Ivyakozwe n’intumwa
19 Mu nyuma, igihe Apolo+ yari i Korinto, Pawulo aca mu ntara zo hagati mu gihugu amanuka i Efeso+. Yahasanze abigishwa bamwe 2 ababaza ati: «Mbega mwararonse impwemu nyeranda igihe mwizera+?» Bamwishura bati: «Erega ntiturigera twumva ko habaho icitwa impwemu nyeranda.» 3 Na we ati: «None mwabatijwe ibatisimu nyabaki?» Bavuga bati: «Ibatisimu ya Yohani+.» 4 Pawulo avuga ati: «Yohani yabatiza ibatisimu yerekana ukwigaya+, akabwira abantu kwemera uwariko araza inyuma yiwe+, ari we Yezu.» 5 Aho bavyumviye, barabatizwa mw’izina ry’Umukama Yezu. 6 Pawulo amaze kubarambikako ibiganza, impwemu nyeranda ica ibazako+, batangura kuvuga mu ndimi z’inyamahanga no kuvuga ubuhanuzi+. 7 Bose hamwe bari abagabo nka 12.
8 Amara amezi atatu aza arinjira mw’isinagogi+, akavugana ubutinyutsi, agashikiriza ijambo*, akagerageza no kujijura abantu ku vyerekeye Ubwami bw’Imana+. 9 Mugabo bamwe bakomantaza umutima banka kwizera, bavuga nabi ya nzira y’Umukama+ imbere y’isinzi. Pawulo aca abavamwo+ agenda ajanye abigishwa bari ng’aho. Ku musi ku musi yaza arashikiriza ijambo* mu ngoro y’ishure rya Tirano. 10 Ivyo yamaze imyaka ibiri abigira, ku buryo ababa mu ntara ya Aziya bose bumva ijambo ry’Umukama, baba Abayuda canke Abagiriki*.
11 Kandi Imana yaguma ikora ibikorwa vy’ububasha kandi vy’akataraboneka biciye kuri Pawulo+, 12 ku buryo n’impuzu n’amatabuliya vyaba vyakoze ku mubiri wiwe babijana ku barwayi+ bagakira, n’impwemu mbi zikava mu bantu+. 13 Mugabo hari Abayuda bamwe baguma bagendagenda hose birukana amadayimoni. Nuko na bo nyene bagerageza gukoresha izina ry’Umukama Yezu ku bantu barimwo impwemu mbi, bakavuga bati: «Ndabategetse musohoke biciye kuri Yezu umwe Pawulo yamamaza+.» 14 Ico gihe hari abahungu indwi b’Umuyuda yitwa Seva babikora. Uwo Seva yari umukuru w’abaherezi. 15 Igihe kimwe hari impwemu mbi yabishuye iti: «Ndazi Yezu+, nkamenya na Pawulo+. Mwebwe none muri bande?» 16 Maze umuntu yarimwo iyo mpwemu mbi abasimbirako, bose abasumvya inguvu arabanesha, ku buryo bava muri iyo nzu bagahunga bari gusa, bakomeretse. 17 Abayuda bose n’Abagiriki* bose baba i Efeso bumva iyo nkuru maze bose batekerwa n’ubwoba, kandi izina ry’Umukama Yezu ribandanya gushimagizwa. 18 Kandi benshi mu bari bizeye baraza bakatura ivyo bakora kandi bakabivuga ku mugaragaro. 19 N’abatari bake mu bahora bakora ivy’amageza barazanye ibitabu vyabo vyose, babituririra imbere y’abantu bose+. Baharuye agaciro kavyo, basanze kangana n’ibiceri vy’ifeza 50.000. 20 Nuko ijambo rya Yehova* ribandanya gukwiragira no gutsinda, bimwe bikomeye+.
21 Inyuma y’ivyo, Pawulo yiyemeza yuko amaze guca i Masedwane+ n’i Akaya yociye afata urugendo akaja i Yeruzalemu+. Avuga ati: «Ninamara gushikayo, ntegerezwa no kuja i Roma+.» 22 Nuko atuma i Masedwane babiri mu bamufasha ibikorwa, ari bo Timoteyo+ na Erasito+, mugabo we aba aragumye gatoyi mu ntara ya Aziya.
23 Ico gihe havyuka uruhagarara rukomeye+ ku bijanye n’abagendera muri ya nzira y’Umukama+. 24 Urwo ruhagarara rwabaye kubera umuntu yitwa Demetiriyo. Yari umucuzi w’ifeza akora udusengero twa Arutemi mw’ifeza, agatuma abandi bacuzi bahungukira cane+. 25 Nuko arabakoranya, bo hamwe n’abandi bakora mwene ivyo bintu, avuga ati: «Bagabo, murazi neza ko uwu mwuga ari wo udutungishije. 26 Mugabo muramaze kwibonera no kwumva ingene uwo Pawulo yatumye isinzi ritari rito ryemera ivyo avuga rigahindura ivyiyumviro. Avuga ko imana zakozwe n’amaboko atari imana vy’ukuri+. Kandi ivyo ntabikora i Efeso+ gusa, arabikora no mu ntara ya Aziya nka yose. 27 Vyongeye, akaga kaduhanze, si uko gusa umwuga wacu uzosigara uvugwa nabi, ariko kandi n’urusengero rw’imanakazi ikomeye Arutemi ruzosigara rubonwa ko ari ubusa. Iyo manakazi izoca itakaza ubuninahazwa bwayo kandi muzi ko isengwa mu ntara yose ya Aziya no kw’isi yose.» 28 Nya bagabo ngo bavyumve, buzura ishavu, batangura gusemerera bati: «Arutemi y’Abanyefeso irahambaye!»
29 Nuko igisagara cuzura umuvurungano, maze bose biterera mu kibanza c’ibirori, bagenda baburuta Gayo na Arisitariko+. Bari Abanyamasedwane bafadikanya ingendo na Pawulo. 30 Pawulo wewe yashaka kwinjirayo ngo agire ico abarira abo bantu mugabo abigishwa ntibamwemerera. 31 Mbere na bamwe mu bahagarikizi b’imisi mikuru n’inkino bamwikundira, baratumye abaja kumwinginga ngo ntahirahire ngo aje muri ico kibanza. 32 Muri iryo sinzi bamwe bariko basemerera bavuga uku abandi kuriya, kuko hari umuvurungano. Benshi muri bo ntibari bazi n’icatumye bakoranira hamwe. 33 Nuko bakura Alegizandere muri nya sinzi, kubera ko Abayuda bariko bamusunurira imbere. Maze Alegizandere agira ikimenyetso n’ukuboko kugira bacereze, kuko yashaka kwiburanira imbere y’abantu. 34 Mugabo bamenye ko ari Umuyuda, bose batangura gusemerera icarimwe, bamara amasaha nk’abiri bavuga ngo: «Arutemi y’Abanyefeso irahambaye!»
35 Amaherezo, aho umukuru* w’igisagara amariye guhoyahoya nya sinzi, avuga ati: «Bagabo b’i Efeso, ni nde vy’ukuri atazi yuko igisagara c’Abanyefeso ari co kibungabunga urusengero rw’imanakazi ikomeye Arutemi be n’igishusho cayo cakorotse kivuye mw’ijuru? 36 Ko ivyo rero ata wobiharira, mwari mukwiye kuguma mutekanye, ntimukore ibintu gihutihuti. 37 Aba bagabo mwazanye ntibiba mu nsengero canke ngo batuke imanakazi* yacu. 38 Nimba rero Demetiriyo+ n’abacuzi bari kumwe bafise ico bagiriza umuntu, hariho imisi yo guca imanza, kandi na ba buramatari* barahari. Nibazane ibirego bagirizanye. 39 Mugabo nimba murondera ikirenze ivyo, gitegerezwa gufatirwa ingingo mw’ikoraniro ryemewe. 40 Kuko mu vy’ukuri duhakwa kwagirizwa ubugumutsi kubera ivyabaye uyu musi, kandi ata mpamvu n’imwe yumvikana twotanga yatumye haba aka kaguma.» 41 Ahejeje kuvuga ivyo, aca asaba ko bose bagenda.