Yobu
18 Biludadi+ w’i Shuhi yishura ati:
2 «Uzogeza ryari kuvuga amajambo nk’ayo?
Niwikubite agashi* maze tubandanye kuyaga.
4 Naho woshavura ukameneka!
Ugira ngo isi izoca ihebwa kubera wewe,
canke ugira ngo ibitandara bizoca vyimuka?
6 Umuco wo mw’ihema ryiwe uzohinduka umwiza,
kandi itara riri hejuru yiwe rizozima.
8 Kuko ibirenge vyiwe bizomujana mu rusenga,
kandi azojuragirika ari muri rwo.
10 Umugozi wo kumufata unyegejwe mw’ivu.
Umutego uramurindiriye mu nzira yiwe.
13 Urukoba rwiwe ruratabagurika,
umubiri wiwe ugaterwa n’indwara yica cane.
16 Nka kurya kw’igiti, imizi yiwe izokwumira munsi yiwe,
kandi amashami yiwe azokwumira kuri we.
18 Bazomukura mu muco bamuhindire mu mwiza,
kandi bazomwomora kw’isi.
19 Nta ruvyaro canke abamukomokako azoronka mu bantu b’iwabo.
Nta muntu n’umwe azorokoka aho yahora aba*.
20 Ku musi w’ivyago vyiwe, abantu bo mu burengero bazokwumirwa,
abo mu buseruko na bo bazotekerwa n’ubwoba.
21 Ivyo ni vyo bishikira amahema y’inkozi y’ikibi,
ni vyo bishikira ahantu haba umuntu atazi Imana.»