Petero wa mbere
3 Bagore, na mwebwe nyene nimuyobokere abagabo banyu+, kugira ngo nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso zanyu+, 2 kubera biboneye ingeso zanyu nziza*+, bakabona n’uko mububaha cane. 3 Ugushaza kwanyu ntikube canecane ukw’inyuma, ni ukuvuga ugusuka* imishatsi no kwambara udusharizo tw’inzahabu+ canke impuzu nziza. 4 Ahubwo ugushaza kwanyu kubonekere ku co muri imbere mu mutima*, ku bwiza budatituka bw’umutima utekereje kandi witonda+, ari na wo ufise agaciro kanini imbere y’Imana. 5 Kuko ukwo ari ko abagore beranda ba kera bizigira Imana bishariza, bakayobokera abagabo babo, 6 nk’uko Sara yagamburukira Aburahamu, akamwita umutware* wiwe+. Namwe mwacitse abana biwe, mukire kuguma mukora iciza kandi mudatinya+.
7 Namwe bagabo, nimubandanye kubana n’abagore banyu mwisunze ubumenyi*. Mubatere iteka+ mu kubafata nk’icombo kitanganya namwe gukomera, kuko na bo nyene ari ba samuragwa b’ubuzima dukesha ubuntu buhebuje* bw’Imana, cokimwe namwe+. Mubigire kugira ntihagire igitangira amasengesho yanyu.
8 Ubwa nyuma, mwese mwiyumvire muhuza+, mubabarane, mukunde abavukanyi, mugire impuhwe+ n’ukwicisha bugufi+. 9 Ntimwishure ikibi ku kindi+ canke igitutsi ku kindi+. Ahubwo mwishure mu bugwaneza*+, kuko ivyo ari vyo mwahamagariwe kugira mutorane umuhezagiro.
10 Kuko handitswe ngo: «Uwushaka gukunda ubuzima no kwiberaho ahimbawe ategerezwa kurinda ururimi rwiwe kuvuga ibibi+, n’iminwa yiwe akayirinda kuvuga ibinyoma. 11 Nareke ikibi+, akore iciza+. Narondere amahoro, ayakurikirane+. 12 Kuko amaso ya Yehova* ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe arumva ugutakamba kwabo+, ariko Yehova* arwanya abakora ibintu bibi+.»
13 Mu vy’ukuri, ni nde azobagirira nabi nimba mufise umwete wo gukora iciza+? 14 Mugabo naho mwobabara muhorwa ubugororotsi, muba muhiriwe+. Ariko ntimutinye ico batinya* canke ngo muhagarike umutima+. 15 Mugabo mwemere mu mitima yanyu ko Kristu ari Umukama be n’uko ari mweranda, mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese ababajije ishimikiro* ry’icizigiro mufise. Mugabo mubigirane ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure+.
16 Mugumane ijwi ryiza ryo mu mutima+, kugira ngo naho bobavuga nabi gute, ababavuga nabi bamaramare+ kubera mwigenza neza nk’abayoboke ba Kristu+. 17 Mwopfuma mubabazwa muhorwa ko muriko mukora iciza+, nimba Imana yemeye ko bibashikira, aho guhorwa ko muriko mukora ikibi+. 18 Kuko na Kristu yapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro vy’abantu+, umuntu w’umugororotsi apfira abantu batagororotse+ kugira abajane ku Mana+. Yishwe mu mubiri+ mugabo agirwa muzima mu mpwemu+. 19 Aho amariye kugira umubiri w’impwemu, yaragiye abwira ubutumwa bw’urubanza impwemu ziri mw’ibohero+. 20 Izo mpwemu zari zaragambaraye kera, hamwe Imana yari irindiriye yihanganye* mu gihe ca Nowa+, ca gihe ubwato bwariko burubakwa+, ubwo abantu bakeyi, ni ukuvuga abantu umunani, bakirijwemwo biciye mu mazi+.
21 Igihuye n’ivyo ni ibatisimu. Ni yo namwe ubu iriko irabakiza biciye kw’izuka rya Yezu Kristu. Ibatisimu ntikuraho umucafu w’umubiri, ahubwo ni uburyo bwo gusaba Imana ijwi ryo mu mutima ryiza+. 22 Yezu ari iburyo bw’Imana+ kuko yagiye mw’ijuru, kandi yarahawe kuganza abamarayika n’abafise ubukuru n’ububasha+.