Petero wa kabiri
3 Bakundwa, iri rero ni ikete rigira kabiri ndabandikiye. Cokimwe no mw’ikete ryanje rya mbere, ndiko ndakabura ubushobozi bwanyu bwo kwiyumvira neza mu kubibutsa+. 2 Ndabigize kugira mwibuke amajambo yavuzwe kera* n’abahanuzi beranda, na ya mabwirizwa y’Umukama wacu akaba n’Umukiza yashikirijwe biciye ku ntumwa zanyu. 3 Ubwa mbere, mumenye yuko mu misi ya nyuma hazoza abacokoranyi* bacokorana, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite+, 4 bavuga ngo: «Yasezeranye ngo azogaruka, none ari hehe+? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose biguma kwa kundi nyene vyari kuva mu ntango y’irema+.»
5 Bariyobagiza n’ibigirankana yuko kera hariho ijuru n’isi yumutse ihagaze hejuru y’amazi no hagati mu mazi, biciye kw’ijambo ry’Imana+. 6 Bariyobagiza kandi yuko biciye kuri ivyo bintu, isi y’ico gihe yatikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure+. 7 Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene, ijuru n’isi vy’ubu bibikiwe umuriro, kandi birindirijwe umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batubaha Imana+.
8 Ariko bakundwa, ntimuyoberwe yuko kuri Yehova* umusi umwe ari nk’imyaka 1.000, n’imyaka 1.000 nk’umusi umwe+. 9 Yehova* ntatevye gushitsa ivyo yasezeranye+ nk’uko bamwe bavyiyumvira, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya+. 10 Yamara umusi wa Yehova*+ uzoza nk’igisuma+. Kuri uwo musi ijuru rizovaho+ mu kwasana gukomeye*, ibintu vy’ishimikiro bishonge kubera ugushuha gukaze, n’isi n’ibikorwa biri muri yo bishirwe ahabona+.
11 Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, nimwiyumvire uko mukwiye kumera. Mukwiye kuba abantu b’ingeso nyeranda kandi bakora ibikorwa vyerekana ko bihebera Imana, 12 murindiriye kandi mwamiza mu bwenge* ukuza* kw’umusi wa Yehova*+. Uwo musi uzotuma ijuru ritikizwa+ n’umuriro, n’ibintu vy’ishimikiro biyage kubera ugushuha gukaze. 13 Mugabo nk’uko yabisezeranye, turindiriye ijuru rishasha n’isi nshasha+, kandi aho ni ho hazoba ubugororotsi+.
14 Ku bw’ivyo bakundwa, ko murindiriye ivyo bintu, mukore uko mushoboye kwose ngo impera n’imperuka aze abasange mutagira agatosi, mutagira akanenge, kandi muri mu mahoro+. 15 Vyongeye, nimubone ko ukwihangana kw’Umukama wacu ari ubukiriro, nk’uko n’umuvukanyi wacu dukunda cane Pawulo yabibandikiye yisunze ubukerebutsi yahawe+. 16 Ivyo bintu arabivuga mu makete yiwe yose. Ariko ayo makete arimwo ibintu bimwebimwe bigoye gutegera. Abantu ata co bazi* kandi badashikamye barabigoramika nk’uko bagoramika n’ibindi vyanditswe, bakikwegera agatikizo.
17 Mwebwe rero bakundwa, ko ivyo musanzwe mubizi, mwiyubare ntimutwarwe ngo mujane na bo mu buzimire bw’abantu b’abagarariji, bigatuma mutaba mugishikamye*+. 18 Ahubwo mwigenze mu buryo butuma murushiriza kugirirwa ubuntu buhebuje* no kuronka ubumenyi bwerekeye Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu. Naninahazwe ubu no gushika ibihe bidahera. Amen.