Ikete rya Yakobo
5 Nimwumve rero yemwe batunzi: nimurire muboroge kubera amagorwa agira abashikire+. 2 Ubutunzi bwanyu bwaboze, n’impuzu zanyu zariwe n’udukoko+. 3 Inzahabu zanyu n’ifeza zanyu vyaguye ingese. Ingese zavyo zizoba icabona kibagiriza, kandi zizorya umubiri wanyu. Ivyo mwarundanije bizoba nk’umuriro mu misi ya nyuma+. 4 Raba! Impembo mutahaye abakozi bimbuye imirima yanyu iguma isemerera, kandi ugutabaza kw’abimbuzi kwashitse mu matwi ya Yehova* Nyeningabo+. 5 Mwabayeho kw’isi mu bihinda kandi mwiryohera. Mwadoheje imitima yanyu ku musi wo gukererwa+. 6 Mwaciriye rubi umugororotsi, muramwica. None ntariko arabarwanya?
7 Mwihangane rero bavukanyi, gushika mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama+. Ehe raba! Umurimyi aguma arindiriye umwimbu mwiza isi izomuha, akawurindira yihanganye gushika aronse imvura ya mbere n’imvura ya nyuma*+. 8 Namwe nyene mwihangane+. Mukomeze imitima yanyu kubera ko igihe c’ukugaruka* kw’Umukama cegereje+.
9 Bavukanyi, ntihagire uwidodombera mugenziwe* kugira ntimucirwe urubanza+. Ehe umucamanza ari ku muryango! 10 Bavukanyi, ku bijanye n’ukwiyumanganya igihe umuntu ari mu mibabaro+ be n’ukwihangana+, mwigane akarorero k’abahanuzi ba kera bavuga mw’izina rya Yehova*+. 11 Raba! Abihanganye tubona ko bahiriwe*+. Mwarumvise ibijanye n’ukwihangana kwa Yobu+ mwongera murabona ingene Yehova* yamuhezagiye+, murabona yuko Yehova* yuzuye ikibabarwe* kandi ko ari umunyembabazi+.
12 Hejuru ya vyose bavukanyi, mureke kurahira ijuru canke isi canke ikindi kintu. Ahubwo «ego» yanyu nibe ego, «oya» yanyu na yo ibe oya+, kugira ntimwikwegere gucirwa urubanza.
13 Hoba hari uwuriko arashikirwa n’ingorane muri mwebwe? Nashishikare gusenga+. Hoba hari uwunezerewe? Naririmbe amazaburi+. 14 Hoba hari uwurwaye muri mwebwe? Natumeko abakurambere+ b’ishengero bamusengere, bamusige amavuta+ mw’izina rya Yehova*. 15 Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo arwaye* akira, kandi Yehova* azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.
16 Mwaturiranire rero ibicumuro ata guhishanya+ kandi musengeranire, kugira mukire. Ugutakamba kw’umugororotsi gufise inguvu nyinshi*+. 17 Eliya yari umuntu ameze nkatwe*, yamara igihe yatakambira Imana ngo imvura ntigwe, ntiyaguye mu gihugu mu kiringo c’imyaka itatu n’amezi atandatu+. 18 Yarongeye gusenga maze ijuru ritanga imvura, igihugu na co kirimbuka+.
19 Bavukanyi, hagize uwo muri mwebwe azimizwa agata ukuri hanyuma uwundi akamugarura, 20 mumenye yuko uwuzimuruye umucumuzi+ azoba amukijije urupfu kandi azoba atumye hapfukwa ibicumuro vyinshi+.