ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Samweli: ibirimwo

      • Dawidi agirira neza Mefibosheti (1-13)

2 Samweli 9:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ndamwereke urukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 18:1, 3; 20:15, 42

2 Samweli 9:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 16:1; 19:17

2 Samweli 9:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «rudahemuka.»

  • *

    Canke «acumbagira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 4:4; 9:13; 19:26

2 Samweli 9:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 17:27-29

2 Samweli 9:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kukwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ufungurira umukate.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 11:17
  • +2Sm 19:28; Img 11:25

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2002, rup. 16

2 Samweli 9:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «undabe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 24:14

2 Samweli 9:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 9:1; 16:4; 19:29

2 Samweli 9:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 19:28
  • +2Sm 19:17

2 Samweli 9:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «ku meza yanje.»

2 Samweli 9:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 8:34; 9:40

2 Samweli 9:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 9:7; 19:28
  • +2Sm 4:4

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Sam. 9:11Sm 18:1, 3; 20:15, 42
2 Sam. 9:22Sm 16:1; 19:17
2 Sam. 9:32Sm 4:4; 9:13; 19:26
2 Sam. 9:42Sm 17:27-29
2 Sam. 9:7Img 11:17
2 Sam. 9:72Sm 19:28; Img 11:25
2 Sam. 9:81Sm 24:14
2 Sam. 9:92Sm 9:1; 16:4; 19:29
2 Sam. 9:102Sm 19:28
2 Sam. 9:102Sm 19:17
2 Sam. 9:121Ng 8:34; 9:40
2 Sam. 9:132Sm 9:7; 19:28
2 Sam. 9:132Sm 4:4
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Samweli 9:1-13

Samweli wa kabiri

9 Maze Dawidi avuga ati: «Nta woba agisigaye mu muryango wa Sawuli ngo ndamugirire neza* kubera Yonatani+?» 2 Hari umusuku yitwa Ziba+ yakorera umuryango wa Sawuli. Bamuzana ku mwami Dawidi, maze amubaza ati: «Ni wewe Ziba?» Na we ati: «Ni jewe, databuja.» 3 Umwami yongera kumubaza ati: «Hari uwoba agisigaye mu muryango wa Sawuli ngo ndamwereke urukundo rudahera* nk’urw’Imana?» Ziba amwishura ati: «Haracariho umuhungu wa Yonatani amugaye ibirenge*+.» 4 Umwami amubaza ati: «Ari hehe?» Ziba yishura umwami ati: «Ari i Lo-Debari kwa Makiri+ mwene Amiyeli.»

5 Umwami Dawidi aca atuma uwuja kumutora i Lo-Debari kwa Makiri mwene Amiyeli. 6 Mefibosheti mwene Yonatani, Yonatani mwene Sawuli, yinjira aho Dawidi ari aca arunama mu maso hiwe hashika hasi. Maze Dawidi avuga ati: «Mefibosheti!» Na we ati: «Sabwe databuja.» 7 Dawidi aca amubwira ati: «Ntutinye kuko ntazobura kukugirira neza*+ kubera so wawe Yonatani. Nzogusubiza n’amatongo yose ya sogokuru wawe Sawuli, kandi uzokwama ufungurira* ku meza yanje+.»

8 Mefibosheti asubira kwunama avuga ati: «Mbaye nde ga databuja ngo unyitwararike* kandi ndi imbwa ipfuye+?» 9 Umwami aca atumako Ziba umusuku wa Sawuli, amubwira ati: «Ibintu vyose vyahora ari ivya Sawuli n’umuryango wiwe wose, ndabihaye umwuzukuru wa shobuja+. 10 Wewe n’abahungu bawe n’abasuku bawe muzorimira umwuzukuru wa shobuja mwongere muzane ivyo mwimbuye kugira abo mu muryango wiwe baronke ivyo bafungura. Mefibosheti umwuzukuru wa shobuja wewe, azokwama afungurira ku meza yanje+.»

Ziba yari afise abahungu 15 n’abasuku 20+. 11 Ziba yishura umwami ati: «Mwami, jewe umusuku wawe nzokora ivyo untegetse vyose.» Mefibosheti atangura kuza arafungurira ku meza ya Dawidi* nk’umwana w’umwami. 12 Nuko ababa mu rugo rwa Ziba bose baba abasuku ba Mefibosheti. Kandi Mefibosheti yari afise umuhungu akiri muto yitwa Mika+. 13 Mefibosheti aca aba i Yeruzalemu kuko yama afungurira ku meza y’umwami+. Yari amugaye ibirenge+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika