Abagalatiya
6 Bavukanyi, bishitse umuntu agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya, mwebwe mukwije ibisabwa mu vy’impwemu mugerageze kumubogora n’umutima w’ubwitonzi+. Mugabo wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+. 2 Mubandanye kwikoreranira imizigo+. Aho muzoba muriko murashitsa rya tegeko rya Kristu+. 3 Kuko nimba umuntu yiyumvira ko ahambaye kandi ari ubusa+, aba ariko arihenda. 4 Ahubwo umwe wese nasuzume ibikorwa vyiwe bwite+, ni ho azogira imvo yo kunezererwa ivyo akora, atari kubera yigereranije n’uwundi+. 5 Kuko umwe wese azokwikorera umutwaro* wiwe bwite+.
6 Vyongeye, umuntu wese yigishwa* ijambo ry’Imana, nasangire ivyiza vyose n’uwutanga iyo nyigisho*+.
7 Ntimuzimire: Imana nta wuyihenda*. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+. 8 Uwubiba yisunga umubiri wiwe azokwimbura ukubora mu mubiri wiwe. Ariko uwubiba yisunga impwemu azokwimbura ubuzima budahera mu mpwemu+. 9 Ntiduhebe rero gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutarambirwa*+. 10 Nuko rero tugifise akaryo ko kubigira*, dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera.
11 Raba ibidome binini nkoresheje mu kubandikira n’ukuboko kwanje bwite.
12 Abo bose bashaka kuboneka neza mu mubiri* ni bo bagerageza kubagobera ngo mugenyerwe, kugira gusa ntibahamwe bahorwa igiti co kubabarizwako* ca Kristu. 13 Kuko na barya bagenyerwa batubahiriza amategeko+, ahubwo bashaka ko mugenyerwa kugira baronke imvo yo kwirata ku bijanye n’umubiri wanyu. 14 Nayo jewe, ese ntokwigera nirata, kiretse niratiye igiti co kubabarizwako* c’Umukama wacu Yezu Kristu+. Biciye kuri we, mbona ko isi yishwe*, isi na yo ikabona ko nishwe. 15 Kuko igihambaye atari ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+, ahubwo ni ukuba ikiremwa gishasha+. 16 Rero abo bose babaho mu buryo bubereye bisunze iyo ngingo ngenderwako, amahoro n’imbabazi bibe kuri bo, egome, kuri Isirayeli y’Imana+.
17 Kuva ubu, ntihagire umuntu n’umwe angora, kuko ku mubiri mfise inkovu* zerekana ko ndi umushumba wa Yezu+.
18 Bavukanyi, ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe kubera umutima mwerekana. Amen.