ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abaroma 16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abaroma: ibirimwo

      • Pawulo amenyesha ivyerekeye Foyibe (1, 2)

      • Indamutso ku bakirisu b’i Roma (3-16)

      • Kwirinda amacakubiri (17-20)

      • Indamutso z’abakorana na Pawulo (21-24)

      • Ibanga ryeranda ubu rirazwi (25-27)

Abaroma 16:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nshimye kurata imbere yanyu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 18:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Be maso!,

    10/2010, rup. 14

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2005, rup. 21, 23

Abaroma 16:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 12:13; 1Yh 3:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2005, rup. 21, 23

Abaroma 16:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yitwa kandi Prisila.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivk 18:2, 24, 26; 2Tm 4:19

Abaroma 16:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Yh 3:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2013, rup. 10-11

Abaroma 16:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «rikoranira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Kr 16:19; Kl 4:15; Fm 2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2002, rup. 7

Abaroma 16:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 16:11

Abaroma 16:12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2013, rup. 28-29

Abaroma 16:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «yatowe.»

Abaroma 16:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu kigiriki havuga ngo «muramukanishe ugusomana kweranda.»

Abaroma 16:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 7:15; Tt 3:10; 2Yh 10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2011, rup. 16

Abaroma 16:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inda zabo.»

Abaroma 16:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Kr 14:20

Abaroma 16:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 3:15; Heb 2:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Be maso!,

    no. 1 2021 rup. 12

    Umunara w’Inderetsi,

    1/9/2011, rup. 9

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 287

Abaroma 16:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 16:7

Abaroma 16:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umukozi mukuru.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Kr 1:14

Abaroma 16:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya A3.

Abaroma 16:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ef 1:9-12; Kl 1:26, 27

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/1997, rup. 27

Abaroma 16:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ryarahishuwe.»

Abaroma 16:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rm 11:33

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Niwiyegereze, rup. 176-178

    Umunara w’Inderetsi,

    15/4/2009, rup. 15

    15/5/2007, rup. 24-25

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Rom. 16:1Ivk 18:18
Rom. 16:2Rm 12:13; 1Yh 3:17
Rom. 16:3Ivk 18:2, 24, 26; 2Tm 4:19
Rom. 16:41Yh 3:16
Rom. 16:51Kr 16:19; Kl 4:15; Fm 2
Rom. 16:7Rm 16:11
Rom. 16:17Mt 7:15; Tt 3:10; 2Yh 10
Rom. 16:191Kr 14:20
Rom. 16:20It 3:15; Heb 2:14
Rom. 16:21Rm 16:7
Rom. 16:231Kr 1:14
Rom. 16:25Ef 1:9-12; Kl 1:26, 27
Rom. 16:27Rm 11:33
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abaroma 16:1-27

Abaroma

16 Nshimye kubamenyesha ivyerekeye* mushiki wacu Foyibe, umusuku wo mw’ishengero ry’i Kenkireya+. 2 Nimumuhe ikaze mu Mukama mu buryo bubereye aberanda, mumuronse ivyo yokenera vyose+, kuko na we nyene yarwaniye benshi, na jewe ndimwo.

3 Mundamukirize Prisika* na Akwila+, abakozi bagenzanje muri Kristu Yezu. 4 Baremeye guhakwa gucibwa amazosi ku bwanje+. Kandi si jewe gusa ndabakengurukira, n’amashengero yose yo mu mahanga arabakengurukira. 5 Muramutse n’ishengero risengera* mu nzu yabo+. Muramutse umuvukanyi nkunda cane Epeneto. Ari mu batanguye kwizera Kristu muri Aziya. 6 Muramutse Mariya, umwe yabira akuya cane ku bwanyu. 7 Muramutse Andoroniko na Yuniya, incuti zanje+ n’imbohe bagenzanje, abagabo bazwi neza n’intumwa kandi bamaze igihe kirekire kundusha bunze ubumwe na Kristu.

8 Mundamukirize Ampuliyato, umuvukanyi nkunda cane yizera Umukama. 9 Muramutse Urubano, umukozi mugenzi wacu muri Kristu, na Sitaku, umuvukanyi nkunda cane. 10 Muramutse Apele, umusuku ashimwa na Kristu. Muramutse abo mu rugo rwa Arisitobulo. 11 Muramutse incuti yanje Herodiyoni. Muramutse abo mu rugo rwa Narasisi bizera Umukama. 12 Muramutse Tirifena na Tirifoza, abagore bakora cane mu Mukama. Muramutse mushiki wacu nkunda cane Perusi, kuko yabize akuya cane mu Mukama. 13 Muramutse Rufo umusuku adasanzwe* w’Umukama, be na nyina wiwe akaba na mawe. 14 Muramutse Asunkirito, Filegoni, Heremesi, Patiroba, Heruma, n’abavukanyi bari kumwe na bo. 15 Muramutse Filologo na Yuliya, Nereya na mushikiwe, na Olimpa n’aberanda bose bari kumwe na bo. 16 Muramukanye mu kugumbirana n’igishika*. Amashengero yose ya Kristu arabaramutsa.

17 Ndabahimiriza rero bavukanyi, ngo mugumize ijisho ku bazana amacakubiri n’ibitsitaza, bikaba ari ibintu biteye kubiri n’inyigisho mwize, kandi mubirinde+. 18 Kuko abantu mwene abo atari abashumba b’Umukama wacu Kristu, ahubwo ni abashumba b’ivyipfuzo vyabo*. Bakoresha akarimi gasosa n’amajambo yo gusigana inkore ku maso, kugira baryosharyoshe imitima y’abantu ata co bicura. 19 Ubugamburutsi bwanyu bwaramenyekanye hose, ni co gituma mumpimbara cane. Ariko nshaka ko muba inkerebutsi mu gukora iciza, ariko mukaba intungane mu kwirinda ikibi+. 20 Ya Mana itanga amahoro, vuba izofyonyorera Shetani+ munsi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu bubane namwe!

21 Umukozi mugenzanje Timoteyo arabaramutsa, n’incuti zanje+ Lusiyo, Yasoni na Sosipatero.

22 Na jewe Teritiyo nanditse iri kete, ndabaramukije mu Mukama.

23 Gayo+ arabaramutsa. Ni we ampaye indaro, kandi n’ishengero ryose rigirira amakoraniro iwe. Erasito umunyabigega* w’igisagara arabaramutsa, na mwenewabo Kwaruto. 24* ——

25 Imana irashobora kubakomeza biciye ku nkuru nziza menyesha no ku vyo namamaza vyerekeye Yezu Kristu. Iyo nkuru nziza yahishuwe biciye kuri rya banga ryeranda+ ryamaze igihe kirekire cane rihishijwe. 26 Mugabo ubu ryarashizwe ahabona* ryongera riramenyekana mu mahanga yose, biciye ku buhanuzi bwo mu Vyanditswe. Ya Mana yamaho yategetse ko rimenyekanishwa kugira abantu baremeshwe kugamburuka bivuye ku kwizera. 27 Imana, imwe yonyene ifise ubukerebutsi+, ininahazwe ibihe vyose biciye kuri Yezu Kristu! Amen.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika