Yobu
5 Erega tabaza! Mbega hari uwukwishura?
Ni nde mu bamarayika beranda uzokwitura?
2 Kuko ikijuju kizokwicwa n’umwikomo,
imburabwenge na yo ikicwa n’ukwipfuza.
3 Nariboneye ukuntu ikijuju gishora imizi,
ariko aho kiba hagaca havumwa bukwi na bukwi.
5 Ivyo cimbuye biribwa n’abashonje,
kandi naho vyoba biri mu mahwa barabikurayo.
Mbere n’ivyo gitunze hamwe n’ivy’abana baco bifatwa n’umutego.
6 Erega ibibabaza ntibimera bivuye mu mukungugu,
kandi n’ingorane ntizinaga zivuye mw’ivu.
7 Kurya nyene udusase tw’umuriro tutabura gutarukira mu kirere,
ni ko n’umuntu yavukiye guhura n’ivyago.
8 Ariko iyaba nari wewe, nari kwitura Imana,
Imana ni yo nari gushikiriza urubanza rwanje,
9 imwe ikora ibintu bikomeye bisiga ubwenge,
ibintu vy’agatangaza bitagira igitigiri.
10 Igwisha imvura kw’isi,
igatuma imirima ironka amazi.
11 Ishira hejuru abantu batobato,
ikaronsa ubukiriro abacitse intege.
12 Ihindura ubusa amayeri y’abantu b’urwenge,
ku buryo ivyo bakora biba impfagusa.
14 Bahura n’umwiza ku murango,
bakagenda barakabakaba izuba riva, nk’aho hoba ari mw’ijoro.
15 Ikiza umuntu inkota iva mu kanwa kabo,
ikarokora umukene mu maboko y’abakomeye,
16 ku buryo abantu batobato bagira icizigiro,
ariko abatagororotse ntibasubire gukurako umunwa.
17 Umve, hahiriwe umuntu Imana ikosora.
Ntiwanke rero gutozwa indero na Mushoboravyose!
18 Arakomeretsa ariko agatubika igikomere.
Aravuna ariko amaboko yiwe akaba ari yo avura.
19 Azogukiza ivyago bitandatu,
mbere n’ic’indwi nta co kizokugira.
20 Azogukiza urupfu mu gihe c’inzara,
mu gihe c’intambara na ho agukize inkota.
22 Uzotwenga agatikizo n’inzara,
kandi ntuzotinya ibikoko vyo mw’ishamba.
24 Uzokwibonera ko ihema ryawe ritekanye*.
Niwaja kuraba aho baragiye ibitungwa vyawe, uzosanga ata na kimwe kibuze.
25 Uzovyara abana benshi,
kandi abagukomokako bazogwira nk’ivyatsi vyo kw’isi.
26 Uzorinda upfa ugifise inguvu,
nka kurya kw’imiganda y’ingano bimbuye hageze.
27 Ivyo vyose twarabitohoje kandi ni ko biri.
Vyumve rero kandi uvyemere.»