Indirimbo ya Salomo
8 Ese iyaba wari nka musazanje,
yonse amabere ya mawe!
Nari kugusanga hanze nkagusoma+,
kandi nta n’umwe yari kunsuzugura.
Nari kuguha umuvinyu urimwo ibimota,
umutobe mushasha w’amakomamanga.
4 Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahije:
ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.»
5 «Uwo mukobwa ariko aduga mu bugaragwa
yegamiye umukunzi wiwe ni nde?»
«Nagukanguye uri munsi y’igiti c’amapome.
Aho ni ho nyoko wawe yafatiwe n’ibise vy’inda yawe.
Aho ni ho uwakwibarutse yafatiwe n’ibise.
6 Nunshire ku mutima wawe nk’ikidodo,
nk’ikidodo ku kuboko kwawe,
kuko urukundo rukomeye nk’urupfu+,
ukudahemuka na kwo kugakomera nk’ukuzimu.
Imbeya zarwo ni umuriro ururumba, urubeya rwa Yehova*+.
Naho umuntu yotanga ubutunzi bwose afise mu nzu yiwe kugira agure urukundo,
abantu bobusuzugura* cane.»
Tuzomugirira iki
umusi bazomusaba?»
9 «Niyaba ari uruhome,
tuzomwubakako umunara w’ifeza.
Mugabo niyaba ari umuryango,
tuzomuzibiza urubaho rw’isederi.»
10 «Ndi uruhome,
kandi amabere yanje ameze nk’iminara.
Ni co gituma igihe andavye
abona ko mfise amahoro.
11 Salomo yari afise umurima w’imizabibu+ i Bayali-Hamoni.
Uwo murima yawujeje abawitwararika,
kandi umwe wese yaza aramuha ifeza igihumbi kubera umwimbu wawo.
12 Ndifitiye umurima wanje w’imizabibu.
Ewe Salomo, izo feza igihumbi* ni rwawe,
amajana abiri na zo ni iz’abitwararika umwimbu wawo.»
kandi na jewe ndashashaye kukumva+.»