36 Elihu arabandanya ati:
2 «Nyihanganire kandi gatoyi ndagusigurire,
kuko ngifise ibindi mvuga ku vyerekeye Imana.
3 Ngira mvuge ivyo nzi vyose,
nerekane ko uwandemye agororotse+.
4 Ni ukuri, ivyo mvuga si ikinyoma.
Umwe afise ubumenyi butagira agahaze+ ari aho imbere yawe.
5 Imana irahambaye+ ariko nta n’umwe ikengera.
Ifise ubushobozi bwo gutegera bukomeye.
6 Ntikingira ababisha ngo ntibapfe+,
ariko iratunganiriza abigorewe+.
7 Yamiza ijisho ryayo ku bagororotsi+.
Ibicarika hamwe n’abami+, ikabashira hejuru ibihe vyose.
8 Ariko iyo baboheshejwe iminyororo,
bagafatwa n’imigozi y’amarushwa,
9 ica ibamenyesha ivyo bakoze,
amakosa bakoze kubera ubwishime bwabo.
10 Irabugurura amatwi kugira ibakosore,
ikababwira ngo bareke gukora ibibi+.
11 Bagamburutse bakemera kuyikorera,
imisi yose basigaje bayimara bahimbawe,
imyaka yabo bakayimara banezerewe+.
12 Ariko banse kugamburuka, bamarwa n’inkota+
kandi bagapfa ata bumenyi baronse.
13 Abantu batubaha Imana bamana umwikomo.
Naho yobaboha ntibatabaza ngo ibafashe.
14 Urupfu rubahitana bakiri bato+,
kuko bamara ubuzima bwabo mu bamaraya+.
15 Ariko Imana itabara abarushwa mu magorwa yabo,
igatuma bayumviriza iyo bariko barahahazwa.
16 Igukura mu vyago+
ikagushira ahantu hagutse, hatagira inkomanzi+,
imeza yawe ikayuzuza ibifungurwa vyizavyiza kugira iguhoze+.
17 Uzoheza uhimbarwe n’urubanza rw’ababisha+,
nihagera ko rutangazwa, n’ubutungane bugakurikizwa.
18 Ariko wiyubare kugira ishavu ntiritume ukora ububisha+,
kandi ntureke ngo igiturire kinini kiguteshe inzira.
19 Mbega ugutabaza kwawe
canke akigoro ugira vyotuma udashikirwa n’ivyago+?
20 Ntukipfuze ijoro,
igihe abantu baba bakamanganye mu bibanza vyabo.
21 Uraba maso ntukore ikibi,
ngo abe ari co uhitamwo aho kwemera amagorwa+.
22 Raba! Imana iri hejuru cane kubera ububasha bwayo.
Ni nde mwigisha ameze nka yo?
23 Ni nde yoyirangira inzira icamwo+,
canke akayibwira ati: “Ivyo wakoze si vyo+”?
24 Wibuke guhayagiza ibikorwa vyayo+,
ivyo abantu bahora baririmba+.
25 Abantu bose baravyihweza,
bakabirabira kure.
26 Emwe, ntidushobora gutahura ububasha bw’Imana+.
Nta woshobora kumenya imyaka ifise+.
27 Iduza utumatuma tw’amazi+,
igipfungu kigafatana kikavamwo imvura.
28 Ibicu biraheza bikayirekura+,
maze igatonyangira ku bantu.
29 Ni nde yomenya ingene ibicu bikwiragira hose?
Hari uwomenya ingene umuturagaro uva mw’ihema ryayo+?
30 Raba ingene irabiriza umuravyo+ kuri ryo,
igapfuka ibwina mu kiyaga.
31 Ivyo ni vyo ikoresha kugira abantu babandanye kubaho.
Ibaronsa ibifungurwa ku bwinshi+.
32 Ifata umuravyo mu kuboko kwayo,
ikawutumbereza ku co ishaka+.
33 Umuturagaro wayo uramenyesha ko ije,
mbere n’ibitungwa biratangaza uwuje uwo ari we.