha cane* amabwirizwa y’Imana yacu badusaba+, twubahirize amategeko. 4 Va hasi kuko ari wewe vyega. Natwe turi inyuma yawe. Komera rero, ubikore.»
5 Ezira aca ava hasi, asaba abakuru b’abaherezi, Abalewi n’Abisirayeli bose ngo barahire yuko bazokora ivyo Shekaniya yavuze+. Nuko bararahira. 6 Ezira aca ava imbere y’inzu y’Imana y’ukuri, aja mu cumba* ca Yehohanani mwene Eliyashibu. Naho yagiyeyo, ntiyariye canke ngo anywe amazi kuko yari akigandaye kubera ubuhemu bw’abavuye mu bunyagano+.
7 Maze batangaza mu Buyuda hose n’i Yeruzalemu ngo abahoze mu bunyagano bose bakoranire i Yeruzalemu. 8 Bamenyeshwa ko abatware n’abashingantahe bafashe ingingo y’uko uwo wese atazoba yaje mu kiringo c’imisi itatu, ibintu vyiwe vyose bizofatwa*, na we akaba igicibwa mw’ishengero ry’abavuye mu bunyagano+. 9 Nuko muri iyo misi itatu, abagabo bose bo mu Buyuda no mu karere ka Benyamini bakoranira i Yeruzalemu. Hari mu kwezi kugira icenda, ku musi ugira 20 w’ukwo kwezi. Abantu bose bari bicaye mu kigo c’inzu y’Imana y’ukuri bajugumira kubera ikibazo cabakoranije no kubera imvura nyinshi.
10 Maze umuherezi Ezira arahaguruka ababwira ati: «Mwarahemutse kubera mwarongoye abagore b’abanyamahangakazi+, mwongereza icaha c’Abisirayeli. 11 Ubu rero nimwaturire ibicumuro vyanyu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, mukore ivyo agomba. Nimwitandukanye n’abantu bo muri iki gihugu be n’abo bagore b’abanyamahangakazi+.» 12 Ishengero ryose rica ryishura n’ijwi rirenga riti: «Dutegerezwa gukora neza na neza ivyo utubwiye. 13 Ariko turi benshi kandi ni mu gihe c’imvura. Ntibikunda ko tuguma duhagaze hanze, kandi iki kibazo ntikizotwara umusi umwe canke ibiri kuko twagararije cane muri ivyo. 14 Turagusavye rero abatware bacu babe ari bo baserukira ishengero ryose+. Abagabo bose bo mu bisagara vyacu barongoye abagore b’abanyamahangakazi, bazoze barahurira ng’aha kw’isango babahaye. Bazoze bazananye n’abashingantahe n’abacamanza bo mu bisagara vyabo, gushika duhwamitse ishavu rirurumba Imana yacu idufitiye kubera ico kintu twakoze.»
15 Ariko Yonatani mwene Asaheli na Yahizeya mwene Tikiva barwanya ico ciyumviro, kandi Umulewi yitwa Meshulamu n’uwitwa Shabetayi+ barabashigikira. 16 Mugabo abahora mu bunyagano bashira mu ngiro ivyo bari bumvikanye. Nuko umuherezi Ezira n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, bose bakaba bari banditswe amazina, bakoranira hamwe ukwabo ku musi wa mbere w’ukwezi kugira cumi kugira ngo bige ico kibazo. 17 Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere ni ho barangiza gutunganya ikibazo c’abagabo barongoye abagore b’abanyamahangakazi. 18 Basanze mu bahungu b’abaherezi hari abarongoye abagore b’abanyamahangakazi+. Bari abahungu ba Yeshuwa+ mwene Yehozadaki na benewabo. Amazina yabo ni aya: Mayaseya, Eliyezeri, Yaribu na Gedaliya. 19 Mugabo basezerana* kwirukana abagore babo no gutanga impfizi y’intama kubera icaha bakoze+.
20 Abandi baherezi bakoze ico caha bari aba: mu bahungu ba Imeri+ yari Hanani na Zebadiya. 21 Mu bahungu ba Harimu+ yari Mayaseya, Eliya, Shemaya, Yehiyele na Uziya. 22 Mu bahungu ba Pashuri+ yari Eliyowenayi, Mayaseya, Ishimayeli, Netaneli, Yozabadi na Eleyasa. 23 Mu Balewi yari Yozabadi, Shimeyi, Kelaya (ari we Kelita), Petahiya, Yuda na Eliyezeri. 24 Mu baririmvyi yari Eliyashibu. Mu barinzi b’amarembo na ho yari Shalumu, Telemu na Uri.
25 Mu bandi Bisirayeli, abacumuye bari aba: mu bahungu ba Paroshi+ yari Ramiya, Iziya, Malikiya, Miyamini, Eleyazari, Malikiya na Benaya. 26 Mu bahungu ba Elamu+ yari Mataniya, Zakariya, Yehiyele+, Abudi, Yeremoti na Eliya. 27 Mu bahungu ba Zatu+ yari Eliyowenayi, Eliyashibu, Mataniya, Yeremoti, Zabadi na Aziza. 28 Mu bahungu ba Bebayi+ yari Yehohanani, Hananiya, Zabayi na Atalayi. 29 Mu bahungu ba Bani yari Meshulamu, Maluku, Adaya, Yashubu, Sheyali na Yeremoti. 30 Mu bahungu ba Pahati-Mowabu+ yari Aduna, Kelali, Benaya, Mayaseya, Mataniya, Bezaleli, Binuwi na Manase. 31 Mu bahungu ba Harimu+ yari Eliyezeri, Ishiya, Malikiya+, Shemaya, Shimeyoni, 32 Benyamini, Maluku na Shemariya. 33 Mu bahungu ba Hashumu+ yari Matenayi, Matata, Zabadi, Elifeleti, Yeremayi, Manase na Shimeyi. 34 Mu bahungu ba Bani yari Mayadayi, Amuramu, Uweli, 35 Benaya, Bedeya, Keluhi, 36 Vaniya, Meremoti, Eliyashibu, 37 Mataniya, Matenayi na Yahasu. 38 Mu bahungu ba Binuwi yari Shimeyi, 39 Shelemiya, Natani, Adaya, 40 Makinadebayi, Shashayi, Sharayi, 41 Azareli, Shelemiya, Shemariya, 42 Shalumu, Amariya na Yozefu. 43 Mu bahungu ba Nebo yari Yeyeli, Matitiya, Zabadi, Zebina, Yadayi, Yoweli na Benaya. 44 Abo bose bari bararongoye abagore b’abanyamahangakazi+. Barabirukanye bo n’abana babo+.