Imigani
31 Amajambo y’umwami Lemuweli, ubutumwa buhambaye nyina wiwe yamuhaye kugira amwigishe+:
2 Ndakubwire iki ga mwananje?
Ndakubwire iki ga mwana nivyariye?
Ndakubwire iki ga mwana w’indagano zanje+?
4 Ewe Lemuweli, ntibibereye,
ntibibereye ko abami banywa umuvinyu,
canke ko abatware bavuga ngo: «Duhe inzoga twinywere+!»
5 Ahandiho bonywa bakibagira amategeko,
maze bakagoramika urubanza rw’abantu batobato.
7 Nibanywe maze bibagire ubukene bwabo,
ntibasubire kwibuka ingorane zabo.
א [Alefu]
10 Umugore abishoboye*+ ni nde yomuronka?
Ari n’agaciro kuruta amabuye y’agaciro yitwa korali*.
ב [Beti]
11 Umugabo wiwe aramwizigira n’umutima wiwe wose,
kandi araronka ivyo akeneye vyose.
ג [Gimelu]
12 Yishura ivyiza umugabo wiwe,
kandi nta kibi na kimwe amukorera, ubuzima bwiwe bwose.
ד [Daleti]
ה [He]
ו [Vau]
ז [Zayini]
16 Ariyumvira kwironsa itongo kandi akarigura,
agatera umurima w’imizabibu akoresheje ivyo yabiriye akuya*.
ח [Heti]
ט [Teti]
18 Arabona ko urudandaza rwiwe rwunguka,
kandi itara ryiwe ntirizima mw’ijoro.
י [Yodi]
19 Amaboko yiwe afata inkoni iriko ikizingo kivamwo inyuzi,
intoke ziwe na zo zigafata agati bazingirako urunyuzi+.
כ [Kafu]
ל [Lamedi]
21 Ntatinya ko imbeho* yobangamira urugo rwiwe,
kuko abo mu rugo rwiwe bose bambaye impuzu zisusurutsa*.
מ [Memu]
22 Ni we yihingurira ibisaswa.
Impuzu ziwe zikozwe mu nyuzi z’ilino* no mu bwoya busa n’umuyugubwe*.
נ [Nuni]
ס [Sameki]
ע [Ayini]
פ [Pe]
צ [Tsade]
ק [Kofu]
28 Abana biwe barahaguruka bakavuga ko ahiriwe,
kandi umugabo wiwe arahaguruka akamushemeza.
ר [Reshi]
ש [Shini]
30 Igikundiro kirashobora guhenda, n’ubwiza burashobora guhera*+,
ariko umugore atinya Yehova azoshemezwa+.
ת [Tau]