Yobu
8 Maze Biludadi+ w’i Shuhi+ yishura ati:
2 «Uzovuga gutyo gushika ryari+?
Amajambo ava mu kanwa kawe ni igihuhusi gusa!
3 Mbega Imana yogoreka urubanza,
canke Mushoboravyose yogoramika ubutungane?
4 Nimba abana bawe barayicumuyeko,
yabaretse rero bahanirwe ubugarariji bwabo.
5 Ariko iyaba wogaruka ku Mana+,
ugatakambira Mushoboravyose ngo akubabarire,
6 iyaba wari utyoroye vy’ukuri kandi ukaba ugororotse+,
yari kukwitaho*, ikagusubiza mu kibanza cawe ubereye.
9 Kuko twebwe turi ab’ejo bundi, kandi nta co tuzi.
Imisi tumara kw’isi imeze nk’igitutu.
11 Mbega urufunzo rwokurira ahantu hatajaga?
Mbega irenga ryokura ata mazi rifise?
12 Bigitangura kunaga, ata n’uwurabica,
bitanga ibindi vyatsi vyose kwuma.
13 Iryo ni ryo herezo* ry’umuntu wese yibagira Imana.
Icizigiro c’umuntu atubaha Imana* kizozimangana.
14 Ivyizigiro vyiwe bishingiye ku busa.
Ukwizera kwiwe ntigukomeye, kumeze nk’inzu y’igitangurirwa.
15 Azokwegamira inzu yiwe, ariko ntizoguma ihagaze.
Azogerageza kuyishimikiza, ariko ntizoramba.
18 Ariko niyarandurwa* mu kibanza ciwe,
ico kibanza kizomwihakana, kivuge giti: “Sinigeze ndakubona+.”
20 Ni ukuri, Imana ntizota abantu b’intungane*,
canke ngo ishigikire* abantu b’ababisha.
21 Akanwa kawe izosubira kukuzuza akanyamuneza,
iminwa yawe na yo iyuzuze umunezero.
22 Abakwanka bazomaramara,
kandi ihema ry’ababisha ntirizoba rikiriho.»