ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 23
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Yehoyada agira ico akoze. Yehowasi yimikwa (1-11)

      • Ataliya yicwa (12-15)

      • Ibintu Yehoyada yahinduye (16-21)

2 Ngoma 23:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:4

2 Ngoma 23:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 8:14

2 Ngoma 23:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 5:3
  • +2Sm 7:8, 12; 1Bm 2:4; 9:5; Zb 89:20, 29

2 Ngoma 23:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 24:3
  • +2Bm 11:5-8; 1Ng 9:22-25; 26:1

2 Ngoma 23:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku kirimba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 7:1
  • +1Bm 7:12

2 Ngoma 23:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 23:28, 32

2 Ngoma 23:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «igihe asohotse n’igihe yinjiye.»

2 Ngoma 23:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:9-12
  • +1Ng 24:1; 26:1

2 Ngoma 23:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:4
  • +2Sm 8:7
  • +1Ng 26:26, 27; 2Ng 5:1

2 Ngoma 23:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikirwanisho batera.»

2 Ngoma 23:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «bamushirako na ca cabona.»

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:2
  • +Gus 17:18
  • +1Sm 10:1, 24

2 Ngoma 23:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:13-16

2 Ngoma 23:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ni bo batanga ikimenyetso co gushemeza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 23:1
  • +1Bm 1:39, 40

2 Ngoma 23:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «uwumukurikira.»

2 Ngoma 23:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»

2 Ngoma 23:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:17, 18; 2Ng 34:1, 31

2 Ngoma 23:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 10:27, 28
  • +Gus 12:3; 2Ng 34:1, 4
  • +Gus 13:5; 1Bm 18:40

2 Ngoma 23:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 23:6, 30, 31
  • +Kv 29:38; Gh 28:2

2 Ngoma 23:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 9:26; 26:1, 13

2 Ngoma 23:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 11:9
  • +1Bm 7:7; 2Bm 11:19, 20

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 23:12Bm 11:4
2 Ngo. 23:22Ng 8:14
2 Ngo. 23:32Sm 5:3
2 Ngo. 23:32Sm 7:8, 12; 1Bm 2:4; 9:5; Zb 89:20, 29
2 Ngo. 23:41Ng 24:3
2 Ngo. 23:42Bm 11:5-8; 1Ng 9:22-25; 26:1
2 Ngo. 23:51Bm 7:1
2 Ngo. 23:51Bm 7:12
2 Ngo. 23:61Ng 23:28, 32
2 Ngo. 23:82Bm 11:9-12
2 Ngo. 23:81Ng 24:1; 26:1
2 Ngo. 23:92Bm 11:4
2 Ngo. 23:92Sm 8:7
2 Ngo. 23:91Ng 26:26, 27; 2Ng 5:1
2 Ngo. 23:112Bm 11:2
2 Ngo. 23:11Gus 17:18
2 Ngo. 23:111Sm 10:1, 24
2 Ngo. 23:122Bm 11:13-16
2 Ngo. 23:132Ng 23:1
2 Ngo. 23:131Bm 1:39, 40
2 Ngo. 23:162Bm 11:17, 18; 2Ng 34:1, 31
2 Ngo. 23:172Bm 10:27, 28
2 Ngo. 23:17Gus 12:3; 2Ng 34:1, 4
2 Ngo. 23:17Gus 13:5; 1Bm 18:40
2 Ngo. 23:181Ng 23:6, 30, 31
2 Ngo. 23:18Kv 29:38; Gh 28:2
2 Ngo. 23:191Ng 9:26; 26:1, 13
2 Ngo. 23:202Bm 11:9
2 Ngo. 23:201Bm 7:7; 2Bm 11:19, 20
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 23:1-21

Ngoma za kabiri

23 Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada agira umutima rugabo maze agirana isezerano n’abakuru b’abasoda 100+. Abo bakuru bari aba: Azariya mwene Yerohamu, Ishimayeli mwene Yehohanani, Azariya mwene Obedi, Mayaseya mwene Adaya na Elishafati mwene Zikiri. 2 Maze baja hirya no hino mu Buyuda, bakoraniriza hamwe Abalewi+ bo mu bisagara vyose vyo mu Buyuda, bakoranya n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli. Bashitse i Yeruzalemu, 3 ishengero ryose rigirana isezerano+ n’umwami mu nzu y’Imana y’ukuri, hanyuma Yehoyada ababwira ati:

«Umuhungu w’umwami azoganza, nk’uko Yehova yabisezeranye ku biraba abahungu ba Dawidi+. 4 Uku ni ko muzokora: abaherezi n’Abalewi bazoba bakoze+ kw’isabato bazoba bari mu migwi itatu. Umugwi wa mbere uzoba uri ku marembo+, 5 umugwi ugira kabiri uzoba uri ku nzu* y’umwami+, uwa gatatu na wo uzoba uri kw’irembo ry’umushinge. Abandi bantu bose bazoba bari mu bigo vy’inzu ya Yehova+. 6 Ntihaze hagire n’umwe mwemerera kwinjira mu nzu ya Yehova atari abaherezi n’Abalewi bazoba bari ku gikorwa+. Abo ni bo bazokwinjira, kuko umugwi wabo ari mweranda. Abandi bantu bose bazokora ivyo basabwa na Yehova. 7 Abalewi baze bakikuze umwami impande zose, umwe wese afise ibirwanisho vyiwe mu kuboko. Uwuzogerageza kwinjira mu rusengero* wese azoce yicwa. Muze mugumane n’umwami aho azoba agiye hose*.»

8 Abalewi n’ababa mu Buyuda bose bakora nk’uko nyene umuherezi Yehoyada abategetse. Nuko umukuru wese atora abo atwara, ni ukuvuga abakoze kw’isabato n’abatakoze+, kuko imigwi+ yabo yose umuherezi Yehoyada yari yayisavye kuguma ku gikorwa. 9 Umuherezi Yehoyada aca aha ba bakuru b’abasoda 100+ amacumu, inkinzo ntonto* n’inkinzo z’umuzingi vyahora ari ivy’umwami Dawidi+, bikaba vyari bibitse mu nzu y’Imana y’ukuri+. 10 Maze bose abashira mu bibanza vyabo irya n’ino y’umwami, umwe wese afise ikirwanisho* ciwe mu kuboko. Bari bahagaze kuva ku ruhande rw’iburyo rw’inzu y’Imana gushika ku rw’ibubamfu, iruhande y’igicaniro n’iruhande y’iyo nzu. 11 Baca basohokana umuhungu w’umwami+, bamwambika urugori ku mutwe, bashirako n’umuzingo urimwo amabwirizwa y’Imana*+. Nuko baramwimika aba umwami, maze Yehoyada n’abahungu biwe bamurobanuza amavuta*. Baca bavuga bati: «Umwami nahangame+!»

12 Ataliya yumvise urwamo rw’abantu bariko biruka bongera bahayagiza umwami, aca aja iyo bari ku nzu ya Yehova+. 13 Ahashitse abona umwami ahagaze iruhande y’inkingi yiwe mu bwinjiriro. Abatware+ n’abavuza inzumbete bari iruhande y’umwami. Abanyagihugu bose na bo bariko bavuza inzumbete banezerewe+. Abaririmvyi bafise ibicurarangisho ni bo babayobora mu gushemeza* Imana. Ataliya aca yitaburirako impuzu, maze asemerera ati: «Ubwo ni ubugarariji! Ni ubugarariji!» 14 Ba bakuru batwara abasoda 100 bari bahawe kuraba ingabo zari ng’aho. Nuko umuherezi Yehoyada arabahamagara, ababwira ati: «Nimumusohore mumukure aho ingabo zitonze. Uwumushigikira* wese muce mumwicisha inkota!» Ivyo yabivuze kubera yari yababwiye ngo ntibamwicire mu nzu ya Yehova. 15 Baca baramufata baramujana. Bashitse ku kirimba* kw’irembo ry’amafarasi, baca bamwiciraho.

16 Maze biciye kuri Yehoyada, hagirwa isezerano hagati yiwe, abantu bose n’umwami. Basezerana ko bazoguma ari abantu ba Yehova+. 17 Abanyagihugu bose baca baja ku rusengero* rwa Bayali barusiturira hasi+, bamenagura ibicaniro vyayo n’ibishusho vyayo+. Matani umuherezi wa Bayali na we bamwicira+ imbere y’ivyo bicaniro. 18 Yehoyada araheza ashinga abaherezi n’Abalewi ibanga ryo guhagarikira inzu ya Yehova. Abo baherezi n’Abalewi Dawidi yari yarabashize mu migwi yitwararika inzu ya Yehova, ngo batange ibimazi biturirwa vya Yehova+. Bobigize bisunze ivyanditswe mu mategeko ya Musa+, bakabigira banezerewe hariko n’indirimbo nk’uko Dawidi yabitegetse. 19 Ashira n’abarinzi b’amarembo+ ku marembo y’inzu ya Yehova, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe ahumanye mu buryo na bumwe yinjira. 20 Aca akoranya abakuru batwara abasoda 100+, abanyacubahiro, abategetsi n’abanyagihugu bose, maze baherekeza umwami bamukuye ku nzu ya Yehova bamushikana ku kirimba baciye kw’irembo rya ruguru. Baraheza bamwicarika ku ntebe y’ubwami+. 21 Abanyagihugu bose baranezerwa, igisagara na co kigira amahoro kuko Ataliya yari yapfuye. Bamwicishije inkota.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika